Indonesia: Nyamugigima i Java imaze guhitana 162 amajana barakomereka

Ahavuye isanamu, Reuters
Nyamugigima mw’izinga rikuru rya Indoneziya ari ryo Java yahitanye abantu 162 abandi amajana barakomereka, nk’uko vyatangajwe n’umukuru w’intara Ridwan Kamil.
Iyo nyamugigima y’ubukomezi bwa 5,6 yatanguriye mu muji wa Cianjur uri muri Java y’uburengero, ku burebure bwa 10km uja i kuzimu, nk’uko bivugwa n’ikigo US Geological Survey kigenzura za nyamugigima.
Abantu benshi bajanywe ku bitaro, abandi bavurirwa aho bakomerekeye.
Abajejwe gutabara biteguriye gukora ijoro ryose ngo bagerageze kurokora abandi baheze mu bihomoka vy’amazu.
Agace iyo nyamugigima yashikiyemwo karatuwe cane kandi kakaba kari ku magenge yo gushikirwa n’ugusiduka kw’imisozi, amazu yaho akaba adakomeye – imwe mu mamvu zatumye menshi acika ivu.

Ahavuye isanamu, Reuters
Hari amakuru ahushanye ku bijanye n’igitigiri nyaco c’abahasize ubuzima, kandi biragoye kumenya igitigiri nyaco kuko kurondera biracabandanya co kimwe n’utwigoro two gutabara aboba bagihema.
Kare ikigo c’igihugu ca Indoneziya kijejwe ibiza, BNPB, cavuze yuko abantu n’imiburiburi 62 bapfuye, hisunzwe ibiharuro biheruka.
Abantu barenga 13.000 bateshejwe izabo nk’uko vyavuzwe n’abajejwe intwaro, nayo ikigo BNPB kivuga yuko abantu 700 bakomeretse.
Abajejwe intwaro kandi bavuze yuko abakomeretse hamwe n’abahasize ubuzima bashobora kwiyongera kuko hakiri “abantu benshi” baheze mu bihomoka.










