Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Gianfranco Zola yahoze akinira Chelsea yagenywe kuba icegera c'umumenyereza Maurizio Sarri
Uwahoze ari umukinyi w'imbere wa Chelsea n'Ubutaliyano Gianfranco Zola yagarutse ku kibuga ca Stamford Bridge nk'icegera c'umumenyereza Maurizio Sarri.
Nk'umukinyi, Zola yarafashije uwo mugwi gutsindira ibikombe vya FA, kimwe c'ababaye aba mbere iwabo, kimwe ca UEFA Super Cup hamwe n'ica League Cup hagati y'umwaka wa 1996-2003.
Zola yavuze ati:"Kuri jewe n'ibintu binezereje, ndahimbawe kuba ndi ngaha."
Zola, yari yashize umukono nk'umumenyereza wa Birmingham City mu kwezi kwa kane mu 2017, yajanye n'umugwi wa Chelsea mu nkino za kivandimwe zizobera muri Australia.
Mugenzi we w'Umutaliyano Sarri w'imyaka 59 yari yagenywe kuba umumenyereza wa Chelsea mu ndwi iheze inyuma y'aho uwundi mutaliyano Antonio Conte yirukaniwe n'aho yari yatsindiye igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza mu 2016-2017 hamwe n'igikombe ca FA muri 2017-2018.
Zola w'imyaka 52 yongeyeko ati:"Ni iteka gutsinda ndi kumwe na Maurizio no ku mugwi kandi nzitanga uko nshoboye, nk'uko nabikoze nk'umukinyi."
"Mpanzeamaso ibiturindiriye muri rusangi. Noshima ko twotangura neza kandi twese si twe tuzobona turatanguye aka kazi gashasha."
Zola yakiniye umugwi wa Chelsea incuro 312, yinjiza incuro 80.
Yamenyereje imigwi ya West Ham United, Watford hamwe na Cagliari mu gihugu c'Ubutaliyano.
Zola yashize umukono ku masezerano y'imyaka ibiri n'igice n'umugwi wa Birmingham mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2016 ariko aza kuva muri uwo mugwi inyuma y'amezi ane kubera uwo mugwi utari wifashe neza.