Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imyiyerekano muri Kenya: Prezida Ruto avuga ko amategeko azokora
Prezida William Ruto yavuze ko atazokwihanganira "ukudahana mu gihugu" nyuma y’imyigaragamvyo irimwo akaguma yiriwe ku murwa mukuru Nairobi hamwe no mu muji wo mu burengero wa Kisumu.
Iyo myiyerekano yateguwe n’umunyepolitike atavuga rumwe na leta, Raila Odinga, yagiriza leta yuko imigambi yayo yasongereye isibe mu kuduza igiciro c’ubuzima.
Anavuga kandi – ata bimenyetso atanze – ko yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka uheze.
Bwana Ruto yagize ati: "Nk’umukuru w’igihugu nzokora uko nshoboye kugira iki gihugu gitwarwe hakurikijwe amategeko, kandi nta kintu giciye kubiri n’amategeko canke ibwirizwa shingirio kizoja mu vyo dukora."
Prezida yagirije Bwana Odinga kugerageza gukwega intureka ku nshuro ya kabiri, avuga ko yakoze ivyo nyene mu 2017 nyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu, abwiriza umukuru w’igihugu w’ico gihe, Uhuru Kenyatta, kugirana umwumvikano wamuronkeje utuganuke. Bwana Odinga ahakana ivyo vyose yagirizwa.
Imyiyerekano buri ndwi
Igipolisi ca Kenya cateye ivyuka bikoroza amarira ku rukurikirane rw’imiduga y’umukuru w’abatavuga rumwe na leta, Raila Odinga, igihe yari arongoye imyiyerekano ya mbere ikomeye yo kwiyamiriza leta ya Prezida William Ruto, kuva yaja ku butegetsi.
Umuntu n’imiburiburi umwe yarashwe kandi abashingamateka benshi bafashwe igihe haba uguhosha iyo myiyerekano ku murwa mukuru Nairobi.
Bwana Odinga yagiriza leta kuba ari leta "itemewe n’amategeko", hamwe no kunanirwa gukemura ikibazo c’ukuzimba kw’ubuzima. Bwana Ruto yiyamirije ivyo bivugwa na mukeba wiwe.
Sentare ntahinyuzwa ya Kenya yaremeje intsinzi ya Bwana Ruto mu matora yo mu mwaka uheze, ariko Bwana Odinga aguma yemanga ko ayo matora "yibwe".
Yiriwe aragendagenda mu bice bikikuje Nairobi ahimiriza abamushigikiye kwitaba ibikorwa vyiwe kandi yiyemeza kuzotunganya imyiyerekano yo kwiyamiriza leta buri ndwi.
Imyiyerekano y’uno munsi yatumye ubudandaji bwinshi mu muji bwugara kubera gutinya gusahurwa.
Habaye itana mu mitwe kw’ibarabara rya Kenyatta Avenue hagati y’abapolisi n’abari mu myiyerekano, mu gihe bamwe baza baratera amabuye abapolisi.
Amabarabara makuru yerekeza ku nyubakwa za leta zikomeye yari yazibiwe, ahakikuje ikirimba c’umukuru w’iguhugu naho nyene cazira kuhegera.