Umugambi wa UK n'u Rwanda ku barondera ubuhungiro uhuye n’amategeko

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Bwongereza bwatsinze urubanza rw’umugambi wabwo wo kurungika mu Rwanda abaja muri ico gihugu kuronderayo ubuhungiro.

Ingingo imaze gutangazwa n’abacamanza bo muri Sentare Nkuru i Londres.

Ku butumwa kuri twitter, umushingamateka Caroline Lucas wo mu mugambwe wa Green yavuze ko ari ngingo ”ibabaje cane”. Yavuze ko umugambi wo kurungika bamwe mu barondera ubuhungiro mu Bwongereza ata ”bumuntu” igira, ”ntibereye kandi ntishobora gushirwa mu ngiro”.

Ariko abacamanza ivyo ntibabibona gutyo kuko bavuze ko uwo mugambi uhuye n’amategeko.

Sentare Nkuru yabaye irabangira gushika mu kwezi kwa Nzero (1) ku ngingo yerekeye kwemerera abashaka kwunguruza.

Sentare yavuze iki?

Umucamanza Lord Justice Lewis y avuze ati: “Twasanze bihuye n’amategeko ko reta ikora umugambi wo kurungika mu Rwanda abarondera ubuhungiro kugira dosiye zabo z’ubuhungiro zifatirwe ingingo hariya.”

Avuga ko ivyemezo vyashikirijwe sentare vyerekena ko integuro hagati y’Ubwomgereza n’Urwanda zigamije ku kurondera ko ama dosiye y’abasaba ubuhungiro yigirwa neza hariya.”

Umucamanza yongeyeko ko uwo mugambi utarenga ku masezerano ya ONU agenga impunzi canke amategeko agenga uburenganzira bwa zina muntu.

Ariko yavuze ko ama dosiye y’abantu umunani barondera ubuhungiro atari yarihwejwe neza n’umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati igihe bari bafatiwe ingingo y’uko baba aba mbere barungikwa mu ndege ya mbere yari kubatwara mu Rwanda.

Ati: “Ayo ma dosiye azoshirwa ku ruhande hanyuma asubizwe ku mushikiranganji asubire kuyiga gushasha.”

Umuvugizi muri reta y’Urwanda yakiriye neza ingingo ya sentare avuga ko Urwanda “rwiteguriye kwakira abarondera ubuhungiro no kubaha umutekano n’amahirwe yo kwubaka ubuzima bushasha mu Rwanda”.

Intsinzi ikomeye, ariko hazoba ukwunguruza

Umunyamakuru wa BBC Dominic Casciani akurikirana ibibazo vy’imbere mu Bwongereza n’amageteko avuga ko ingingo yafashwe n’abacamanza ari ikintu gikomeye cane ku mushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu Suella Braverman n’uwo yasubiriye Priti Patel – hamwe rero no ku mushikiranganji wa mbere Rishi Sunak.

Kuko kuri bo, izotuma vyoroha gusumba ko uwo mugambi, imnpera n'imperuka, uja mu ngiro.

Ariko avuga ko atawokwibagirwa ko hazoba imanza nyinshi zo kwunguruza kuri iyo ngingo y’uno munsi, mbere zishobora no gushika muri Sentare Ntahinyuzwa.

Ivyo navyo bizofata igihe.

Ariko ikiri co n’uko Sentare Nkuru -abacamanza babiri harimwo n’uwo muri sentare isubiramwo imanza – bavuze ko reta ifise ububasha bw’amategeko bwo kurungika mu Rwanda abarondera ubuhungiro.

Bazotangura kurungikwa ryari?

Reta y’Ubwongereza yakiriye neza iyo ngingo ya Sentare Nkuru.

Ivuga ko ifise ishaka rwo kurwanira umugamvbi wayo n’Urwanda mu gihe hari abaharanira ko uwo mugambi bishoboka ko bazokwunguruza.

Kubera ivyo umuvugizi w’ubushikiranganji bwa mbere yavuze ko ata kirangaminsi co kurungika indege za mbere mu Rwanda yotanga.

Yabwiye abamenyeshamakuru ati : “Dushaka kugenda vyihuse uko bishoboka kwose”.

Ingingo itavugwako rumwe

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, Boris Johnson, ari nawe reta yiwe yazanye uwo mugambi, yashimye cane ingingo ya Sentare Nkuru.

Yanditse kuri Twitter ko ari yo "nzira yonyene y'ubuntu yo guhangana n'ikibazo c'ubugome bw'abantu barondera inyungu mu rudandazwa rwo kujabukana mu kinyegero abarondera ubuhungiro.

Umushikiranganji wa mbere w'ubu, Rishi Sunak, yavuze ati: "Twamye tuvuga ko uwo mugambi wacu wo mu Rwanda uhuye n'amategeko, nkaba ndyohewe n'uko vyemejwe uyu munsi."

Sunak yavuze ko "bitazokworoha" canke ngo buno nyene ubuze ubwato bw'abaza kurondera ubuhungiro kubandanya bushika ku mucamo w'Ubwongereza, ariko yizeye ko azobishikako.

Ishirahamwe riharanira uburenganzira bwa muntu Amnesty International rivuga ko uwo mugambi ukwiye guhebwa.

Steve Valdez-Symonds, umuyobozi ajejwe impugnzi n’abarondera ubuhungiro mu Bwongereza avuga ko “umugambi wo mu Rwanda ukwiye guhebwa wose uko wakabaye”.

Avuga ko iryo shirahamwe n’ubu rihagaritswe umutima n’uko uwo mugambi “ubangamiye cane amategeko mpuzamakungu agenga impunzi”.

Hagati aho, umuyobozi w’intumbero muri Croix Rouge yo mu Bwongereza, Christina Marriott, avuga ko “kurungika ahandi ibiremwamuntu” bidakwiye kuronka ikibanza mu ndinganizo y’Ubwongereza ku barondera ubuhungiro.

Avuga ko ata “kinini bizofasha kugira bibuze abantu gukora ibishobora gushira ubuzima bwabo mu kaga kugira bashike abo boronka umutekano.”

Amashirahamwe y’abagiraneza, Care4Calais na Dentention Action, ni abiri ari mu mashirahamwe yarwanije uwo mugambi avuga ko uteye kubiri n’amategeko.

Yavuze ko ababajwe n’ingingo ya Sentare Nkuru yaciye urubanza ivuga ko uwo mugambi udateye kubiri n’amategeko, amenyesha ko agiye kwiyumvira kwunguruza.

Detention Action yarahiye kurwanya umugambi ivuga ko ”uhutaza kandi ubabaza”.