Menya Samantha, umunyamerikakazi avuga ikirundi neza
Menya Samantha, umunyamerikakazi avuga ikirundi neza
Samantha Torres n'umugore w'umunyamerika aba mu Bukeye bwa Muramvya hagati mu gihugu c'Uburundi, akaba akora akazi ko gukina umupira w'amaguru.
Uwo mugore w'abana babiri, avuka mu ntara ya Florida muri Reta zunze Ubumwe za Amerika.
Kuva ashitse mu Burundi mu 2009, aramaze gukina mu migwi itandukanye, harimwo Kinama, La Colombe... ubu na ho akaba akinira umugwi w'Intwarikazi wo mu ntara ya Bubanza.

Ahavuye isanamu, FFB



