'Abasuma bivye umusaraba w'umukobwa wanje n'uwa mama - incuro zibiri'

Pudensiana Chumbi
    • Umwanditsi, Alfred Lasteck
    • Igikorwa, BBC News, Morogoro

Imva zitari nke, imwe ku yindi muri iri tongo ry'abapfuye mu gisagara ca Morogoro muri Tanzania, zarabomowe.

Kuri zimwe zimwe uhasanga ikinogo c'ahari hashinze umusaraba w'icuma, ahandi naho ugasanga ikimenyetso c'idini carigonze mu gihe abasuma baba bariko bagerageza kuciba ariko bakananirwa, kugira ngo bagishore ku bagura ibipande vy'ivyuma.

Imva zirenga 250 ni zo zononywe mu gace gato kamwe gusa ko mw'itongo ry'abapfuye rya Kola honyene.

Ubu bugizi bwa nabi hafi bwose buba mw'ijoro kubera ata bajejwe canke abakozi b'iri tongo ry'abapfuye baba bahari.

Abantu baratuntuye, iki kibanza naco kirahumanywa, ivyateje uburakari mu banyagihugu.

Kuva imyaka irenga 20 iheze, Pudensiana Chumbi yama agenda kuri iri tongo ry'abapfuye hafi buri kwezi kuraba imva z'umukobwa wiwe na nyina wiwe – ubu akaba ari mu mubabaro inyuma y'aho zompi zihumanirijwe mu myaka mike iheze, incuro zitari nke.

Iya mbere yabomowe ni iya nyina wiwe yapfuye mu 2000.

Inyuma y'amezi make umuryango wiwe wisuganije ugashobora gusubiriza umusaraba wari wibwe mu mpera za 2021, imva y'umukobwa wiwe nayo yarasambuwe. Yari hafi kandi isa n'uko yari ikuze gato – umukobwa wiwe yari yapfuye mu 1997 afise imyaka 15.

Imbere y'uko anafata ingingo yo gusubiriza umusaraba w'umukobwa wiwe, umupfasoni Chumbi yakubiswe n'inkuba asanze umusaraba mushasha yari yashize ku mva ya nyina wiwe wibwe.

Mu gihe atabona ico yokora mu nyuma, abona ko gukoresha icuma atari yo nyishu ni yashaka gusubiriza umusaraba w'umukobwa wiwe.

"Iyi ni imva y'umwana wanje – umwana wanje agira kane", ni ko avuga yerekana umusaraba ukoze muri beto (beton).

Abasuma bamena imva zubatse muri beto barondera imisaraba y'ivyuma
Insiguro y'isanamu, Abasuma bamena imva zubatse muri beto barondera imisaraba y'ivyuma
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ubusuma bw'imisaraba n'ibimenyetso ku mva bwabaye kananirabahinga muri aka karere ka Tanzania bivuye ku kwiyongera kw'abarondera ibisigarira vy' ivyuma.

Chumbi abwira BBC ati: "Abantu bakora ibi baravumwe kuko nta muntu n'umwe atababajwe n'ibiriko biraba.

"Hari abakiri bato ubu basaba amahera kugira ngo bacungere imva mw'ijoro, cane cane izifise amakaro [carreaux/tiles]".

Amakaro nayo nyene arashobora kugurishwa ku bantu bashaka kuyakoresha mu gushariza amazu yabo.

Augustine Remmy, musaza wa Chumbi, avuga ko abantu bose bababaye.

Abwira BBC ati: "Iki ni ikintu kibi cane…iyo ubonye ibibanza nk'ibi vyategerezwa gusonerwa biriko birakorerwa amabi nk'aya, ni ukuri birababaza cane".

Ubu busuma buteye isoni burerekana umwiheburo w'abantu bamwe bamwe barondera amahera baciye mu guhumanya ibibanza vyeranda.

Izi nkozi z'ikibi zironka amashilingi ya Tanzania ari hagati ya 700 na 800 ($0.27-$0.34) ku kiro.

Si amahera menshi, ariko ashobora kuba akwiye kugira ngo umuntu aronke isahani y'indya canke icupa ry'inzoga.

"Akenshi abagura ivyuma babigura ata bibazo barinze kubaza", niko umugabo umwe yemera ko yari amaze kwiba imisaraba mw'itongo ry'abapfuye kugira ngo ayigurishe ku bagura ibisigarira vy'ivyuma yabwiye BBC.

