Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Guillem Balague aribaza uwo gutako umwikomo ku biriko birabera muri Real Madrid - imikino itanu idatsinda
Igitsindo Marcelo yinjije, gisa nk'ico guhoza guhoza Real Madrid mu rukino rwabahuje na Levante ku wa gatandatu, caje kurangiza ikiringo c'iminota 482 bamaze bataronse igitego.
Muri uyu mwaka gusa, uwo mugwi ukomeye cane kw'isi umaze gutsindwa inkino zitatu kw'icenda zitangura umaze gukina mw'ihiganwa ryo muri Espagne, urwa vuba cane ukaba warutsinzwemwo na Levante ku wa gatandatu 2-1.
Bari inyuma inota rimwe ugereranije n'uko bari bahagaze mu mahiganwa ane aheze, ku kibuga ca Santiago Bernabeu rero amadidane ni menshi.
Ibihuha bivuga ko umumenyereza Julen Lopetegui agiye gutekezwa inyuma y'amezi atanu gusa ashinzwe ayo mabanga - ariko none ni nde akwiye kubazwa ibibera muri Real Madrid?
Vyoba biva kuri Lopetegui?
Lopetegui yaje bitunguranye inyuma y'aho Zinedine Zidane akuriye akarenge - Ico gihe yari aje ava mu mugwi nserukiragihugu wa Espagne himirije inkino z'igikombe c'isi co mu Burusiya.
Umwi wiwe watanguye nabi, aho watsinzwe na Atletico Madrid ibitego 4-2 mu mwanya w'agasunuzo mu nkino z'igikombe ca UEFA.
Intsinzi mu nkino zitanu kuri 12 yatumye abantu bibaza ko abakinyi badakurikiza ivyo umumenyereza abasavye gukora.
Abakinyi bo wobavugako iki?
Uyu mwaka, Real Madrid imaze gutsinda ibitego 13 mu nkino icenda mw'ihiganwa.
Icatumye igitego cinjizwa n'umukinyi avuye inyuma mu gihe hari abakinyi batatu imbere bakomeye - Bale, Benzema na Mariano - biratanga inyishu.
Bamwe mu bakinyi ntibashobora gukora ivyo babitezeko, ufatiye kuri Asensio aho benshi babona ko adatera imbere biboneko nk'uko benshi bari babimwitezeko.
Benzema yatanguye neza ariko ubu vyabuze, Bale nawe afise ikibazo c'umutsi bikaba bimubuza gutera imbere.
Uwo mugwi wose uteye amadidane, kenshi na kenshi ntibiruka kugarura umupira - igihe na ho babikoze, ntibawuhererekana neza ngo bongere bashiremwo ishaka.
Kubera iki abakunzi ba Real Madrid bashavuriye Perez?
Abakunzi ba Real bagumye bashavuuriye mu gacerere Lopetegui, kubera bumva ibibazo yagize. Ariko si ko biri kuri prezida Florentino Perez.
Mu matora mu kinyamakuru Dario AS c'i Madrid ku musi w'Imana, ibice 85 vy'abakunzi bumugwi bavuga ko ari we abifisemwo uruhara.
Ivyo rero ni no mu gihe abantu bose bazi ko Lopetegui atari we mumenyereza yaza imbere mubo Perez yipfuza bosubirira Zidane.
Umumenyereza wa Tottenham Pochettino, uwa Juventus Massimiliano Allegri, uwa Hoffenheim Julian Nagelsmann eka mbere n'wahoze ari uwa Chelsea Antonio Conte bose baravuganye na Perez imbere y'uko azana Lopetegui - kubera bose banse canke badafise uburenganzira bwo kuja mu wundi mugwi canke vyose hamwe.