Indonesia yemeje itegeko mpanavyaha rihana ubusambanyi

Inama nshingamateka ya Indonesia kuri uno wa kabiri yemeje itegeko mpanavyaha rishasha rizohanisha umunyororo wo gushika ku mwaka umwe abasambanyi.

Iri tegeko riri mu rukurikirane rw’impinduka abanegura reta bavuga ko zititura ubwigenge bwa poritike.

Iri tegeko mpanavyaha rishasha ntirishobora kuja mu ngiro imbere y’imyaka itatu, rikaba ririmwo kandi no guhana uwutuka umukuru w’igihugu n’uwushikiriza ivyiyumviro biteye kubiri n’amarangamutima ya reta.

Amashirahamwe mato mato yakoze imyiyerekano imbere y’inama nshingamateka ku mugwa mukuru Jakarta ejo ku wa mbere.

Iri tegeko mpanavyaha – rizofata abanya-Indonesia n’abanyamahanga – ririmwo amategeko atari make “yerekeye inyifato” kandi rirahana ababana batarubakana bagahuza ibitsina.

Umukunzi canke abavyeyi bashobora kumushengeza ku caha co gusambana.

Kurenga ibigo (guca inyuma uwo mwashakanye, mu Kinyarwanda) naco nyene kizoba icaha gishobora gutuma abantu bapfungwa.

Hagati aho, iri tegeko mpanavyaha rishasha riraja no mu bindi bisata vy’ubuzima bw’igihugu, amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu akavuga ko ari nko guhonyanga uburenganzira butangwa n’intwaro rusangi.

Ririmwo ingingo zijanye no gutuka abakuru zibuza abantu gutuka umukuru w’igihugu canke gushikiriza ivyiyumviro biteye kubiri n’amarangamutima y’igihugu.

Ririmwo kandi “ingingo ziteye ingorane” zihonyanga uburenganzira bw’abagore, abari muri wa murwi w’abahuza ibitsina babisangiye hamwe n’abo mu madini y’inkehwa, nk’uko Elaine Pearson, arongoye ishirahamwe Human Rights Watch ku mugabane wa Aziya, abivuga.

Umupfasoni Pearson yabwiye BBC ati: "Iyi ni inzitizi ikomeye cane ku gihugu kigerageza kwiyerekana ko kigengwa n’intwaro ya ki-Islam igendera kuri demokarasi”.

Umushakashatsi wo muri iryo shirahamwe ari i Jakarta, Andreas Harsono, avuga ko hari amamiriyoni n’amamiriyoni y’ababanye muri Indonesia badafise impapuro zemeza ko bubakanye “cane cane mu basangwabutaka canke aba-Islam mu mitumba ya kure” usanga barongoranye babicishije mw’idini.

Yabwiye BBC ati: "Aba bantu vyumvikana ko bazoba bariko bahonyanga itegeko kuko kubana bishobora guhanishwa umunyororo wo gushika ku mezi atandatu”.

Yongerako y’uko ubushakashatsi bwakozwe mu Kigobe c’Abarabu, ahasanzwe hari amategeko asa n’ayo yerekeye ivyo guhuza ibitsina, bwerekana ko abagore ari bo bahanwa kandi biziziwe n’aya mategeko agenga inyifato gusumba abagabo.

Hagati aho, abashingamateka ba Indonesia bavuga ko ririmwo ingingo zikingira uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro n’imyiyerekano ikozwe ku “nyungu z’abanyagihugu”.

Bishimira kandi kubona iri tegeko ryemejwe, na rirya ritari bwigere risubirwamwo kuva Indonesia ironse intahe y’ukwikukira yibohoye ubutegetsi bw’Ubuholande.

Integuro y’iri tegeko yaheruka, yategerezwa kwemezwa mu 2019 ariko yateje imyiyerekano igihugu cose aho abantu ibihumbi mirongo bayitabiriye.

Abenshi, harimwo n’abanyeshure, barihaye amabarabara mbere haraba no gutana mu mitwe n’igipolisi muri Jakarta.

Uturere tumwe tumwe twa Indonesia twari dusanzwe dufise amategeko ruhasha ashingiye kw’idini ku vyerekeye uguhuza ibitsina.

Intara ya Aceh isanzwe yubahiriza itegeko rikomeye rya Islam, ikaba ihana abakina akamari (imikino y'amahirwe, mu Kinyarwanda), abanywa inzoga no guhura n’abantu mudasangiye igitsina.