Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Bayern Munich yirukanye umumenyereza Carlo Ancelotti
Carlo Ancelotti yirukanywe mu mabanga yo kuba umumenyereza wa Bayern Munich inyuma yaho umugwi Paris St-Germain ubatsindiye 3-0 ku munsi wa gatatu.
Inyuma y'urukino rwo ku munsi wa gatatu aho Bayern yatsinzwe na PSG vy'agashinyaguro, inama y'abagenzura umugwi yahisemwo kwikura uwo mutaliyano, yari yasubiriye Pep Guardiola mu ntango y'ihiganwa riheze.
Ancelotti, 58, yafashije Bayern gutwara igikombe ca Bundesliga mw'ihiganwa riheze ariko uwo mugwi ntiwarenze igice c'ic'ica kane hamwe n'ica kabiri c'igikombe c'Ubudagi.
Icegera ciwe Willy Sagnol niwe yasabwe kubandanya amenyereza umugwi.
"Urukino rw'umugwi wacu ntigwifashe nkuko twari tugwiteze," niko umukuru w'inama nyobozi Karl-Heinz Rummenigge yavuze.
"Nipfuza gushimira Carlo ku kuntu dufashanya. Carlo ni umugenzi kandi azoguma ari umugenzi, ariko birakenegwa ko dufata ingingo ku vy'akazi. Urukino rw'i Paris rwerekanye ko dukwiye kwicarira ingaruka."