Uyu munya-Ghana, yoba ari we muntu wa mbere muremure kw’isi?

Na Favour Nunoo
BBC News Pidgin, Gambaga
Igihe numva ibihuha vy’umuntu yavuga ko ashobora kuba ari we wa mbere muremure kw’isi mu buraruko bwa Ghana, naciye ntangura kuraba niba vyoba ari vyo. Hari ingorane yari ihari? Ego, kumupima.

Ibitaro bimwe vyo mu buraruko bwa Ghana vyabwiye Sulemana Abdul Samed, w’imyaka 29, igihe aherukira kuja kuhipimishiriza ko yageze ku burebure bwa 2.89m.
Ibi bishobora kumugira umuntu wa mbere muremure kw’isi, ariko hari agahaze – iryo vuriro rishobora kuba ritazi neza ibipimo vyiwe kubera ata bikoresho nyavyo vyo kumupima rifise.
Inyuma y’imyaka mike asanzwemwo ingorane zitera ugukura bidasanzwe, uyo musore yategerezwa kwama aja ku bitaro kugira ngo akurikiranwe ku burebure burenze urugero, mu gihe yasabwa guhagarara neza ku gipimisho.
Umuforoma yaratangaye amubwira ati: "Warehutse kurenza urugero”.
Uyu mugabo azwi ku ritazirano rya Awuche, risigura "Tugende" mu rurimi rw’igi-Hausa, aratangazwa n’ukungene atamarirwa.
Ntatangazwa n’ukwumva bamubwira ko ari muremure cane, kubera ntiyigeze ahagarika kurehuka – ariko rero vyateje ikibazo abakozi, kuko ntibari biterugiye ikintu nk’iki.
Umuforoma yari kw’izamu yahamagaye mugenziwe, uyu nawe aca atabaza uwundi kugira ngo abafashe.
Haciye akanya gato, umurwi w’abaforoma n’abavuzi baciye baja hamwe kugira ngo bige ingene botorera umuti iki kibazo co kumenya uburebure bwiwe.
Umwe yavuze ko botora igiti bakacongera ku nkoni yabo kugira bashobore gupima uburebure bwiwe - uko akaba ariko bashoboye kugereranya uko areha.
'Arabandanya kuba muremure'
Igihe nabona ubwa mbere Awuche mu mezi make aheze ndiko ndatembera mu buraruko bwa Ghana, aho inkuru yiwe yariko irakwiragira cane, nta metero nari mfise kugira ngo mpime uburebure bwiwe.
Kugira ngo menye ukuri – kandi mfise n’umugozi w’imetero zitanu – naciye nsubira mu kigwati ca Gambaga mu ndwi iheze.

Umugambi wari uwo kumusaba kwegamira uruhome, tukaraba aho umutwe ushika, gutyo tugashobora gupima uburebure bwiwe dukoresheje uwu mugozi ufise ibipimo.
Yishimiye amayeri yanje nakoresheje mu kumenya uburebure bwiwe nyabwo, Awuche avuga yemeza neza ati: "Ukungene bampima, sinshobora kuvuga ko babikora neza”.
Vyagiye kuboneka ko yarehutse gushika aho asumba inzu zose zo mu karere kiwe, ariko tumaze kuzunguruka hose twahavuye turonka inzu ikwiye, ifise urukuta rurerure rukwiye.
Yarakuye ibirato vyiwe – ikandambili ndende zikozwe mu mapine, zakozwe n’umushonyi w’ibirato w’ako karere kubera ata birato yoronka bishobora kumukwira.
Umwe mu babanyi biwe yahagaze ku gatebe k’imbaho kugira ngo ashobore gushika aho umutwe wa Awuche ugarukira kugira ngo ashobore kuhashira ikimenyetso akoresheje ikara.
Twaciye tugorora neza umugozi wacu kuva aho twashize ikimenyetso gushika hasi, Awuche araba, afise igishika co kumenya igipimo c’uburebure bwiwe.

Navuze nti: "Awuche, uburebure bwiwe buboneka ko ari imetero 2.23”.
N’akamwenyuro kiwe, yishura ati: "Wow, none bisigura iki?"
"Rero, umuntu wa mbere muremure akiriho apima 2.5 m, agusumvya isantimetero nka 30”.
Aho navuga Sultan Kösen w’imyaka 40 aba muri Turukiya akaba ari we muntu wa mbere muremure azwi mu makuru afiswe na Guinness.
"Ndacabandanya kuba muremure. Nta wuzi ko umusi umwe ntazoshika kuri ubwo burebure”, niko Awuche avuga – kandi ata ngorane yumva ku budasa buri hagati y’iki gipimo n’ico yabwiwe n’abaganga.
Asigura ati: "Ndaduga uburebure uko amezi atatu canke ane aheze…utambonye mu mezi atatu canke ane hanyuma ukambona, uca ubona ko nongerekanye”.
Ururimi rwuzuye akanwa
Uku kurehuka kwatanguye kwibonekeza afise imyaka 22 igihe yaba ku mugwa mukuru, Accra.
Awuche yari yimukiye mu gisagara ahejeje amashure yisumbuye mu ntumbero yo kurondera ubuzima, ari naho benewabo bari basanzwe baba.

