Intambara muri Sudani: IGAD ishaka kurungikayo inteko z'abasirikare

Ahavuye isanamu, State House of Kenya
- Umwanditsi, Will Ross
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC
Abayobozi bo ku rwego rwo hejuru b’ibihugu vyo mu buseruko bwa Afrika bashikirije iciyumviro co kurungika abasirikare muri Sudani aho intambara imaze amezi atatu ibandanya ikomera.
Ico ciyumviro cashikirijwe mu nama y’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe IGAD, yabereye i Addis Ababa muri Ethiopia kuri uno wambere itariki 10/07/2023.
Abaserukiye impande zibiri zirwana – igisirikare ca Sudani n’umugwi Rapid Support Forces – bari batumiwe mu biganiro vy’imbona nkubone muri Ethiopia ariko igisirikare caranse kuvyitaba.
Abo barongozi bo mu buseruko bwa Afrika bavuze yuko kurungika muri Sudani inteko z’akarere zama zigavye, bizofasha gukingira abanyagihugu hamwe no kubashikiriza imfashanyo.
Birakenewe vyihutirwa ko amakungu ashika muri Sudani, n’imiburiburi kugira yirabire ihohotera rya kiremwa muntu rihabera – cane cane muri Darfur.
Ariko bivanye n’ukuntu intambara ikomeye cane hamwe n’akajagara gakwiye hose, bisa n’ibidashoboka yuko hogira ingabo izo arizo zose ziharungikwa ubu bwa vuba.
Kuhaza kw’amakungu navyo birashobora kwiyamirizwa n’impande zibiri zitana mu mitwe.
Abajenerali barongoye urugamba ku mpande zombi, nibo bagiye imbere mu kubuza ko harungikwa inteko za ONU zihagarariye amahoro muri Darfur haraciye imyaka irenga ibiri, ibintu vyatumye abanyagihugu babaho bageramiwe bimwe bikomeye.

Ahavuye isanamu, Getty Images













