Umugore w'umunya-Ethiopia Tigst Assefa yaciye umuhigo w'isi mu kwiruka marathon i Berlin

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Na Ben Collins
- Igikorwa, BBC Sport
Umugore w'umunya-Ethiopia Tigst Assefa yatsinze igihe yenurira abandi mw'ihiganwa mpuzamakungu ry'abagore ryo kwiruka marathon (ibirometero 42) ryabereye ku i Berlin ku wa mungu.
Assefa, yari yaratsinze iri higanwa no mu mwaka uheze, ubu yatsinze akoresheje amasaha 2, iminota 11 n'amasegonda 53.
Ku myaka 26 afise, yatsinze akuyeko iminota irenga ibiri ku mwanya wari uhasanzwe wari wagizwe n'umunya-Kenyakazi, Brigid Kosgei, yakoresheje umwanya ungana n'amasaha 2 iminota 14 n'amasekundfa 4 (2:14.04), mw'isiganwa ryabereye i Chicago mu 2019.
Uwabaye uwa mbere mw'irushanwa ry'abagabo i Berlin ni Eliud Kipchoge, umunya-Kenya amaze gutsindira kabiri umudari wa Olympic, ubu bukaba bubaye ubwa gatanu atsinda iryo higanwa akoresheje umwanya ungana na n'amasaha 2 iminota ibiri n'amasekunda 42 (2:02.42).
Uyu mugabo w'umunya-Kenya w'imyaka 38 yagize umwanya wa mbere kw'isi mu mwaka uheze i Berlin akoresheje umwanya ungana n'amasaha abiri umunota umwe n'amasekunda 9 (2:01.09) igihe yanganya n'umunya-Ethiopia, Haile Gebrselassie mu gutsinda ihiganwa incuro 4.
Umwanya wakoreshejwe na Assefa uri ku rutonde rwa13 mu myanya ya mbere kw'isi yashitsweko i Berlin aho yari yaritsinze mu mwaka uheze agize 2:15.37, ico gihe ukaba yari abaye umugore aza ubwa gatatu mu kunyaruka kw'isi muri kahise k'izo nkino.
Yavuze ati: "Ndaryohewe cane. Narashaka kuba uwa mbere mu gusiganwa ariko siniyumvisha ko bishoboka ku mwanya uri munsi ya 2:12."

Ahavuye isanamu, Getty Images
Assefa, ni umuhinga wa kera wo kwiruka imetero 800, yatanguye kwiruka muri marathon mu kwezi kwa kane kw'umwaka uheze.
Yashize hanze imigambi yiwe igihe yagaruka i Berlin, mu kuvuduka akiruka nk'umuravyo akagira inusu y'iyo ntera mw'isaha imwe, iminota 6, n'amasegonda 20 (1:06.20).
Assefa, umwe mu bagore 6 yashikiriye iyo ntambwe ku rwego rw'isi, yaciye aguma yiruka kuri uwo muvuduko, hanyuma ku birometero 37 (23 miles) yari inyuma gato amasekunda 3 ku kirometero y'umuvuduko wariko urakoreshwa na Kipchoge kuri urwo rugero ku wa mungu.










