Uganda: Inyuma y'indwi imwe gusa, Kainerugaba yagarutse kuri X 'kunyiganyiza isi'

Ahavuye isanamu, Muhoozi Kainerugaba @Mkainerugaba_
Jenerali Muhoozi Kainerugaba, umuhungu wa Perezida Yoweri Museveni wa Uganda yasubiye kwugurura konte yiwe yo kuri X (yahoze yitwa Twitter), inyuma hafi y'indwi imwe gusa asezeye kuri uru rubuga hwaniro avuga ko yari agiye kwibanda cane ku mabanga yiwe ya gisirikare.
"Nagarutse!" Niko Jenerali Kainerugaba yanditse kuri konte yiwe @mkainerugaba ubwo nyene yaciye ihurumbirwa n'amajana y'abamukurikira.
Yagarutse kwa kundi nyene mu kwandika ubutumwa buteza impari, agabisha ko aje "kunyiganyiza iyi si!"
Uno mujenerali w'imyaka 50 abandanya yivanga muri poritike, yirengagije amategeko ya gisirikare, ibiteza impari ku migambi yiwe yo gusubirira se wiwe ari ku butegetsi kuva mu 1986.
Abamunegura bariyamiriza uno mujenerali ku majambo yiwe yandika ku mbuga hwaniro, aho avuga no ku bintu bifatwa nk'umuziro ku musirikare akiri mu baganga.
Aherutse guteza uburakari mu butumwa yanditse kuri X aho yagabisha ko azoca umutwe umunyaporitike Bobi Wine atavuga rumwe n'ubutegetsi.
Igihe yatangaza ko agarutse kuri uru rubuga ejo ku wa kane, Jenerali Kainerugaba yategetse inzego za Uganda zijejwe umutekano gufata buno nyene umuntu wese ari mu batavuga rumwe n'ubutegetsi azoboneka yambaye ikintu ico ari co cose gisa n'umwambaro w'igisirikare c'igihugu.
Ino ntwazangabo yo ku rwego rwa jenerali irongoye igisirikare ca Uganda, yongerako ati: "Kandi abo bose batazokurikiza iri tegeko…bafise ingorane zabo".
Yagabishije kandi ko azokwirukana umukozi wo mu buserukizi bwa Amerika atavuze izina, kubera ivyo avuga ko yanse "kuramutsa" uno mu jenerali.
"Ingorane yonyene mfise ni intumwa ya gisirikare ya Amerika [US Defense Attaché/Attaché militaire]. Aho nzomusanga hose…adahagurutse ngo andamutse…nzoca ndamuhagarika ubwo nyene!!"
Bubaye ubugira kabiri Jenerali Kainerugaba asezeye hanyuma akagaruka kuri uru rubuga mu kiringo c'imyaka itatu.
Yasezeye ubwa mbere mu 2022 ariko haciye imisi aragaruka, aca abandanya asohora ubutumwa bwiwe buturira, mbere bukaba bwaheruka no guteza icuka kibi mu vy'imigenderanire, harimwo ivyo yavuze kuri Sudani, Repubulika ya Demokarasi ya Congo be na Kenya.
Muri Gitugutu (10) umwaka uheze, wa 2024, yaravuzwe cane inyuma y'urukurikirane rw'ubutumwa bwagabisha gutera igihugu kibanyi ca Kenya, amajambo yatumye biba ngombwa ko se wiwe afata ijambo agasaba imbabazi.
Ubutumwa Jenerali Kainerugaba aheruka kwandika atera ubwoba bwo "guca umutwe" umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi Bobi Wine, izina ryiwe nyaryo rikaba ari Robert Kyagulanyi, bwariyamirijwe cane hagati mu gihugu.
Nubwo yabisabiye imbabazi ko yariko ariyayatira, Bobi Wine we siko abibona, akavuga ko abufata nka nkama.
Reta ya Uganda yaratesheje agaciro ubu butumwa, aho umuvugizi yavuze ko amajambo ya Jenerali Kainerugaba ku mbuga hwaniro ari "ubuyayasi" adakwiye gufatwa ko yerekana politike y'ubutegetsi.
Jenerali Kainerugaba abonwa cane nk'uwuzoba samuragwa w'ubutegetsi bwa se wiwe, inyuma y'imyaka 39 arongoye iki gihugu, nubwo Museveni ahakana ko atariko aramutegura kuzoba umukuru w'igihugu.
Konte yiwe ya X ubu ifise abanywanyi barenga 60.000. Iyo yahorana yari ifise abarenga umuriyoni.
Mu butumwa bwiwe bwo kumenyesha ko agarutse, yateye akamo abanywanyi biwe gusubira kumukurikira.
"Ndashaka ko abantu banje bose bagaruka. Bagarukane!"










