Uganda irahumuriza abatinya kugendera ico gihugu kubera Ebola

Health workers

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Kuva ikiza Ebola gisubiye kwaduka muri Uganda hamaze gupfa abantu 55

Prezida wa Uganda Yoweri Museveni yahumurije ingenzi ko ikiza Ebola muri ico gihugu co mu buseruko bwa Afrika kizotuzwa.

Mw'ijambo yashikirije igihugu ku musi wa kabiri, prezida Museveni yavuze ko hari abanyamahanga baguma basivya ingendo bategekanya kugira muri ico gihugu, amanama mpuzamakungu nayo yari kuhabera agasiba canke akimurirwa ahandi.

Yavuze ko ico ikiza babonye aho ciganje - abamaze kwandura bakaba bari mu district zitandatu gusa kuri 146 zigize igihugu cose.

Yongeyeko ati: "Uganda ni nyabagendwa, abashitsi mpuzamakungu bahawe ikaze."

Yavuze ko urutonde rw'abantu boba baregereye abanduye ico kiza rwashikirijwe abajejwe uruja n'uruza kugira bababuze gufata ingendo zo mu mahanga.

Kuva vyemejwe ko ico kiza cateye muri Uganda mu kwezi kw'icenda, hamaze kwandura abantu 141, 55 muri bo bakaba ari bo bamaze gupfa.

Prezida yavuze ko hari intambwe imaze gushikwako mu rugamba rwo gutuza ico kiza.

Mu misi 18, nta mugwayi mushasha araboneka mu karere ka Mubende, ahari higanje ico kiza, n'aho hari umugwayi umwe yabonetse kuri uyu wa mbere, nk'uko bivugwa n'abategetsi bajejwe amagara y'abantu.

Museveni yavuze ko utwigoro two kugwanya ico kiza twagiye turahura n'inzitizi z'abantu banse gushira mu bikorwa amategeko yo kwirinda iyo ngwara.

Abanyonga taxi-moto zizwi nka Boda boda, ntibakurikije amategeko ya guma mu rugo mu turere turimwo iyo ngwara, mu gutwara abantu hagutwara imizigo gusa.

Mu karere ka Kassanda, abantu 10 bo mu muryango umwe barapfuye bazize Ebola, inyuma yo kuzura ikiziga cari cashinguwe n'abategetsi b'umugwi ujejwe amaziko kugira bagihambe bakurikije ukwemera kwabo.

I Kampala, abantu babiri bafitaniye isano n'abagwayi batandukanye baratorotse aho bugaraniwe - umwe mu gisagara ca Masaka, uwundi mu gisagara ca Jinja - kandi bose ko ari babiri barapfuye.

N'aho ico kiza cakwiragiye mu zindi ntara ziri kure y'aho ciganje cane hagati mu gihugu, abategetsi ba Uganda basa n'abafise icizere ko ico kiza gishobora gutuzwa imbere y'uko gikwiragira hose.