Uganda: Kuki reta yugaye ibiro vya ONU bijejwe uburenganzira bwa zina muntu?

Ahavuye isanamu, AFP
Umukuru wa Uganda Yoweri Museveni arasigura igituma reta yiwe yafashe ingingo yo kurangiza ibikorwa vy’ibiro vya ONU bijejwe uburenganzira bwa zina muntu muri ico gihugu.
‘’Ivyo ni ukubera dufise umugwi wa Uganda ujejwe ageteka ka zina muntu utegekanijwe n’ibwirizwa shingiro. Kugira izindi [nzego] zidategekanywa n’ibwirizwa shingiro ubwa mbere ho ntibikenewe, kandi ni ivyo gusamaza’’.
Ivyo prezida Museveni yabivugiye mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku wa gatatu i Pretoria mu nama ya Uganda na Afrika y’Epfo ku gushora imitahe.
Prezida Museveni yongeyeko ati:
‘’Aho gushikiriza icegeranyo ahofatirwa ingingo, baja kugitanga muri ONU. ONU ishobora gukora iki muri Uganda? Nta bubasha bafise bwo gushira ibintu mu bikorwa’’.
Mu ntango z’ukwezi kwa Ruhuhuma (ukwa kabiri), ubushikiranganji bwa Uganda bujejwe imigenderanire bwamenyesheje ko butazosubira kwongera ikiringo ibiro vya ONU bijejwe uburenganzira bwa zina muntu, ico kiringo kikaba cari gitegekanijwe kurangira mu mpera z’ukwezi kwa Ntwarante (ukwa gatatu).
Mw’ikete bwandikiye ivyo biro, ubwo bushikiranganji bwavuze ko Uganda isigaye ifise ubushobozi bwo gukurikirana, guteza imbere no gukingira n'uburenganzira bwa ka zina hatiriwe harakenerwa ubufasha buvuye hanze.
Abaharanira uburenganzira bwa zina muntu bo bariyamirije iyo ngingo ya reta ya Uganda yo kwugara ibiro vya ONU, bavuga ko ‘’iteye isoni’’.
Abaraba ibintu n’ibindi babona ko iyo ngingo ari ikimenyetso c’ico reta yishuye ku bakurikiranira hafi ibijanye n’amabi akorwa mu gihugu arimwo iyicarubozo, inyuruzwa ry’abantu, gupfunga abantu ata manza baciriwe no gusubira gufata abantu baba bararekuwe na sentare biciye mu mategeko.