Abanje gusaba ko izina ryiwe ritomenyekana, avuga ko abasuma babanza kuja ku basudirizi b'ivyuma kugira ngo bahimbagure iyi misaraba mu bipande bito bito imbere y'uko babishora ku bagura ibi bisigarira.

Abasuma bamena imva zubatse muri beto barondera imisaraba y'ivyuma
Insiguro y'isanamu, Abarondera ivyuma bishaje babandanya biyongera ariko batazi ko bimwe muri vyo biba ari ivyibwe

Abacuruzi na bo nyene ubwabo birabagora guhitamwo hagati yo kugura ibintu vyibwe ku giciro gito canke gukurikiza amategeko.

Izire Ramadhani, umucuruzi mu gisagara ca Morogoro, aribuka ingene mu 2023, we hamwe n'abandi bacuruzi bamwebamwe b'ibisigarira vy'ivyuma, bafashe umuntu yariko agerageza kugurisha umusaraba wibwe, bagaca bamushikiriza abategetsi.

Ramadhani abwira BBC ati: "Kera, bahora batuzanira imisaraba. Mu nyuma umwe muri bo twaramujanye ku gipolisi hanyuma acirirwa umunyororo w'imyaka itatu n'igice - inyuma y'aho, ubu busuma bwaragabanutse, ariko ubu bwasubiye kugaruka".

Ashimangira ko ata bintu vyibwe agura.

"Iyo hagize umusaraba uzanwa hano, uwuje kuwugurisha agira ingorane kuko duca tumujana ku gipolisi".

Abasuma kandi baratanguye kwiba ibindi bimenyetso vy'imva nk'amakaro n'amabuye yo gushariza imva, ibintu bishobora kugurishwa bitagoranye ku bandi baguzi.

Dr Ndimile Kilatu arongoye igisata c'amagara y'abantu muri Morogoro, avuga ko abarongoye igisagara bategura gukomeza umutekano w'amatongo y'abapfuye mu kwubaka inzitiro no gushiraho abazamu, ariko akagabisha ko "ibi bisaba amafaranga n'umwanya".

"Si ikintu dushobora gukora uno musi canke ejo".

Avuga kandi ko hari umugambi wo kwigisha abagura ibisigarira vy'ivyuma kugira ngo bamenye ivyo badakwiye kugura, nk'ibimenyetso vy'imva n'ibipande vy'ivyuma vy'ibarabara ry'indarayi.

Gushika iyi ngorane itorewe umuti, abantu bazobandanya babona imva z'ababo zamenaguwe
Insiguro y'isanamu, Gushika iyi ngorane itorewe umuti, abantu bazobandanya babona imva z'ababo zamenaguwe

Mu ntumbero yo kurwanya ubu bugizi bwa nabi, reta ya Tanzania na yo nyene yariyemeje gutunganya igisata kigura ibisigarira vy'ivyuma.

Icegera c'umushikiranganji wa mbere Dotto Biteko ashimangira ko ari ngombwa ko ubucuruzi bwemewe bwubahiriza amategeko n'ingingo ngenderwako.

Yabwiye BBC ati: "Ikintu conyene gisabwa ni ugushira mu ngiro ibi no kuguma twigisha abanyagihugu ku bijanye n'iki kibazo nyene. Tuzoguma twigisha abantu bacu kugira ngo dushire ibikorwa remezo vyacu mu mutekano".

Abarongoye amadini na bo nyene bariko barasaba abantu babo gukora gusumba kugira ngo bazibire abafise uruhara muri ubu bugizi bwa nabi.

Pasitori Steven Msigara wo mw'ishengero Assemblies of God ry'i Morogoro asaba ko hoba urunani mu twigoro two kwigisha urwaruka ku vyerekeye ukuntu rukwiye kwubahiriza ibibanza vyeranda.

Ati: "Twese hamwe, dutegerezwa kubisubiza icubahiro, turazi ko bamwe mu rwaruka basukwa mu bikorwa bibi, ariko turashobora kubasubiza ku murongo".

Ku ncuti z'abo imva zabo zahumanijwe hari ukuntu bumva bacitse intege.

Umupfasoni Chumbi ashaka ko amahera menshi ashirwa mu gucungera umutekano w'amatongo y'abapfuye kandi hakaba ukwitwararika gukwiye ibi bibanza bishinguwemwo abakundwa.

Ari mu gikorwa co gusubiriza umusaraba wo ku mva ya nyina wiwe ubugira kabiri, kandi ahitamwo gukoresha ibeto nk'uko vyagenze ku mukobwa wiwe.