Lisa Smith: Umugore yabaye umunywanyi wa IS yahoze mu gisoda yaciriwe gupfungwa amezi 15

Ahavuye isanamu, BRIAN LAWLESS/PA
Uwahoze ari umusirikare muri Irlande yahamwe n'icaha co kuba umunywanyi w'umuhari wa Islamic State, IS, yaciriwe igipfungo c'amezi 15.
Lisa Smith w'imyaka 40 yagiriwe n'icaha mu kwezi kwa gatanu co kuba umunywanyi wa IS hagati y'itariki 28 z'ukwezi kwa cumi 2015 n'itariki 1 z'ukwezi kwa cumi na kabiri mu 2019.
Sentare yamuhanaguyeko icaha co gushira amahera mw'iterabwoba mu kurungikira amahera umugabo umwe akoresha mu mugwi w'iterabwoba.
Yaciriwe urubanza muri sentare idasanzwe mpanavyaha iri i Dublin.
Umucamanza, Justice Hunt, yavuze ko ari ibintu bikomeye ku munye Irlande wese no kuwahoze ari mu gisirikare c'ico gihugu kwemera gukorera umugwi w'iterabwo ukorera hanze y'igihugu.
Yavuze ko ata nkeka ko yari azi ico yariko arakora.
Ariko yavuze ko we na sentare bihweje kandi ingene yahora yigenza neza kandi ko yagize n'ingorane muri Syria aho yanakubaguwe. Ariko yongeyeko ko ivyo vyavuye ku ngingo yiwe yo kuja muri Syria.
Yavuze ko Smith ashobora kuba yarahenzwe vyoroshe, aca aranemera kuguma muri Syria.
Justice Hunt yavuze ko yemera ko gushika ubu ibintu vyahindutse kandi ko yari umuvyeyi mwiza yitayeho umukobwa wiwe yakunda cane.
Nta mpamvu n'imwe yerekana ko yari kuba intandaro yo kubangamira abantu.










