'Nta nkeka ko Urwanda rwinjira muri DR Congo, kandi ntivyemewe' – Ubufaransa

Ahavuye isanamu, UN SECURITY COUNCIL
Uwuserukira Ubufaransa mw’ishirahamwe ONU, yagirije Urwanda ko rushigikiye umuhari w’inyeshamba M23 muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Mu kiganiro abagize inama nkuru y’umutekano mw’ishirahamwe ONU bahaye abamenyeshamakuru ku wa Mungu barangije urugendo bari batanguye ku wa kane w'indwi iheze muri ico gihugu, uwuserukira Ubufaransa mw’ishirahamwe ONU, Nicolas de Rivière, yaragirije Urwanda atarya umunwa ko, iruhande yo gufasha uyu muhari, runarungika ingabo kurwana.
Si ubwa mbere Ubufaransa bwagirije Urwanda gufasha umuhari wa M23, ariko waba uyu muhari, yaba reta y’Urwanda, impande zompi zivyamirira kure.
BBC iracagerageza kurondera abategetsi b’Urwanda kugira bagire ico bashikiriza kuri ibi birego vy’uwuserukira Ubufaransa muri ONU.
Mu rugendo aherutse kugira muri Congo, umukuru w'Ubufaransa Emmanuel Macron ntiyari yadomye urutoke ku Rwanda mu buryo bweruye.
Ariko mw’ico kiganiro, Nicolas de Rivière avuga ati: “Ntibikiri agaseseshwarumuri ko Urwanda rufashe mu mugongo M23. Bimaze kugaragara neza kandi ko hari ingabo z’Urwanda zinjira muri Kivu ya Ruguru. N’ibi kandi ntivyemewe”.
De Rivière arashimangira kandi ko ari ngombwa ko abategetsi b’umuhari w’inyeshamba M23 bategerezwa gufatirwa ibihano.
Ati: “Mu ngingo ziriko zirafatwa harimwo izo gutera igitsure abategetsi ba M23. Ni uburyo buzobandanya kandi twiyemeje gukurikiza”.
Mu ndwi iheze, umuhari M23 watangaje ko uhagaritse intambara, ariko ku rubuga nta gahengwe.
Impande zompi – umuhari M23 hamwe n’ingabo za reta ya Congo – zibandanya kwitana bamwana, aho buri ruhande rwagiriza urundi ko ari rwo ruhonyanga amasezerano yo guhagarika intambara.
Kuva umuhari M23 usubiriye kuvyura intambara mu mpera za 2021, umaze kwigarurira uturere tutari duke muri teritware (territoire) za Rutshuru na Masisi mu ntara ya Kivu ya Ruguru.
Gushika ubu utwigoro tw'abategetsi b'akarere ntaco turashobora gushikako mu kugarukana ituze muri ako karere kamaze imyaka irenga 20 kari mu ndyane.






