Uburundi mu gice ca kabiri mw'ihiganwa ry'isi yose ry'abana bo mw'ibarabara

Umugwi userukira Uburundi mu mupira w'amaguru ku bana bo mw'ibarabara waraye uronse itike yo gukina urukino rubura urwa nyuma, "demi-finale" inyuma yo gutsinda umugwi wa Bielorussie 3-0.
Imbere yuko abana bo mw'ibarabara bava mu Burundi bashika aho, bari bakinye n'imigwi ya Indonesia hamwe na Brésil mu majonjora.
Ku munsi wa Gatandatu mu rukino rwa mbere, Uburundi bwatsinze igihugu ca Indonesia 2-0, ku muhingamo butsinda Brésil 4-1, gutyo buba bwinjiye mu gice ca kane, aho cirahiye uno munsi umugwi wa Biélorussie.
Umumenyereza w'umugwi Simon Gakinja yavuze ko ata mugwi n'umwe wari woroshe, naho bagiye basimba imanga.
Iryo higanwa ry'isi yose ririmwo imigwi yavuye mu bihugu 24, iy'abahungu n'abigeme ku mangane.
Mu majonjora ya mbere imigwi itatitatu niyo yasabwa gukuranamwo.
Umugwi w'i Burundi uzokina urukino rw'igice ca kabiri ejo uhura na Uzbékistan, ku kibuga c'umugwi Lokomotiv ku mugwa mukuru Moscou.
Urukino rwa nyuma "finale" ruzoba 16 ukwezi kwa Gatanu.
Abaherekeje umugwi bavuga ko barondera gutahukana igikombe, ngo naho imigwi isigaye itoroshe.
Uwurongoye umugwi w'abavuye mu Burundi, Teddy Harushimana yavuze ko uretse iryo higanwa ry'umupira w'amaguru, hategekanijwe n'igiteramo co kwerekana imico kama y'ibihugu.
Ibindi bijanye n'umupira w'amaguru
Igikombe ca mbere c'isi yose c'abana bo mw'ibarabara catanguriye mu gisagara ca Durban muri Afrika yepfo mu kwezi kwa gatatu mu 2010.
Abagiye muri iryo higanwa n'abana b'imyaka iri hagati ya 14 na 16.
Iryo higanwa ryatangujwe n'ikigo co mu gihugu c'Ubwongereza giharanira agateka ka zina muntu, Amos Trust mu ntumbero yo kwumvisha abana ko bafise ababitayeho babakingira kandi ko batokwihebura.










