Imbwa iragirizwa kubuza umunya-Kenya kuba uwa mbere muri marathon

Ahavuye isanamu, Various/Twitter
Umukenguzamateka wo muri Kenya yaneguye inzego zijejwe inkino kuba ataco zakoze ngo zigizeyo imbwa yirutse inyuma ya Robert Kimutai Ng’eno mw’isiganwa rya marathon (42km) i Buenos Aires muri Argentine ku ndwi iheze.
Amakuru avuga ko uwo munonotsi wo muri Kenya yari imbere y’abandi hasigaye ibirometero 4 (4km) igihe yabona imbwa iriko iramukurikira.
N’ubwo hari abarorerezi bagerageje guhinda iyo mbwa ngo ive inyuma yiwe, bivugwa ko yasamaje Ng’eno aca atakaza umurindi amaherezo aca arangiza isiganwa ari uwa gatatu.
Bagenzi we b’abanya-Kenya Cornelius Kiplagat na Paul Kipngetich Tanui ni bo baciye baba uwa mbere n’uwa kabiri.
''Uwo munonotsi yaribwe agateka kiwe kandi aramaramazwa bitagira izina,'' niko umukenguzamateka Samson Cherargei yanditse kuri X (yahoze ari Twitter).
Yavuze ko umushikiranganji wa Kenya ajejwe inkino Ababu Namwamba n’urwego rwa Kenya rujejwe ubunonotsi batereranye uwo mwirutsi, yongerako ati: ''Nta gaciro bahaye ivyo kwanka ivyashitse no gusaba ko abategetsi ba Argentine bakora amatohoza''.









