Mu gutsinda 2-1 Liverpool Man City yagabanije amanota uwo mugwi uri kw'isonga ubasumvya

Manchester City basubiye kwizera gushobora gutwara igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza inyuma yokwima intsinzi yari kuba iya 20 Liverpool yikurikiranya kuva ihiganwa ritanguye.

Intsinzi ya City yagabanije amanota ari hagati ya Liverpool iri kwisonga gushika kuri 4.

Abakinyi bamenyerezwa na Pep Guardiola bari bafise ku muzirikanyi ko badatsinze urwo rukino ku kibuga cabo ca Etihad, bobirishe ukwiruka.

Leroy Sane ni we yatsinze igitego cahaye intsinzi Man City ku mupira yahawe na Raheem Sterling hasigaye iminota 18 ngo urukino rurangire, n'inyuma y'iminota 8 Roberto Firmino yinjije igitego co kunganya ca Liverpool.

Sergio Aguero ni we yari yabanje kwinjiza igitego ca mbere ca City.

Habaye intambara kw'igoli rya City aho umukinyi w'imbere wa Liverpool Sadio Mane yatera umupira ku mwamba imbere y'uko umukinyi w'inyuma wa City John Stones awutera utararenga umurongo, inyuma y'aho widundiye ku munyegoli Rderson.

Ibiharuro vyerekana ko wari usigaje santimetero 1.12 kugira ushike mw'igoli neza.

Pep Guardiola: Buri rukino ni nk'urwa nyuma

Umumenyereza wa City, Pep Guardiola aganira na BBC inyuma y'urukino yavuze:"Ndanezerezwa n'abakinyi banje, ariko si uyu musi gusa. Twatsinzwe inkino zibiri mu misi ine, ariko ntidushobora guca twibagira ivyo twashitseko mu mezi 16. Twari tuzi ko ari nko ku rukino rwa nyuma uyu musi. iyo twatsindwa vyari kuba biheze.

"Ndakeje aba bakinyi badasanzwe. Uku ni ko dukeneye gukina mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya. Imigwi yose ko ari ibiri yagerageje gutsinda, nta bwoba twari dufise, ariko bari batwitezeko vyinshi.

"Bo bari kw'isonga, baturusha amanota ane, ariko twagabanije icuho. Twari tuzi ko dutsinze dushobora kubandanya guhiganirwa gutwara igikombe c'iri higanwa, ariko iyo twatsindwa, icizere caba giheze.

"Sinibuka ryari naboye ihiganwa rigoye nk'iri. Hari imigwi myinshi ishaka kuba iya mbere. Urukino rwose rusa n'urwa nyuma."

Jurgen Klopp: Nta mahirwe twagize

Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp yabwiye Sky Sports ko:"Rwari urukino rukomeye kandi runyaruka. Twabuze amahirwe mu bihe vyiza vyo gushobora gutsinda ibitego. Twabuze amahirwe mesnhi gudumba City, ni ko novuga.

"Hari igihe bigaruriye urukino hamwe umuntu wese abona ko bakomeye. Hanyuma twabihindukije turaronka uburyo bwinshi. Mu bibanza vyose. Ni ngmbwa utsinde uronse uburyo nk'ubwo. Aguero yatsinze kandi ntiyari afise akaryo keza. Igihe twaronka akaryo nk'ako yaronse ntitwatsinze.

Ntirwabaye urukino rwiza kuri twebwe canke kuri City kubera ntitworohereje na gato uwo mugwi. Narababwiye ko abakinyi banje bameze neza. Twatsinzwe ariko twari twiteze ko bizoshika. Iri joro ntibigenze neza arikop si co kibazo gikomeye.

Hakurikira iki?

Hakurikira inkino z'igikombe ca FA aho Manchester Citu bazokwakira Rotherham ku musi wa Mungu hanyuma Liverpool na yo ije gukina na Wolves ku wa mbere.