Kenya, Uganda na Tanzania bizokwakira Can 2027, Maroc nayo iya 2025

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igihugu ca Maroc kizokwakira inkino z'igikombe ca Afrika mu mupira w'amaguru Can/Afcon (Coupe d'Afrique des Nations/Africa Cup of Nations) co mu 2025 nk'uko urwego rw'umupira w'amaguru muri Afrika (Caf) rwabitangaje.
Nk'uko vyabisabiye hamwe, ibihugu vya Kenya, Uganda na Tanzania navyo vyaronse uburenganzira bwo kwakira Can 2027.
Maroc ifashe ikibanza ca Guinee (Konakry) yatswe kwakira izo nkino mu kwezi kw'icumi kubera impungenge ku bibuga n'ibindi vya nkenerwa.
Zambia n'ukubisabira hamwe kwa Nigeria-Benin navyo vyari mw'ihiganwa ryo kwakira inkino za 2025. Ariko vyemeye gusokora kugira bihe amahirwe Maroc yerekane ico ishoboye mu cizere ko izokwongereza amahirwe y'uko Afrika yakira inkino z'igikombe c'isi.
Maroc iri kumwe na Espagne na Portugal mu gusabira hamwe kwakira inkino z' igikombe c'isi co mu 2030.
Patrice Motsepe, umukuru wa Caf, yavuze ko aho izo nkino zari kubera aho ari ho hose hari gutera iteka Afrika.
Yavuze ko ingingo yashingiye ku rugero rw'inyubako zerekanywe n'abasaba, harimwo ibibuga, uburaro n'ibitaro.
Kuba ari Maroc yatahukiye ico kibanza hamaze gusokora kandi Algeria buca haba amatora, Motsepe yavuze ati: ''Ingingo yafashwe uyu munsi yari iyo gishimikira ku bumwe, iterambere n'ukuzamuka vya Afrika, dufatiye kuri ivyo bihugu vyasokoye.
''Amafaranga menshi ariko arakoreshwa muri Maroc kubera izo nkino za 2025. Kuba Maroc yarasavye kwakira inkino z'igikombe c'isi si ivya Maroc gusa, n'ivy'umugabane wose wa Afrika.''
Kuba Kenya, Uganda na Tanzania vyatowe kuzokwakira inkino z'igikombe co mu 2027 bitumye ibihugu vyo mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika yo hagati n'ubuseruko , Cecafa, vyakira iryo higanwa ubwa mbere kuva ribereye muri Ethiopia mu 1976.
''Ivyo bihugu vyagiye hamwe kuko ivyo dusaba biri hejuru cane'', niko Motsepe yongeyeko, agereranya itunganywa ry'amahiganwa n'ayatunganywa n'inzego z'umupira w'amaguru i BUraya, Uefa, na Amerika y'Epfo, Conmebol.
''Rimwe na rimwe bisaba miriyoni amajana - rimwe na rimwe miriyaridi - mu nyubako. Birampimbara cane iyo umupira w'amaguru utumye ibihugu bija hamwe. Can 2027 izoba nziza cane.''
Ihiganwa ryimirije rizobera muri Cote d'Ivoire kuva ku wa 13 Nzero (1) gushika ku wa 11 Ruhuhuma (2) 2024. Gutomboza ingene imigwi izohura bizobera i Abidjan ku wa 12 Gitugutu (10) isaha imwe y'ijoro kw'isaha mpuzamakungu (1900GMT, isaha zitatu z'ijoro mu Buurundi no mu Rwanda).










