UK: Batewe impungenge n'abahagaritswe bariko biyamiriza intwaro ya cami

Abapolisi

Ahavuye isanamu, PA Media

Ihagarikwa ry'abiyamiriza intwaro ya cami mu Bwongereza inyuma y'urupfu rw'Umwamikazi "riteye impungenge", nk'uko abaharanira ubwisanzure bwo gushikiriza ijambo babivuga. 

Igipolisi muri Ecosse/Scotland cahagaritse abantu babiri muri ino misi ya vuba bagirizwa guhungabanya amahoro, uwundi nawe akaba yarahagaritswe hanyuma ararekurwa i Oxford. 

Iri hagarikwa ryabaye mu gihe hari ibirori vyo kwibuka urupfu rw'Umwamikazi n'iyimikwa rya Charles III nk'Umwami mushasha w'Ubwongereza.

Abaharanira ubwisanzure bwo gushikiriza ijambo bavuga ko uburenganzira bwo kuja mu myiyerekano ari ngombwa kandi ko butegerezwa gukingirwa.

Ku wa Mungu, umugore w'imyaka 22 yaragirijwe guhungabanya amahoro inyuma yo guhagarikwa igihe hari ibirori vyo kwimika Umwami hanze y'Urusengero rukuru rwitiriwe Umweranda Giles i Edinburgh. 

Mu nyuma yahavuye arekurwa ariko akazorenguka muri Sentare ya Edinburgh mu misi iri imbere.

Kuri uwo musi nyene, Symon Hill w'imyaka 45 yarahagaritswe yiketswe guhungabanya umutekano igihe ashiriye ijwi hejuru ngo "Ni nde yamutoye?" mu kindi gihe Umwami yariko ashikiriza ijambo i Oxford. 

Igipolisi ca Thames Valley cavuze ko yahavuye arekurwa kandi ko yariko afasha abapolisi "ku gushaka kwiwe".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ku wa mbere, umugabo w'imyaka 22 yarahagaritswe yagirizwa guhungabanya amahoro inyuma yo kwikekwa ko yaciriyemwo umuganwa Andrew mu gihe hari urugendo rwa cami i Edinburgh.

Ruth Smeeth, umuyobozi nshingwabikorwa w'ishirahamwe Index on Censorship, avuga ko iri hagarikwa "riteye impungenge", akongerako ati:

"Ni ngombwa ko tumera magabo kugira ngo ibi birori ntibikoreshwe, haba giturumbuka canke vyateguwe, mu guhonyanga mu buryo ubwo ari bwo bwose uburenganzira bwo gushikiriza ijambo abanyagihugu basanzwe bafise". 

Silkie Carlo, umukuru w'ishirahamwe Big Brother Watch, avuga ko igipolisi gifise "igikorwa co gukingira uburenganzira bw'abanyagihugu bwo kugira imyiyerekano, nk'uko kandi bafise igikorwa co kworohereza uburenganzira bw'abanyagihugu bwo kwerekana ko bamushigikiye, akababaro canke kumwunamira".

Jodie Beck, ajejwe imigambi n'isekeza mw'ishirahamwe Liberty, avuga ko "biteye impungenge nyinshi kubona igipolisi gikoresha inguvu zabo nyinshi bafise mu buryo burenze urugero".

Avuga ati: "Ukugira imyiyerekano si ikintu gitangwa na reta, ni uburenganzira shingiro".

Isinzi ry'abantu riritezwe ku mugwa mukuru mu ndwi iza

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Isinzi ry'abantu riritezwe ku mugwa mukuru mu ndwi iza

Ku wa mbere kandi, umwe yari mu myiyerekano afise icapa canditseko ngo "Si umwami wanje" hanze y'ingoro y'inama nshingamateka imbere y'uko umwami ashika kuri Westminster Hall yarirukanywe n'igipolisi.

Igipolisi kivuga ko umunyagihugu yasabwe kwigira kure y'ikirimba ca Westminster "mu ntumbero yo kworohereza imodoka kwinjira no gusohoka kumabariyeri" ariko ko atahagaritswe canke no ategekwe kuva mu micungararo.

Igipolisi kiragira kandi ico gishikirije kuri videwo izunguruka ku mbuga hwaniro aho umupolisi yumvikana abaza ivyerekeye umugabo yari yitwaje urukaratasi ruri gusa ashaka kwandikako ngo "Si Umwami wanje".

Uyu mupolisi - avugwa ko yari yaje avuye ahandi kugira afashe igipolisi cari kihari - yumvikana avuga ko ubwo butumwa "bwari kubabaza abantu".

Itangazo ry'uwungirije icegera ca Komiseri Stuart Cundy rivuga riti: "Abanyagihugu bafise uburenganzira bwo kugira imyiyerekano kandi twarabisiguriye abapolisi bose bari mu gikorwa kidasanzwe kihari ubu".

Abasirikare hafi 1500 barakorana n'abapolisi hamwe n'abakozi b'abasivire mu ntumbero yo gucungera isinzi ry'abantu ryitezwe i Londres mu ndwi iza.

Umukuru w'igipolisi Sir Mark Rowley avuga ko igipolisi cahuye "n’ikibazo gikomeye". 

Ati: "Ibirori bizogenda neza, ariko tuzotegekanya ibihumbi vy'abapolisi kubera urugero rw'umutekano rukenewe hamwe n'amamiriyoni y'abantu bashaka kumwunamira".

Umuvugizi w'umushikiranganji wa mbere ntiyashatse kugira ico ashikirije ku bantu bahagaritswe, ariko avuga ati: "Mu bisanzwe, biragaragara ko iki ari igihe c'ikigandaro mu gihugu cose kuri benshi, igitigiri kinini, kinini mu gihugu. 

"Ariko uburenganzira shingiro bwo kugira imyiyerekano buguma ari inkingi ya demokarasi yacu".