Sénégal yaraye ibaye igihugu ca mbere co muri Afrika gitsinze Ubwongereza

Ahavuye isanamu, Reuters
Sénégal yaraye ibaye igihugu ca mbere co ku mugabane wa Afrika gitsinze Ubwongereza mu nkino 22 mu rukino rwa kivadimwe rwa nijoro ku kibuga ca City Ground ku bitsindo vyinjijwe na Ismaila Sarr, Habib Diarra na Cheikh Sabaly.
Ni rwo rukino rwa mbere kandi umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza utakaje kuva utanguye kumenyerezwa n'Umudagi, Thomas Tuchel.
Abakinyi ba Tuchel bagiye gutsindwa muri uru rukino kandi ari bo batanguye kwinjiza hakiri kare, igitsindo cinjijwe na kizigenza Harry Kane ku munota w'indwi, cari kibaye ica 73 yinjirije umurwi nserukigiagihugu w'Ubwongereza.
Iki gitsindo cinjiye inyuma y'uko umunyegori wa Sénégal Edouard Mendy ananiwe no kugumya umupira w'ishuti yari irekuwe na Anthony Gordon, Kane agaca awutera mw'igori, ariko nticabujije ko Intambwe za Téranga/Lions de la Téranga, izina ry'umurwi nserukiragihugu wa Sénégal, zinyagira Kane na bagenziwe ku bitsindo vyinjijwe na Ismaila Sarr, Habib Diarra na Cheikh Sabaly.
Umunyegori w'Ubwongereza Dean Henderson yarasatiriwe na Sénégal yariko irondera gukurayo ico gitsindo, kandi vyarangiye Sarr agikuyeyo hasigaye iminota itanu ngo igice ca mbere kirangire, ku busamazi bwa Kyle Walker.
Ni co gitsindo ca mbere bari binjijwe mu nkino zine ku mumenyereza Tuchel, Sénégal ikaba yashize ahabona intege nke z'Ubwongereza ku ruhande rw'inyuma, nubwo ataco batakoze kugira ngo barabe ko bokwigaranzura mu menyo y'izi Ntare za Téranga.
Kuva Diarra yinjije ica kabiri ku munota wa 62, Abongereza ntaco batakoze ngo bakigombore, ariko Mendy aherekanira ubugabo mu gukurayo imipira iteye ubwoba ya Morgan Gibbs-White na Bukayo Saka.
Jude Bellingham yari yizeye ko ateturuye umurwi wiwe ku gitsindo yari yinjije ku mupira wari uterewe mu mfuruka z'ikibuga (corner) ku munota wa 83 ariko umuhagarikizi w'urukino, Umufaransakazi Stephanie Frappart, akaba yaracanse inyuma y'uko ubuhinga bwa videwo bumweretse ko umukinyi Levi Colwill yari yabanje kuwuteza ukuboko imbere y'uko ushikira Bellingham .

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abongereza babandanije bita ku rutare ariko vyarangiye Sabaly akubisemwo ica gatatu ca Sénégal muri ya minota y'inyongera, ku munota wa 93, biturutse ku mupira wari utakajwe na Curtis Jones.
Mu nkino 21 ziheruka Ubwongereza bwatanye mu mitwe n'ibihugu vya Afrika, 15 zose bwarazitsinze, zitandatu nazo zirangira ata murwi n'umwe utsinze uwundi, ariko rero ejo kuri City Ground, bwarakubiswe neza neza kuri uru rukino rwari rugize 22.
Ifirimbi ya nyuma yaravuze abafana b'Ubwongereza berekana uburakari bwinshi mu kuzomera Tuchel n'abakinyi biwe.
Mu gice ca mbere, umunyegori Henderson yakuyeyo imipira ikomeye cane ya Idrissa Gueye wa Everton hamwe na mugenziwe Sarr wa Crystal Palace, yahavuye aronka akaberu maze aca mu ryahumye Walker arakurayo igitsindo ca Kane.
Inyuma y'aha, Ubwongereza vyaranse rwose, mbere Sénégal yarahatswe no gutsinda ibindi iyo Henderson asamara.
Tuchel ati: "Ibintu ntivyagenze neza, nibaza ko twategerezwa kuba twaronse ibisumbirije. Ariko ni nk'uko twari twajonjogoye, twamaze umwanya utari muto w'uru rukino ata kintu kiboneka turiko turakora".
Ugutsindwa kw'izi Ntambwe Zitatu (Three Lions), izina ry'umurwi nserukiragihugu c'Ubwongereza, kubaye mu gihe hasigaye umwaka umwe gusa kugira ngo ihiganwa ry'igikombe c'isi yose ritangure, abafana bakaba bipfuza kubona nimba koko umurwi nserukiragihugu wabo uryiteguriye.













