Israel Vs Hamas: Ubwongereza bugiye gufata Hamas nk'umuhari w'iterabwoba

Imyiyerekano ya Hamas i Gaza mu 2006

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Imyiyerekano ya Hamas i Gaza mu 2006

Umunyamabanga ajejwe intwaro yo hagati w'Ubwongereza Priti Patel amenyesha ko ariko ararondera ingene ashira umuhari urwanira agateka k'abanyepaletsina Hamas ku rutonde rw'imirwi y'iterabwoba.

Ishami rya gisirikare ry'uyu muhari usanzwe ufise mu minwe akarere ka Gaza rimaze gushirwa n'Ubwongereza ku rutonde rw'imirwi y'iterabwoba.

Hagati aho, iyi ngingo izofata n'ishami rya poritike ry'uyu muhari ugendera ku matwara ya Islam.

Ni icaha gihanwa n'amategeko mpanavyaha kuba umunywanyi canke gutumirira abantu kuba mu murwi utemewe n'amategeko canke kwambara umwambaro ushobora kuboneka ko ushigikiye uyu murwi.

Uwagiriwe n'icaha ashobora gupfungwa imyaka 14 agatanga n'ihadahu canke agacirwa ihadabu gusa.

Inama nshingamateka yiteze kwiga iyi nteguro y'ibwirizwa yahawe ejo ku wa gatanu kugira bayemeze canke bayihakane, mu gihe boyemeza ikazoca ija mu ngiro kuva ku wa 26 z'uku kwa cumi na rimwe.

Umuhari Hamas umaze gukora ibitero biharurwa mu majana vyahitanye abantu muri Israel, nayo ibirokete biharurwa mu bihumbi bikaba bimaze guterwa muri ico gihugu mu myaka itari mike impande zompi zimaze mu ndyane.

Israel ifatanije na Misiri yarugaranye akarere ka Gaza kuva umuhari Hamas ufashe ubutegetsi mu 2006 ugatangura urukurikirane rw'intambara na Israel. Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu aragiriza impande zompi gukora ivyaha vyo mu ntambara.

Umupfasoni Patel yemeje aya makuru mw'ijambo yashikirije mu nama yerekeye umutekano no kurwanya iterabwoba i Washington DC.

Ati: "Hamas ifise ubushobozi bunini bwo gukora ibikorwa vy'iterabwoba, harimwo no kuronka ibirwanisho vy'ubwoko bwinshi kandi bikomeye, ifise n'ibibanza vyo gukoreramwo imyimenyerezo, ikaba imaze igihe ikora ibitero vy'iterabwoba".

"Hamas irakora, ikagira uruhara, igategura, igahimiriza kandi igakokeza iterabwoba. Mu gihe twobirenzako uruhu rw'amaso, izotwononera umutekano".

Mu kwishura, Hamas yagirije Ubwongereza ko bushigikiye "inkozi z'ikibi bwirengagije ababukorerwa".

Israel irashima iki cemezo, ikavuga ko ari "ingingo ikomeye".

Umushikiranganji w'imigenderanire Yair Lapid avuga ati: "Nta gice na kimwe c'umuhari w'iterabwoba cemewe, kugerageza gufata ibice bimwe vy'umuhari w'iterabwoba ukabitandukanya n'ibindi ntaco uba uriko urakora".

Ishami rya gisirikare rya Hamas ryashizwe ku rutonde rw'imirwi y'iterabwoba mu kwa gatatu 2001

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ishami rya gisirikare rya Hamas ryashizwe ku rutonde rw'imirwi y'iterabwoba mu kwa gatatu 2001

Umuhari Hamas ni umwe mu mirwi 78 y'iterabwoba ibujijwe mu Bwongereza, ukaba ugize gatatu ubujijwe n'umunyamabana w'intwaro yo hagati mu mwaka umwe uheze.

Uyu muhari usanzwe waramaze gushirwa ku ntonde z'imirwi y'iterabwoba n'ibihugu vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Umuryango w'Ubumwe bwa Bulaya hamwe n'ibindi bihugu vya rutura.

Mu kwa gatatu 2001, niho Ubwongereza bwashira ishami rya gisirikare rya Hamas ku rutonde rw'imirwi y'iterabwoba.

Ico gihe, ibiro vy'umushikiranganji w'intwaro yo hagati vyatangaje ko amatohoza yerekanye ko hari itandukaniro riboneka hagati y'amashami ya gisirikare n'uyu murwi, ariko ubu bikaba biboneka ko habaye ugufata ibintu minenerwe.

Mu ntango, Hamas yari ifise intumbero zibiri: kurwanya Israel gisirikare - mu rugamba rwari gukorwa n'ishami rya gisirikare ryayo, Izzedine al-Qassam Brigades - hamwe no gutegura imigambi yo guteza imbere imibereho y'abanyagihugu.

Ariko inyuma ya 2005, igihe Israel ikuriye ingabo zayo n'abanyagihugu bayo mu karere ka Gaza, Hamas yaciye yinjira mu bikorwa vya poritike vya Palestina. Yatahukanye intsinzi mu matora y'abashingamateka mu 2006, imbere y'uko ishinga rukaguma mu butegetsi bwa Gaza mu mwaka wakurikiye mu kwomora umuhari Fatah wa Perezida Mahmoud Abbas wari uhanganye nayo.