Ghana: umunyamakuru yatewe ariko ashikiriza ibiganiro ikibiriraho muri studio

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Thomas Naadi
- Igikorwa, BBC News, Accra
Igitero ku mumenyeshamakuru yariko ashikiriza ibiganiro ikibiriraho muri studio cateye uburakari muri Ghana.
Abubakari Sadiq Gariba, umumenyeshamakuru wa radiyo Dagbon FM yo mu gisagara ca Tamale kiri mu buraruko bw’igihugu yariko ashikiriza ikibiriraho ibiganiro ku wa gatatu igihe abagabo babiri bitera muri studio baca bamufata mu kanigo.
Bamuteye ubwoba ko bamukubita ari nka hamwe yonana. Uyu mumenyeshamakuru yaciye ava muri studio ajana n’aba bantu bari bamuteye.
Gariba yabwiye BBC ko ata ngorane afise ariko ko impari zabandanije bari hanze ya studio.
Avuga ko umwe muri aba bagabo yama yitaba ikiganiro ciwe.
Uyu mugabo, umunyaporitike wo muri ico gisagara, yarababajwe n’ico afata ko ari ukunegurwa na Gariba mu mpari ku burongozi muri ako karere, nk’uko bivugwa nuyu mumenyeshamakuru.
Aba bagabo bamuteye ntaco barashobora kuvuga.
Videwo yerekana ivyabaye yazungurutse cane ku mbuga hwaniro, ituma abatari bake bibaza ibibazo ku ntambwe iherutse kuvugwa ko yatewe na Ghana mu vyerekeye ubwigenge bwo kumenyesha amakuru.
Uwahoze ari umukuru w’ico gihugu John Mahama asaba reta gukora uko ishoboye igashiraho urubuga rwiza ku bamenyeshamakuru.
Umwaka uraheze Radio Ada mu bumanuko bwa Ghana itewe n’abagabo bashika kw’icumi, bamenagura ibikoresho banatera abamenyeshamakuru. Igipolisi carananiwe no guhagarika abakoze iki gitero.
Hariho kandi n’ikibazo kitaratorerwa umuti c’ubwicanyi bwakorewe umumenyeshamakuru Ahmed Hussein Suale yandika amakuru y’igendereza, yarasiwe ku mugwa mukuru Accra mu 2019.










