Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Angola yihagazeho imbere ya Tuniziya yahabwaga amahirwe menshi
Djalma yishyuye igitego Youssef Msakni wa Tuniziya yari yatsinze mu gice cya mbere cy'umukino w'ejo ku wa mbere, afasha Angola kubona inota rimwe, mu mukino w'igikombe cy'Afurika cy'ibihugu (CAN) gikomeje kubera mu Misiri.
Djalma w'imyaka 32 y'amavuko yasonzemo umupira wari ugaruwe n'umunyezamu Farouk Ben Mustapha, ku ishoti yari yatewe na Mateus.
Umukino urangira ari igitego 1-1.
Msakni ni we wari watsindiye Tuniziya ku munota wa 11 kuri penaliti, ku ikosa Naim Sliti yari akorewe na Paizo akamugusha mu rubuga rw'amahina.
Tuniziya yaje muri iri rushanwa iri ku mwanya wa kabiri mu makipe y'Afurika ku rutonde rw'ishyirahamwe ry'umupira w'amaguru ku isi (FIFA), ariko yamaze igihe kinini cy'uwo mukino yagowe na Angola, yabonye iryo nota rimwe irikwiye nyuma yo kwiharira igice cya kabiri.
Mu mukino ukurikiyeho wo muri iri tsinda E, Tuniziya izakina na Mali ku wa gatanu, mu gihe Angola yo izakina na Mauritania ku wa gatandatu.