Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Nta kindi nobipfuriza atari amahirwe n'ibikombe' - Ten Hag inyuma yo kwirukanwa na Man U
- Umwanditsi, Harry Poole
- Igikorwa, BBC Sport journalist
Erik ten Hag avuga ko ata kindi yokwipfuriza abafana ba Manchester United "atari amahirwe, ibikombe n'iteka" inyuma y'aho yirukaniwe ku wa mbere.
Uno Munyaholande w'imyaka 54 yirukanywe inyuma yo gutsindwa na West Ham 2-1 mu rukino rwa Premier League mu mpera z'indwi iheze, Ruben Amorin yahora amenyereza Sporting akaba ari we yagenywe ngo amusubirire.
Mw'itangazo ryasohowe n'abaserukizi biwe, Ten Hag yashimiye abafana ba Manchester United, inyuma y'imyaka ibiri yari amaze muri uno murwi agatsindira ibikombe bibiri.
Ati: "Ndabashimiye kubona muguma inyuma y'umurwi. Haba mu bihe twaba turi gukinira hanze canke mu gihe c'urukino rugoye i Old Trafford, ntimwahengeshanya gushigikira umurwi. Umunezero i Old Trafford wamye ari wose, kubera mwebwe.
"Nipfuza kandi gushimira abakozi bose mu bisata vyose vy'uno murwi ku kungene bamfashe mu mugongo haba mu bihe vyiza canke bibi".
Uno yahoze amenyereza Ajax yafashe Man United mu ci rya 2022, maze uno murwi ushobora gutsindira igikombe ca Carabao inyuma y'imyaka itandatu wari umaze utazi ingene igikombe gisa, muri uwo mwaka nyene baca barangiza ihiganwa rya Premier League bari mu kibanza ca gatatu.
Ten Hag yarashoboye gushikana United mu rukino rwa nyuma rw'igikombe ca FA, aho yirahiye abakeba babo ba Manchester City mu kwa gatanu uno mwaka, nubwo uyo murwi warangije nabi ihiganwa, aho ryaheze uri mu kibanza c'umunani.
Yirukanywe inyuma y'intango mbi y’uno mwaka w’inkino 2024-25, akaba asize United iri mu kibanza ca 14 mu nkino icenda.
Ten Hag avuga kandi ati: "Twaratsindiye ibikombe bibiri - iyi ni intambwe nzokwama nishimira ubuzima bwanje bwose.
"Ni vyo ko indoto yanje yari iyo kuzana ibikombe vyinshi. Ku gihamana kibi, ibi ntivyakunze.
"Nta kindi nipfurije abafana bose ba Manchester United atari uguterimbere, ibikombe, n'amahirwe.
"Ukungene mwese mwamfashe mu nda n'ingene mwanyakiranye igishika muri uno murwi vyaramfashije kwumva nisanzuye. Ndabashimiye muri iki gihe c'ubuzima bwanje maranye namwe".
Ejo ku wa gatanu, ni ho United yemeza ko Umunya-Portugal Amorim w'imyaka 39 agiye kwimukira i Old Trafford avuye mu murwi wa Sporting, akaba yitezwe ku wa 11 Munyonyo (11), mu masezerano azoshika muri Ruheshi 2027.
Ruud van Nistelrooy yahoze ari umusatirizi wa United yagenywe ngo asubirire Ten Hag vy'imfatakibanza agiye guhagararira uno murwi mu nkino zitatu ziri imbere.