Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ikete ryo gusubiza hamwe Zelensky yandikiye Trump ryerekana ko ata yindi nzira asigaranye
- Umwanditsi, James Waterhouse
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC muri Ukraine
Kumenya nimba ingingo ya Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yo kunagura ubucuti na mugenziwe wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump ari iry'ubushingantahe, bivana n'uwo ubajije muri Ukraine.
"Ingingo mbi cane", bivugwa na Yuriy Kasyanov, umunyamakuru yandika ku mbuga ngurukanabumenyi akaba n'umusirikare, akaba abona ko Amerika ataco "izofasha Ukraine" ano masezerano ku mabuye y'agaciro amaze gusinywa.
"Umukuru w'igihugu yihaye iteka", nk'uko bivugwa na Boryslav Bereza yahoze ari umushingamateka, avuga ko ukuntu Zelensky yiyoroheje ari "ugusaba imbabazi".
Mw'ijoro ryo ku wa kabiri buca ari ku wa gatatu, Zelensky yashikirije ijambo ryiwe yama ashikiriza buri mugoroba ari hanze y'ikirimba c'umukuru w'igihugu i Kyiv. Ni naho yari ahagaze igihe yashikiriza rya jambo ryabaye rurangiranwa ngo "twese turi hano" ari kumwe n'abashikiranganji biwe ku musi ugira kabiri w'igitero c'Uburusiya.
Ico gihe, yariyamye abariko bamusaba ko ahunga, bamwemerera ubuhungiro. Benshi mu bategetsi b'ibihugu vy'Uburengero bari biteze ko Uburusiya bwari kuba bwafashe umugwa mukuru mu misi mike cane, Zelensky agafatwa canke akicwa.
Inyuma y'imyaka itatu, bisa n'uko bariko baramukuramwo buhorobuhoro icemezo ciwe co kubandanya intambara.
Yavuze ko yiteguriye gukorana n'"intwaro ikomeye" ya Trump, kandi ko "hageze gukosora".
Amajambo yo guturira ya Washington (ubutegetsi bwa Amerika), wa mubonano wo muri Maison Blanche wagenda nabi cane, hamwe n'ingingo yo "guhagarika" imfashanyo ya gisirikare Amerika isanzwe iha Ukraine, vyamutumye yemera gushira aho Trump ashize ku bijanye n'umugambi w'amahoro.
Gushika mu ndwi iheze, Zelensky yari atsimbataye ku ciyumviro ciwe c'uko Ukraine yokwemeye umugambi w'amahoro mu gihe gusa yokwijejwe ko umutekano wayo uzokwama ukingiwe, atari uko naho ibandanye urugamba.
Yaragirije kandi Trump ko aba "mw'isi y'ikinyoma" inyuma y'aho uno mukuru w'igihugu ca Amerika asubiriyemwo bimwe mu bivugwa na Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya).
Ibi vyose yabaye intandaro y'ugushamirana ku wa gatanu w'indwi iheze hagati ya we na Trump n'icegera ciwe JD Vance, uno na we akaba yagirije Zelensky ko "atubaha" Amerika, amaherezo ikamutegeka gukura meza.
Abategetsi ba Bulaya bamwakirije igishika mu mpera z'indwi iheze mu rugendo yarimwo kuri uno mugabane, ariko nubwo bamwemereye ko bazobandanya bafasha Ukraine, baratomora neza ko ari ngombwa ko Amerika igira uruhara mu mugambi w'amahoro.
Niho ku wa kabiri Trump yahagarika imfashanyo ya gisirikare Amerika iha Ukraine, ingingo yateje impungenge.
Muri iri kete yamwandikiye, Zelensky yaranatanze ibintu nyamukuru vyoba biri mu gice ca mbere c'uno mugambi w'amahoro, harimwo guhagarika ibitero vyo mu mazi no mu kirere, ibintu vyashikirijwe ubwa mbere na Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa mu mpera z'indwi iheze.
Mw'ijambo ryiwe yashikirije inama nshingamateka na nkenguzamateka ku wa kabiri, Trump yavuze ko yashimye iri kete, ikimenyetso co kugarukana icizere hagati y'aba bategetsi bompi, kandi ko Zelensky yemeye gusinya amasezerano y'amahoro.
Ikintu nyamukuru ni ukungene Zelensky ubu yipfuza gusinya ano masezerano ku mabuye y'agaciro ata na kimwe yijejwe ku mutekano w'igihugu ciwe - kandi ari co kintu nyamukuru yamye ashira imbere gushika ubu bwa vuba.
Trump avuga ko kubona amakompanyi ya Amerika acukura ubutare azoba ari muri Ukraine bizoba bihagije mu kuzibira Uburusiya guhonyanga amasezerano yo guhagarika intambara. Hagati aho, ibikorwa vya Amerika muri Ukraine ntivyabujije Moscou gutanguza intambara yeruye.
Ikindi kintu kidasanzwe na gato ni uko ata kintu Uburusiya busa n'ubwiyemeza mu masezerano ayo ari yo yose y'amahoro.
Kumbure Zelensky yamaze kubona ko ata yindi nzira asigaranye, hanyuma mu gihe n'incuti ziwe za Bulaya zemeza ko zigikeneye Amerika, Washington isa n'uko ari yo yonyene yokwitura.