Menya Samantha, umunyamerikakazi avuga ikirundi neza

Insiguro ya video, Samantha Torres akinira umugwi w'Intwarikazi wo mu cicaro ca mbere mu Burundi
Menya Samantha, umunyamerikakazi avuga ikirundi neza

Samantha Torres n'umugore w'umunyamerika aba mu Bukeye bwa Muramvya hagati mu gihugu c'Uburundi, akaba akora akazi ko gukina umupira w'amaguru.

Uwo mugore w'abana babiri, avuka mu ntara ya Florida muri Reta zunze Ubumwe za Amerika.

Kuva ashitse mu Burundi mu 2009, aramaze gukina mu migwi itandukanye, harimwo Kinama, La Colombe... ubu na ho akaba akinira umugwi w'Intwarikazi wo mu ntara ya Bubanza.

Samantha Torres ariko arakina

Ahavuye isanamu, FFB