Aung San Suu Kyi: Myanmar yakatiye uyu yahoze ari umurongoze igifungo aregwa igiturire

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Inkuru ya Frances Mao
- Igikorwa, BBC News
Sentare ya gisirikare muri Myanmar yahamije uwahoze ari umurongozi, Aung San Suu Kyi, icaha ca ruswa mu rubanza ruheruka mu zisanzwe zibera mw'ibanga.
Madamu Suu Kyi yari asanzwe afunzwe icamaso kuva muri Ruhuhuma (2) 2021 igihe leta yiwe yatowe yatembagazwa n'igisirikare.
Uyu mudamu w'imyaka 76 yatsindiye agashimwe Nobel, yaragirijwe ivyaha vyinshi birimwo kwiba amajwi.
Ahakana ivyaha vyose yagirizwa kandi amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yariyamirije imanza aregwamwo, akavuga ko ari inkinamico.
Ukwumvirizwa kwabereye ahadashikwa na bose ku murwa mukuru Nay Pyi Taw, abanyagihugu hamwe n'ibitangazamakuru barakumirwa, kandi abashingwamanza ba Madamu Suu Kyi barabujijwe kuvugisha abamenyeshamakuru.
Kuri uyu wa gatatu sentare y'urwego rwatembagaje ubutegetsi yamuhamije icaha co kwakira igiturire c'agaciro ka $600.000 (angana n'amarundi 1.237.833.000 FBI), agihabwa mu mafaranga no mu nzahabu n'uwahoze ari umukuru wa Yangon, umuji ukomeye kurusha iyindi muri Myanmar.
Yakatiwe gufungwa imyaka itanu mu munyororo. Abashingwamanza babwiye BBC ko batashoboye kubonana nawe.
Iki gihano yahawe gitumye ugukatirwa kwiwe kwose guca kungana n'imyaka 11, kuko hari ibindi vyaha yari yarahamijwe.
Muri Kigarama (12), yarahamijwe ivyaha vyo kugumura abantu ngo biyamirize igisirikare hamwe no kurenga ku mategeko yo gukumira ikiza ca Covid.
Muri Nzero (1) naho nyene yarahamijwe ivyaha vyo kwinjiza mu nzu yiwe bidaciye mu matege ivyuma vya radio vyo gutumanako (walkie-talkie), no kurenga ku mategeko yo gukumira Covid.
Madamu Suu Kyi azoburanywa ku bindi vyaha 10 vy'igiturire, kimwe cose kikaba giherekejwe n'igihano gishika ku myaka 15, co kimwe n'ivyaha vyo kwiba amajwi no kurenga kw'itegeko ryo kugumya ibanga.
Abamushigikiye bavuga yuko ivyaha aregwa ari ibihimbano vy'umugwi w'abasirikare uri ku butegetsi, kugira Madamu Suu Kyi, agifatwa nk'ikimenyetso gikomeye ca demokrasi, agume mw'ibohero ubuzima bwose.
Niyahamwa n'ivyaha vyose, arashobora kuzokatirwa gupfungwa imyaka irenga 190, nk'uko bamwe babigereranya.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abaharanira uburenganzira bwa muntu hamwe n'imigwi iharanira demokrasi, co kimwe na ONU, bariyamirije izo manza bakavuga ko ari nk'urwenya.
Ishirahamwe Human Rights Watch ryavuze yuko ari "ubucamanza bw'ibirori bigizwe n'amategeko y'ibanga hamwe n'ivyagiriji vy'ibihimbano".
Ifatwa ry'ubutegetsi n'igisirikare hakoreshejwe inguvu mu kwezi kwa Ruhuhuma (2) muri Myanmar, igihugu kizwi kandi nka Burma, ryabaye nyuma y'amezi umugambwe wa Madamu Suu Kyi, National League for Democracy (NLD), utsinze amatora rusangi ku majwi menshi.
Igisirikare cavuze yuko iyo ntsinzi yavuye mu kwiba amajwi, ariko abarorerezi bigenga bavuze yuko amatora ku ruhande runini yagenze neza.
Gutembagaza ubutegetsi kwateje imigumuko hose mu gihugu, bituma igisirikare ca Myanmar gihiga bikomeye abaharanira demokrasi, abategura imyiyerekano hamwe n'abanyamakuru.












