Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibitsindo vya Messi bituma isi inyiganga
Iyo Lionel Messi yinjije igitsindo, igisagara ca Barcelone kiranyiganga, nkuko icigwa cakozwe n'abahinga kivuga.
Abo bahinga ngo bashinze igikoresho (sismographe) gipima umutingito w'isi hafi y'ikibuga c'umupira Camp Nou, kikerekana ingene isi inyiganga igihe abafana biginye igitsindo yinjije.
Ku mashusho (sismogramme) ico gikoresho gisohora, ngo urabona ko udukwego twirasa bwampi mu kirere iyo abafana basimvye, tukaba tugufi iyo nabo basubiye hasi.
"Sismogramme" nziza kurusha izindi ngo ni iy'urukino rwa kabiri rwahuje Barça na Paris Saint-Germain mw'ihiganwa rya Champions League ryo mu mwaka uheze.
Mu gihe Barça yari yatsinzwe 4-0 mu rukino rwa mbere, uwo mugwi watsinze igitsindo co ku munota wa nyuma bituma uja hejuru ku bitsindo 6-5 ku kibuga cawo.
Kuri ayo mashusho ya "sismogramme" urabona ko akanyamuneza kari kenshi igihe ico gitsindo cinjira (raba munsi igihe ca 6-1).
Kurikira hano munsi ingene akanyamuneza kari kifashe ukwo ibitsindo vyinjira.
Ukuntu urukino rw'umupira w'amaguru rutuma isi inyiganga, vyigiwe mu nama kaminuza y'ikigo c'ubuhinga ca Buraya "European Geosciences Union" (EGU) i Vienne muri Autriche.
Ni igikorwa ca Dr Jordi Díaz na bagenziwe bo mu kindi kigo c'ubuhinga.
Dr Díaz yarashoboye kubona ubudasa muri za "sismogrammes" z'inkino n'iz'ibiteramo vy'umuzika.
Kino ni igiteramo ca Bruce Springsteen cabereye Camp Nou mu 2016
"Urabona ko ururirimbo rumwe rumwe rwisangije ishusho hejuru, ukabona ingene isi inyiganga iyo Springsteen avuye ku rurimbo rumwe aja ku rundi.
Dr Díaz yashize iyo "sismographe" ku metero 500 uvuye ku kibuga c'umupira ca Camp Nou.
Uretse ukuraba ingene isi inyiganga igihe c'inkino canke c'ibiteramo vy'umuzika, abo bahinga ngo barakoresha ubwo buryo mu kuraba ingene uruja n'uruza rw'imiduga mu mabarabara rwifashe.
Ngo barabukoresha kandi no mu kuraba ingene uburyo bwo kwunguruza abantu na gariyamoshi bwifashe ku munsi.