Israel - Gaza: Hamas yoba ifise inguvu zingana gute zo guhangana na Israel?

Ahavuye isanamu, Getty Images
N'aho impande zompi zipfisha abantu, ibintu bikononekara mu ndyane zigenda ziba ndanse hagati y'imirwi y'abarwanyi b'abanyapalestina mu karere ka Gaza ku ruhande rumwe, hamwe n'igisirikare ca Israel ku rundi ruhande, iracari intambara hagati y'abatanganya inguvu.
Israel niyo ifise inguvu nyinshi cane, mu gihe indege zayo z'intambara, za drone zikoreshwa mu ntambara hamwe n'inguvu zayo mu bijanye n'igendereza, biyiha ubushobozi bwose bwo gutera ahantu hose ishatse kandi igihe ishakiye muri Gaza.
Ibandanya ivuga ko itera mu bibanza bizwi vya gisirikare gusa, ariko bivanye n'uko abantu baba muri Gaza ari benshi, usanga ibirindiro vya Hamas n'abarwanyi b'idini rya Islam vyegereye hafi cane y'uturere tubamwo abantu, mbere vyinyegeje mu banyagihugu, ku buryo ibitero ivyo ari vyo vyose vyama bihitana abanyagihugu basanzwe.
Hagati aho, Hamas n'abarwanyi ba Islam, n'aho batanganya ubushobozi na Israel, nabo bafise ibirwanisho bibaha ubushobozi bwo gutera Israel. Baramaze kugerageza uburyo butari buke bw'intambara.
Mu misi iheze, Israel yarakoroye indege ya drone ishobora kuba yari iy'intambara, yariko igerageza kwinjira muri Israel ivuye muri Gaza.
Umuvugizi wa gisirikare wa Israel yavuze ko "ingabo zidasanzwe za Hamas" zagerageje kwinjira muri Israel ziciye mu mwobo wava mu karere k'ubumanuko bwa Gaza. Gusa, vyabonetse ko igisirikare ca Israel cari camaze kugabishwa, uyu muvugizi akavuga ko vyatumye iyi nzira yo mu kuzimu isambuka.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ariko ikirwanisho nyamukuru mu Banyapalestina ni ubwoko butandukanye bwa misire bafise zishobora gutera aho ari ho hose haba ku butaka canke mu mazi. Zimwe muri izi, zizwi ko zinjijwe muri Gaza mu kinyegero zicishijwe mu myobo iva mu karere ka Misiri, Sinai.
Hagati aho, vyinshi mu birwanisho vya Hamas n'abarwanyi ba Islam babihabwa n'ubushobozi bukomeye kandi budasanzwe bwo kwihingurira ibirwanisho bo nyene hagati muri Gaza.
Abahinga ba Israel n'abandi b'abanyamahanga bemeza ko Irani yafashije cane Gaza mu buryo bw'ubuhinga bujanye n'uguhingura ibi birwanisho. Nico gituma ibirindiro nyamukuru vyabangamiwe n'ibitero vy'indege za Israel vyari ububiko hamwe n'ibibanza bihingurirwamwo bino birwanisho.

Ahavuye isanamu, Reuters
Kumenya ibitigiri nyezina vya misire Hamas intunze ni ibintu bidashoboka.
Ni ibihumbi n'ibihumbi vy'ibirwanisho vy'ubwoko butandukanye. Ariko ikigaragara ni uko igisirikare ca Israel coba gifise ibitigiri ngereranyo vy'ibi birwanisho ariko idashaka kwerekana. Ikintu conyene uyu muvugizi ashobora kuvuga, ni uko bemera ko Hamas ishobora kubandanya yihagazeko mu kiringo kitari gito.
Abanyapalestina bakoresha misire z'ubwoko butandukanye kandi zifise inguvu, zishobora kurasa kure kandi zishobora kwonona ibintu vyinshi.
Biragoye kumenya amazina yazo, ariko Hamas ifise ubwoko bwinshi butandukanye bwa misire zirasa hafi, nk'izizwi nka Qassam (zishobora gushika ku birometero cumi) hamwe na Quds 101 (zishobora gushika ku birometero 16km); izi zigashigikirwa z'izo mu bwoko bwa Grad (zishobora gushika ku birometewro 55); hamwe na Sejil 55 (nazo nyene zishobora gushika ku birometero 55km). Izi kumbure nizo zirwiriye cane mu birwanisho vya Hamas ariko kandi hatibagiwe na za mortiers nazo zica ziza zizunganira.
Hagati aho, Hamas irafise ubwoko butari buke bwa misire zishika kure, nk'izizwi nka M-75 (zishobora gushika ku birometero 75); Fajr (zishobora gushika ku birometero 100); R-160 (zishobora gushika ku birometero 120); hamwe n'izindi zizwi nka M-302 zishobora gushika ku birometero 200.
Ibi vyose rero vyerekana ko Hamas ifise ibirwanisho bishobora gushika i Jerusalem na Tel Aviv, kandi zikabangamira akarere kose gahana urubibe na Gaza gasanzwe kabamwo abanyagihugu benshi ba Israel kandi karimwo inyubakwa zikomeye z'igihugu.

Ahavuye isanamu, Reuters
Uyu muhari w'abanyapalestina usanzwe urongoye akarere ka Gaza uragaragara ko ufise ibihumbi n'ibihumbi vya misire zishobora gushika ku ntera zitandukanye ku buryo ishobora kurasa mu bice bitandukanye vya Israel.
Hagati aho, iyi mishamirano iriko irerekana aho ubushobozi bwa Hamas bugera.
igisirikare ca Israel kivuga ko muri misire zirenga 1000 zatewe mu misi itatu ya mbere, 200 muri zo zitashobore kurengana akarere ka Gaza ko nyene ubwako, kumbure ibi bikerena ko ibirwanisho bo nyene bihinguriye bitaba bifise ubushobozi nyabwo.
Kivuga ko 90% za misire zose zashoboye gushika muri Israel zasamburiwe mu kirere n'ibirwanisho vyo gukingira ikirere bizwi nka Dôme de fer (Iron Dome).










