Myanmar: Aung San Suu Kyi yahanishijwe gupfungwa imyaka 3 'yagirizwa ubusuma mu matora'

Ahavuye isanamu, SOE ZEYA TUN
Abashingwamanza ba Aung San Suu Kyi bavuga ko sentare ya gisirikare ya Myanmar yamuciriye iyindi myaka itatu y'igipfungo yagirizwa ubusuma mu matora.
Suu Kyi - yahoze arongoye ico gihugu - ubu amaze gucirirwa gupfungwa imyaka 20 ku vyaha 11, mu gihe hagisigaye ibindi vyaha yagirizwa vyinshi.
Arahakana ivyo vyose yagirizwa, kandi izo manza acibwa zagumye ziyamirizwa n'amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, avuga ko zinyegeje inyuma ya politike.
Mu gihe yohamwa n'ivyaha vyose, ashobora gucirirwa gupfungwa imyaka yoba ishika 200.
Ico gihano gishasha kirimwo no gukora ibikorwa biruhisha, nk'uko bivugwa n'abamuburanira. Uwo mugore w'imyaka 77 yatsindiye agashimwe kitiriwe Nobel amaze umwanya munini w'ubuzima bwiwe apfunzwe icamaso ku muhana iwe , ku mugwa mukuru Nay Pyi Taw.
Abantu hamwe n'abamenyeshamakuru ntibarekuriwe gukurikirana urwo rubanza rwabera mu mwiherero kandi igisirikare cari cabujije abamuburanira kuvugana n'abamenyeshamakuru.
Sentare yamuhamije icaha c'ubusuma mu matora rusangi yo mu kwezi wa cumi na rimwe mu 2020, aho umugambwe wiwe, National League for Democracy (NLD), watsinze n'amajwi menshi.
Igisirikare catembagaje ubutegetsi mu mwaka uheze, citwaje ko habaye ubusuma bw'amajwi mu matora, ariko abahagarikizi b'amatora bavuga ko ivyayavuyemo " vyari vyisunze ivyipfuzo vy'abanyagihugu".
Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu na demokrasi yariyamirije ikurikiranwa rya Suu Kyi hamwe n'abandi avuga ko ivyo bagirizwa bitagira umutwe n'amaguru. ONU/UN ivuga ko ari imbere y'"urubanza ruteye isoni". Intwaro ya gisirikare ivuga ko urubanza rwa Suu Kyi rukurikije amategeko.
Umuvugizi w'ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International yabwiye BBC ko igisirikare gikoresha uburyo bwemewe n'amategeko nk'"ikindi gikoresho mu bindi vyinshi co gushaka gucinyiza abatavuga rumwe na bo".
Uwo muvugizi yagize ati:"Imanza z'urutavanako za Aung San Suu Kyi ni kamwe mu turorero k'ingene igisirikare cagize sentare ikirwanisho mu kwinyegeza inyuma ya politike canke ibindi bitagira umutwe n'amaguru mu kwagiriza abatavuga rumwe na co n'abagira imyiyerekano."
Ifatwa ku nguvu ry'ubutegetsi n'abasirikare mu kwezi kwa kabiri ryatumye hakwiragira imyiyerekano, bituma abasirikare bari ku butegetsi i Myanmar bahiga buhongo abashigikiye demokrasi bari mu myiyerekano, abaharanira agateka ka zina muntu hamwe n'abamenyeshamakuru.
Suu Kyi - hamwe n'abandi bayoboke b'umugambwe wiwe - bari mu bandi bantu barenga 15.000 b'ahagaritswe n'igisirikare kuva bafashe ubutegetsi - abashika 12.000 baracari mw'ibohero, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe rifasha abanye politike bari mw'ibohero (Assistance Association for Political Prisoners).
Ku musi wa gatanu, uwahoze aserukira Ubwongereza muri Myanmar n'umugabo wiwe baciriwe gupfungwa umwaka wose umwe wese yagirizwa kurenga ku mategeko agenga abimukira. Vicky Bowman, yaserukiye Ubwongereza muri Myanmar kuva mu 2002 gushika 2006, hamwe n'umunyabugenegene Htein Lin bahagaritswe mu ndwi iheze ku muhana wabo i Yangon.










