Ubushinwa n'Ubuhindi vyiyemeje kuba 'abakorana aho kuba abakeba'

Umushikiranganji wa mbere Narendra Modi na prezida Xi Jinping bahanye ukuboko imbere y'amabendera y'ibihugu vyabo. Modi yambaye kostime ya beje nawe Xi yambaye kostime y'ubururu n'ikaruvato y'ubururu ikeye n'ishati yera.

Ahavuye isanamu, Reuters

    • Umwanditsi, Laura Bicker
    • Igikorwa, Amunyamakuru mu Bushinwa
    • Umwanditsi, Stephen McDonell
    • Igikorwa, Umunyamakuru i Tianjin mu Bushinwa
    • Umwanditsi, Danai Nesta Kupemba
    • Igikorwa, BBC News
    • Yakoze inkuru ari, London

Abakuru b'Ubuhindi n'Ubushinwa bavuga ko ubu icizere kiriko kirashinga iminzi hagati y'ivyo bihugu inyuma y'imyaka y'icuka kibi carimwo n'amatati y'urubibe amaze imyaka myinshi.

Umukuru w'Ubushinwa Xi Jinping n'umushikiranganji wa mbere w'Ubuhindi Narendra Modi bahuriye ahabereye ikoraniro ry'inama ya Shanghai yo gufashanya , Shanghai Cooperation Organisation (SCO) mu gisagara co ku kivuko ca Tianjin. Ni ubwa mbere Modi agiye mu Bushinwa mu myaka indwi.

Xi yabwiye Modi ko Ubushinwa n'Ubuhindi bikwiye kuba abakorana, aho kuba abakeba mu gihe Modi nawe yavuze ko ubu hari ''ikirere c'amahoro n'amaragamo'' hagati yabo.

Perezida Putin nawe ari muri iryo koraniro, ryitabwe n'abategetsi b'isi barenga 20, ariko iry'uwu mwaka rikaba ribaye mu gihe c'intambara z'ubudandaji na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Perezida Trump yashize amakori manini cane ku bidandazwa biva mu Buhindi nk'igihano c'uko ico gihugu kibandanya kugura ibitoro vyo mu Burusiya, nawe Putin akaba ashobora gufatirwa ibihano kubera intambara abandanya muri Ukraine.

Mu gihe imigenderanire ya Amerika n'Ubuhindi ikomeje kubamwo igihuhusi, Modi ariko ariyegereza Ubushinwa. Ivyo bihugu vyompi, uretse ko ari vyo vya mbere bibamwo abantu benshi kw'isi, ni na bibiri mu bifise ubutunzi bwa mbere bukomeye kw'isi.

Modi yatangaje ko ingendo z'indege hagati y'Ubushinwa n'Ubuhindi - zari zarahagaritswe kuva habaye imishamirano yaguyemwo abantu ku rubibe bihana muri Himalaya mu 2020 - zigiye gusubira, ariko ntiyatanze ikirangaminsi.

Xi yavuze ko ''impande zompi zikeneye kuraba imigenderanire yazo mu nzira z'inyungu zazo kandi ku gihe kirekire'' kandi ko kuba abagenzi 'ari co nyaco co guhitamwo ku mpande zompi''.

Vladimir Putin mw'iskostime y'ubururu, ikaruvati y'ubururu n'utudomagu n'ishati yera ariko araramukanya n'abandi bategetsi i Tianjin mu Bishinwa, 31 Myandagaro 2024

Ahavuye isanamu, Sputnik/Vladimir Smirnov/Pool via Reuters

Insiguro y'isanamu, Vladimir Putin hagati i buryo aramukanya n'abandi bategetsi

Ikoraniro rya SCO ubwaryo ahanini n'ikimenyetso ariko rizotuma abategetsi bashikiriza ibibaraje ishinga basangiye n'inyungu bahurirako.

Ribaye imbere y'uko haba defire nini cane ya gisirikare i Beijing yo guhimbaza imyaka 80 iheze harangiye intambara ya kabiri y'isi.

Iryo shirahamwe ririmwo ibihugu 10 - harimwo Uburusiya, Pakistan na Iran - n'ibindi 16 vyitaba ibiganiro canke bifise igihagararo c'indorerezi.

Putin, incuti ya hafi y'Ubushinwa, igihe yashika i Tianjin ku wa mungu yasasiwe umusezero utukura w'icubahiro.

SCO yashinzwe n'Ubushinwa, Uburusiya n'ibihugu bine vyo muri Asia yo hagati mu 2001 kugira ibe urunani rwo kugabanya ijambo ry'amashirahamwe y'Abanyaburaya na Amerika nka Otan.

Ikoraniro ry'uwu mwaka ni ryo rya mbere rinini kuva iryo shirahamwe rishinzwe.