Ayavugwa mu ntambara ya Ukraine: Trump ashobora gufatira ibihano Uburusiya muri iyi ndwi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Perezida Donald Trump ariko araraba nimba yofatira ibihano Uburusiya muri ino ndwi mu gihe ishavu ribandanya riduga kubera ibitero vy'Uburusiya buheruka kuri Ukraine, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru Wall Street Journal (WSJ) gisubiramwo amakuru gihabwa n'amasoko yegereye ubutegetsi.
Umwe mu basubirwamwo n'iki kinyamakuru avuga ko mu gihe ibi bihano vyoja mu ngiro, ntivyoba birimwo bishasha ku mabanki, ariko ko hariho izindi nzira ziriko ziraganirwako mu ntumbero yo guhatira Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya kwemera bimwe mu vyo asabwa mu biganiro, harimwo agahengwe k'imisi 30, ikintu Uburusiya bubandanya bwamirira kure.
Ku wa Mungu, Trump yavuze ko ashobora gufatira ibihano Uburusiya inyuma y'igitero gikomeye bwakoze kuri Ukraine mu mpera z'indwi iheze. Mu nyuma yararakariye Putin, avuga ko yari "yasaze rwose".
Ikinyamakuru WSJ candika ko Trump yarushe mu twigoro twiwe two gutorera umuti iyi ntambara biciye mu biganiro, kandi ko ubu ariko yihweza nimba yobivamwo ari nka hamwe utwo twigoro ataco twoshikako.
Hagati aho, ntibiramenyekana neza icokurikira ari nka hamwe Amerika yova muri uno mugambi w'ibiganiro, canke nimba Trump yobandanya aha Ukraine imfashanyo ya gisirikare, nk'uko vyandikwa n'iki kinyamakuru.
Mu rwandiko yarungikiye WSJ, Caroline Leavitt ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu yagize ati: "Perezida Trump aratomora neza ko yipfuza kubona habaye amahoro biciye mu biganiro".
Ikinyamakuru New York times na co nyene candika ko Amerika ishobora kuva muri ibi biganiro, ariko coco kigasubiramwo abagihaye amakuru bavuga ko Trump yamenyesheje neza abategetsi ba Bulaya ko ata mugambi afise wo kwongereza ibihano mu ntumbero yo guhatira Moscou kwemera umugambi w'amahoro.
Hagati aho, ikinyamakuru the Economist candika ko Uburusiya bwashoboye kwongereza umwimbu wabwo mu bijanye n'ibikoresho vya gisirikare, ubu bukaba bushobora kurekurira ica rimwe za ndege zitajamwo abadereva (drone) n'ibisasu vya misire biraswa kure amajana mu gitero kimwe gusa kuri Ukraine.
Muri ico gihe nyene, Abarusiya barateje imbere imero n'ikoreshwa ryavyo, ibi bigatuma ibintu bitoroha ku gisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere, kuko kidafise ibikoresho bihagije vyo guhangana n'ibi bitero bikomeye.
Iki kinyamakuru gisubiramwo kandi amakuru ava mw'igendereza rya Ukraine avuga ko Uburusiya butegura kwongereza igitigiri c'amadrone buhingura, gushika ku 500 ku musi, ibi bikazotuma bushobora gutera Ukraine bukoresheje uburyo bwinshi.
Umuhinga mu bijanye n'ivy'indege, Konstantin Krivolap, yabwiye the Economist ko afise amakenga kuri iki gitigiri, ariko igitigiri c'amadrone n'ibisasu vya misire Uburusiya buriko burakoresha ubu nticari bwigere kibaho.
Iki kinyamakuru candika ko uravye ukungene Uburusiya bugenda busatira ibirere vya Ukraine bukoresheje amajana n'amajana y'amadrone, iki gihugu (Ukraine) gishobora kuba kiriko kigana ahantu hatazwi kandi ko ari nka hamwe umugambi w'amahoro wopfa - ibi bikaba ari ibintu bishoboka cane - bizoba ngombwa ko igisirikare caco kirwanira mu kirere kironswa ibindi bikoresho vyo gushobora gukingira ikirere, atari uko naho ibisagara bitari bike n'amahinguriro akomakomeye hazogera igihe vyisange mu kangaratete.
Merz asaba imyiteguro yo kubandanya intambara y'Uburusiya kuri Ukraine
Umukuru wa reta y'Ubudagi Friedrich Merz avuga ko yiteze ko intambara y'Uburusiya muri Ukraine igiye kubandanya igihe kirekire kubera Uburusiya budashaka kuganira.
Mu kiganiro rusangi n'abanyamakuru ari kumwe n'umushikiranganji wa mbere wa Finlande, Petteri Orpo, i Turku kuri uyu wa kabiri, Merz yavuze ati:"Mu busanzwe intambara zirangira ari uko impande zompi zumvise ko zinaniwe mu bijanye n'ubutunzi na gisirikare, muri iyi ntambara turabona neza ko ibi biri kure nk'ukwezi".
"Rero bishobora kuba ngombwa ko twitegurira iyi ntambara mu kiringo kirekire", niko Reuters yandika isubiramwo uno mukuru wa reta y'Ubudagi.
Ku musi w'ejo, Merz yatangaje ko Ubudagi bwari bwakuyeko inzitizi zitari nke zijanye n'ibirwanisho bishobora kurungikirwa Ukraine, bukaba bwiyongereye ku Bwongereza n'Ubufaransa.
Ni mu gihe ushikiranganji wa Lettonie ajejwe kwivuna abansi, Andris Spruds, yatangaje ku rubuga rwa X ejo ku wa mbere ko iki gihugu carungikiye Ukraine uwundi muce w'amadrone 1.500.
Umushikiranganji Spruds yongeyeko yuko mu gice ca mbere c'uyu mwaka, amakompanyi abiri yo muri Lettonie akorera mu runani rwo guhingura amadrone afise umugambi wo kurungikira Ukraine amadrone ibihumbi 12.
Spruds ntiyasobanura ubwoko bw'amadrone yarungitswe. Amafoto yasohowe n'uno mushikiranganji yerekana amasandugu yugaye
Ku rundi ruhande, Moscou isaba umubonano w'Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano yokwiga "ku bijanye nuko amahoro n'umutekano mpuzamakungu bishobora guhungabana" bitewe n'ibikorwa vy'ibihugu bitari bike vya Bulaya "biriko birondera kubangamira utwigoro two gutorera umuti mu mahoro ikibazo ca Ukraine", nk'uko bivugwa n'icegera c'umuserukizi ntayegayezwa w'Uburusiya muri ONU, Posky Dmitry.
Hagati aho, ku rubuga rw'intambara ntibagoheka. Ukraine yatangaje ko mw'ijoro ryakeye igisirikare cayo kirwanira mu kirere cakoroye amadrone 60, inyuma ya 355 cari cakoroye mw'ijoro rya hirya y'ejo.
Ku ruhande rwabwo, ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi butangaza ko ku mugoroba w'ejo ku wa mbere no mw'ijoro ryakeye, ingabo zirwanira mu kirere zakoroye amadrone 99 ya Ukraine hejuru y'intara zitari nke.













