'Israel izokwihora kuri iki gitero'- Netanyahu

Benjamin Netanyahu

Ahavuye isanamu, Gettty Images

Umushikiranganji wa mbere wa Israel yavuze ko Israel ''izoshika aho hose Hamas yinyegeje'' hanyuma abwira ''abantu muri Gaza kuva muri ivyo bibanza''.

Abantu nibura 250 bishwe abandi 1,452 barakomereka muri Israel inyuma y'igitero gikomeye c'intagondwa zinjiye muri Israel zivuye muri Gaza mu gihe haraswa ibisasu biremereye vya rokete. 18 bamerewe nabi cane, bandi 267 bivugwa ko bababaye bikomeye.

Amakuru avuga ko Abanya-Israel benshi, barimwo abasirikare n'abasivire bajanywe muri Gaza nk'imbohe (abanyurujwe).

Netanyahu yavuze ko Hamas ari yo ibazwa ubuzima bw'abagizwe imbohe avuga ko ''Israel izokwihora uwo wese yobagirira nabi''.

Israel yasubije mu kugaba ibitero vy'indege ku hantu ho muri Gaza, yica abantu 232 ikomeretsa abandi 1,790 nkuko abakozi bo kwa muganga babivuga.

Gaza

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abazimya imiriro n'abakozi bo gutabara bahagaze hanze y'inyubakwa yo kubamwo yagemwe na rokete muri Tel Aviv

Hamas yavuze ko yarashe roketi 150 ku gisagara ca Tel Aviv co muri Israel ku wa gatandatu ku mugoroba, mu kwihora ku gitero c'indege ca Isael casenyuye inyubakwa y'igorofa ndende muri Gaza City.

Inyubakwa yo kubamwo yasenyutse hanyuma abantu babiri bakometse bavamwa mu bibomoke, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri Israel bisubiramwo ivyavuzwe n'urwego rwo gutabara.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel yavuze ko ivyabaye ku wa gatandatu bitari bwigere biboneka muri Israel, kandi ko Israel ''izokwihora bikomeye kuri uyu munsi mubi'', nk'uko itororokanirizo ry'amakuru Reuters ribivuga.

Joe Biden

'Gushigikira Israel bikomeye nk'urutare'- Joe Biden

Umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yashikirije ijambo rigufi avuga ko ''Israel ifise uburenganzira bwo kwivuna no kugwanira abanyagihugu bayo''.

Biden yongeye gushimangira ugushigikira Israel, avuga ko ''gukomeye nk'urutare kandi kudahesha''.

''Iki si igihe ku woba adakunda Israel co gufata ivyabaye ngo avyungukiremwo,'' nk'uko yavuze. ''Isi iri maso''.

Biden yavuze ko ''Jill [umugore wiwe] nanje turababajwe n'abo bose babuze ababo.''

Ivyiriwe biraba muri make

Incamake y'ivyiriwe biraba:

  • Umushikiranganji wa mbere wa Israel yavuze ko ibitero vyakozwe na Hamas kuri uyu wa gatandatu bitari bwigere biboneka muri Israel, kandi ko Israel ''izokwihora bikomeye kuri uyu ''munsi mubi''
  • Perezida wa Amerika yashikirije ijambo rigufi ariko rikomeye avuga ati: ''Ntihagire uwihenda, Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziri kumwe na reta ya Israel''
  • Richard Hecht, umuvugizi w'igisirikare ca Israel yemeje ko ''hari ugufatwa imbohe bikomeye'' kubandanya mu bisagara vya Kibbuts Be'eri na Ofakim
  • Hecht yavuze kandi ko gutana mu mitwe bibandanya mu bibanza 22 imbere ku butaka bwa Israel
  • Israel ivuga ko hafi abantu 250 bishwe muri ivyo bitero vya Hamas, yateye roketi ziva muri Gaza ikanarungika abagwanyi muri Israel
  • Umutegetsi ajejwe amagara y'abantu muri Palestine yabwiye BBC ko abantu barenga 230 bishwe mu bitero vy'indege vya Israel vyo kwihora kuri Gaza. Kimwe muri ivyo bitero cagemye inzu y'igorofa ndende muri Gaza City
  • Iyo ntureka yashitse no muri Cisjordanie, aho abanya-Palestine batandatu bishwe abandi 120 bagakomereka mu mishamirano n'abaporisi ba Israel n'abagiye kuhaba [Kuhigarurira].