Umuhungu wa Twahirwa yasabwe 'kubeshera se muri Gacaca', ikindi cabona kimwagiriza gufata ku nguvu

    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseli

Mu bumvirijwe na sentare ku munsi ugira 30 w’urubanza rwa Séraphin Twahirwa na Pierre Basabose bagirizwa ivyaha vya jenoside rubandanya i Buruseli mu Bubiligi, harimwo umuhungu wa Twahirwa avuga ko se wiwe abesherwa.

Emmanuel Twahirwa, benshi bita Trésor, ni na we yumvirijwe ubwa mbere mu ntahe y'ejo ku wa gatatu nk’uwuregura abaregwa, hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo ari muri Afrika y’Epfo, aho avuga ko asanzwe aba nk’impunzi.

Uwo mugabo yemeje ko se wiwe Twahirwa yamuvyaye hanze atabana na nyina, hanyuma nyina amuta akiri umwana muto atarakwiza umwaka, ari naho yaca arerwa na mukase Primitive Uwimana (umugore wa Twahirwa).

Yemeza ko yarezwe neza, akavuga ko ibi vyerekana ko se wiwe yari umuntu w’akarorero mu muryango, kandi ko yari abanye neza n’umugore wiwe.

Avuga ko adatahura ukuntu bavuga ko yoba yamurongoye ku nguvu.

Emmanuel Twahirwa yavuze kandi ko adatahura abagiriza se wiwe ko yari inkozi y’ikibi kuko yasa n’umuntu yitwara neza.

Avuga ko yahungiye mu cahoze citwa Zaïre, uno munsi ari Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC) mu 1994, akaza guhunguka mu 2003.

Avuga ko amaze gushika mu Rwanda yatangajwe n’uko bamwe mu bategetsi bahavuye bamusaba ko yokwitaba sentare ya Gacaca kugira ngo yemeze ko se wiwe yakoze ivyaha vya jenoside, mu gihe wewe yari azi neza ko atabikoze.

Avuga ko ibi vyatumye afata ingingo yo guhunga kubera yatinya ko agirirwa nabi.

Ati: “Jewe nari nzi neza ko data ata caha yakoze ca jenoside. Ico nari gukora kwari ukugenda muri Gacaca nkavugisha ukuri ko Séraphin Twahirwa ata vyaha yakoze, ari ukumubeshera kuko nari ndabizi neza. Aho naho baca bangirira nabi n’ukunyica vyari kujamwo.

“Rero naciye mpitamwo guhunga, mpungira ino muri Afrika y’Epfo mu 2007 kuko iyo nguma mu Rwanda hanyuma sinkore ivyo bambwiye bari kungirira nabi, kandi sinari kuba mbaye uwa mbere. Ariko muri make ivyo nzi kuri papa, sindamuzi nk’umwicanyi”.

Hakurikiye uwundi yagiriza abaregwa yitwa Kabalisa Jacqueline w’imyaka 55 avuga ko aba mu Bubiligi.

Yemeza ko ari incuti y’umugore wa Twahirwa, aho avuga ko Uwimana ari nyinabo, kandi ko yaba iwabo “akiri umukobwa, ari naho Twahirwa yamukuye amutwara iwe, amufata ku nguvu, aca aramwihagira nk’umugore wiwe”.

Ati: “Mama agiye kumubwira ngo amuhe mutoyi wiwe, Twahirwa yamubwiye ko asubiriye amwica. Yaciye asubira inyuma kandi ntaco yasubiye kuvuga kuko Séraphin yari atinyitse”.

Yamwagirije ko yari umuntu atinyitse, yafata abagore ku nguvu, yari anarongoye Interahamwe. Avuga ko bamutazira Cihebe kandi ko ivyabaye vyose muri jenoside i Gikondo ari we yabiteguye.

Uwa gatatu yumvirijwe ni umugore w’imyaka irenga 70 yasuye (yatanze ubuhamya) ari mu Rwanda hakoreshejwe amashusho, akaba yumvirijwe nk’uwuregura Basabose.

Yabwiye sentare ko inzu ya Basabose n’iyiwe zari zifatanye, kandi ko yari amuzi nk’umucuruzi mbere ko ata bintu vy’ubwicanyi amuzimwo kuko yanahungiye iwe indege ya Perezida Juvénal Habyarimana imaze gukororwa.

Yemeza ko ari Basabose yamunyegeje igihe Abatutsi bariko barahigwa buhongo, akarokoka n’aho imiduga n’ibintu vyiwe vyose Interahamwe zabitwaye.

Sentare yafashe ingingo yo kubandanya yumviriza ivyabona gushika kuri uyu wa gatanu, birimwo umukobwa wa Twahirwa, Olive.

Bitegekanijwe ko abaregwa bazokwisigura ku wa 11 Kigarama (12), umusi sentare ivuga ko uzoba ari uw’isozerwa ry’urubanza.