Yakora mw’iduka ry’inyama, aho yakora abika amahera kugira ngo ashobore kuriha ivyigwa vyo kwia kugendesha imodoka.
Ariko umusi umwe yavyutse mu gatondo abona ikintu kidasanzwe, ati: "Numvise ururimi rwanje rwagaye rwuzuye akanwa kose ku buryo ntashobora guhema neza”.
Yaciye aja kw’iduka ridandaza imiti kugira bamuhe imiti, ariko haciye imisi yisanze izindi ngingo zose z’umubiri ziriko ziraba ndende.
Igihe umuryango n’abagenzi b’iwabo bagendera ico gisagara, bose babonye ko yarehutse, ari naho yaca abona ko yariko araba muremure cane.
Yatanguye kuruta abantu bose – aca arondera ubufasha kwa muganga kuko uku gukura kwiwe kwazanye izindi ngorane.
Yisanze afise uruti rw’umugongo rwigonze (ruhese), kimwe mu bimenyetso vyerekana ingorane ziwe, ingorane izwi nka Marfan, ingorane kamere (genetic) igira ingaruka ku ngingo z’umubiri.
Ituma umuntu agira ingingo ndende mu buryo budasanzwe.
Izindi ngorane zikomeye umuntu ashobora kugira harimwo ibibazo vy’umutima.
Abaganga bavuga ko akeneye kubagwa mu bwonko kugira ngo bahagarike uko kuguma aba muremure.

Ariko igisata ca Ghana kijejwe ubwishingizi bw’amagara y’abantu ntigishobora kuriha ibi, mu gihe gitanga ubuvuzi bubayabaye.
Igihe cose agiye ku bitaro, yama akenera kuriha amafaranga angana n'amadorari y’Abanyamerika 50.
Ibibazo vy’amagara vyahavuye bimutuma asubira iwabo mu myaka itandatu iheze, aca aheba icipfuzo ciwe co kuzoba umushoferi.
Ati: "Nari mfise umugambi wo kuja kw’ishure ryigisha ubushoferi, ariko n’aho nosubiza inyuma intebe sinshobora gufata ivola (volant/steering wheel)…sinshobora kugorora amaguru kubera amavi yanje akubita kw’ivola”.
Ubu abana na mwenewabo – akaba yahavuye aronka ingene yisumamwo mu gutanguza akaduka gatoya aho agurisha amakarata ya terefone ngendanwa- (unites/credits).
Uburebure bwiwe kandi bwaramubujije ubuzima bwo mu kibano.
Asigura ati: "Narigeze kuba nkina umupira w’amaguru nk’uko bimeze ku muntu uwo ari we wese akiri muto, narinonora imitsi ariko ubu sinshobora no gukora urugendo rurerure ntambuka”.
Kuba rurangiranwa iwabo
Ariko Awuche ntiyemera ko ingorane ziwe zimuzingamika. Yumva yishimye iyo ariko arazunguruka mu tuyira two mu kigwati c’iwabo n’uburebure bwiwe – amwenyura iyo yumvise abantu bariko bamuhamagara.
Yabaye rurangiranwa ukuntu iwabo.
Abatama bicaye mu gatutu batera inkuru, abana bamuramutsa, abagore bamwe baza kumuhobera batera inkuru nawe.
Abantu bamwe baza kwifotoza nawe – mbere n’abanyamahanga baraza kubaza nimba ari we muntu muremure babonye ku mbuga hwaniro.
Awuche ati: "Nkunda kubabwira nti: 'Ego, nyegera’ – turahagararana tukifotozanya amafoto meza”.

Arashimira cane umuryango wiwe ingene umushigikira mu kuvyitwaramwo, akavuga ko ata wundi muntu n'umwe azi mu muryango wiwe, harimwo n'abahungu batatu bavukana, yoba afise ibimenyetso vyo kumera gutyo.
"Nta n’umwe muri bo muremure, ni jewe jenyene ndi muremure”.
Aripfuza kuzorongora umusi umwe hanyuma akaronka abana, ariko ashaka kubanza kwitaho amagara yiwe.
Ico ashira imbere ubu ni ukugerageza kwegeranya amafaranga kugira ngo ashobore kubagwa ukuguru kumwe gufise ingorane zo ku ruhu, ku jisho ry’ikirenge n’ikirenge nyene zavuye ku kurehuka kudasanzwe.
Ariko yiravye amano yiwe aboshwe n’ipansuma, Awuche ntashaka gucika intege kubera ikibazo ciwe.
"Niko Allah yabinteguriye, meze neza. Nta ngorane mfise ku kungene Imana yandemye”.










