Ugushigikira Palestina kw'ibihugu vya Bulaya kwerekanye ko n'ubu Amerika ari co gihangange ibintu bihagazeko

Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron, ariko ashikiriza ijambo mu nama yo kwihweza ukuntu ikibazo co kubaho kwa Palestina cotoregwa umuti mu mahoro, hamwe n'ishirwa mu ngiro ry'ingingo yo kubaho kw'ama leta abiri (Israel na Palestina), ku cicaro gikuru c'ishirahamwe mpuzamakungu ONU i New York (kuwa 22 Nyakanga 2025)

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Perezida w'Ubufaransa yafashije kuyobora inama ya ONU i New York ku kubaho kwa Palestina
    • Umwanditsi, Tom Bateman
    • Igikorwa, Akurikirana amakuru yo mu bushikiranganji bw'imigenderanire

Ni intambwe idasanzwe mu mateka y'iki kibazo c'indyane hagati ya Israel na Palestina kimaze ikinjana, kubona Ubwongereza n'Ubufaransa vyemera ukubaho kw'igihugu ca Palestina.

Ariko kandi ni n'umukenyuro wa politike, werekana ingene ibihugu bikomeye vya Bulaya bimaze kubona ko iki kibazo cageze aho bibwirizwa gutera iyo ntambwe itari bwigere ibaho muri kahise.

Ashingiye ku kaga kariko kabera muri Gaza, aho yaneguye co kimwe Israel na Hamas, perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron yavuze ko "uburenganzira bubwirizwa gutsinda ingimba".

Iyi ngingo yiwe, yafashwe mu mungongo n'Ubwongereza igashigikirwa na Arabia Saudite, yitezwe gukomeza kugumizaho icifuzo co kubaho kw'ibihugu bibiri, nk'inyishu kuri iki kibazo c'indyane hagati ya Israel na Palestina.

Bafise icizere ko iki cifuzo cagaragajwe kuva kera n'amakungu, ko cozana amahoro, ariyo nzira yonyene ibereye, y'umubano muri kazoza k'izi mpande zompi.

Bitabaye ivyo, umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU Antonio Guterres yavuze ko icoba gisigaye ari 'kugira igihugu kimwe', n'ukuvuga ukwiganza kwa Israel no kugenzura canke gushira mu buja abanya Palestina.

Yavuze ko ata kindi gishobora gusigura ibihano vy'ikivunga, kwicisha inzara no guzimanganya umugwi w'ubwoko bumwe.

Israel irarakaye kandi ikangishanya kwishura.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ibona ko inama y'ishirahamwe mpuzamakungu, hamwe no kwemera ukubaho kw'igihugu ca Palestina kumaze gukorwa n'ibihugu birimwo Ubwongereza, Ubufaransa, Canada, Australia n'ibindi, ari nk'agashimwe ku muhari Hamas inyuma y'igitero wagavye kuri Israel ugafata n'abantu bunyagano kuwa 07 Gitugutu (10) mu 2023.

Bamwe mu bashikiranganji ba Israel bifuza ko hotangazwa ko ibice ico gihugu camaze kwigarurira vyahora vyegukira Palestina nk'akarere ka Cisjordanie, bicika ivya Israel, gutyo bigatuma bitazokwigera bishoboka ko habaho igihugu ca Palestina kuri ubwo butaka.

Urunani rwa leta y'umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu, harimwo n'intagondwa zigendera ku vyiyumviro vy'amatwara y'iburyo, bashimikira cane cane ku kwirukana abanya Palestina mu turere basigayemwo hakubwakwa ibigwati vy'Abayahudi, bashaka ko icifuzo co kubana n'abanya Palestina mu bihugu bibiri cibagiranwa burundu.

Ubutegetsi bwa perezida Donald Trump bubandanya gufata mu mugongo somambike wabwo, Israel, aho bwiyamirije iyo ngingo y'ibihugu vya Bulaya, bufatira n'ibihano umukuru w'abanya Palestina Mahmoud Abbas.

Bwamwimye uburenganzira bwo kuja mu nama ya bose y'ishirahamwe mpuzamakungu i New York, biba ngombwa ko ashikiriza ijambo ryiwe akoresheje uburyo bwa 'video conference'.

Inama ku kibazo co kubaho kwa Palestina n'ingene ubutegetsi bwa perezida Trump bwavyakiriye, bihishije ikimanga co kutabona ico kibazo kumwe kitari bwaboneke hagati y'ubutegetsi bwa Washington na ba somambike babwo bo mu bihugu vya Bulaya, ku bijanye n' 'ingene indyane zo mu burasirazuba bwo hagati zotoregwa umuti.

Ariko abanya Bulaya bibaza ko ata mahitamwo menshi basigaranye, baravye uko ibintu vyifashe ku rubuga.

Israel iriko irungika uwundi mugwi wa gisirikare ugira gatatu mu muji wa Gaza, aho abanya Palestina baharurwa mu mirongo bicwa buri munsi; Hamas nayo iracafashe ingwati abajanywe bunyagano bagera ku 50, bamwe mbere bamaze gupfa, mu gihe mu karere ka Cisjordanie, aba Yahudi bahagerereye bakomeza kwagura imbago no gukoresha igikenye n'ubugizi bwa nabi.

Ibi vyose bimaze hafi imyaka 2 kuva ibitero vyo kuwa 07 Gitugutu 2023, ata kimenyetso cerekana ko hari igicuro ca Hamas co gushira hasi ibirwanisho nk'uko biri mu ntumbero ya Israel.

Umukenyuro wa perezida Macron ni ukugerageza kwerekana ko inzira ya dipolomasi ishobora kuza nk'inyishu irama.

Ubwa mbere bobanza kwumvikana ku nzira yo kurangiza intambara ishoboka gushigwa mu ngiro, ivyo bigakurikirwa n'inyishu ihoraho ishingiye kw'ishirwaho ry'ibihugu bibiri - Israeli na Palestina.

Ibihugu vya Bulaya bivuga ko ingendo ya Israel yananiwe gushika ku ntego, ahubwo ico yavyaye ari akababaro ku banyagihugu b'aba sivile, no kubandanya kugeramirwa kw'abafashwe ingwati bakiri mu minwe ya Hamas.

Bitayeko, iyi nama y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku kibazo ca Palestina yari iyobowe na Arabia Saudite, ishigikiwe n'umuryango w'Ubumwe bw'ibihugu vy'Abarabu.

Ubufaransa buvuga ko ibi vyerekana ko iyi nzira yabwo ya dipolomasi ishobora gufasha ko na Hamas yumva na burya ibihugu vy'Abarabu vyari mu nama vyahamagariye Hamas gushira hasi ibirwanisho, uwo muhari ukabishikiriza ubutegetsi bwa Palestina, kandi ko itazokwigera igira uruhara mu burongozi bw'abanya Palestina.

Macron yemera ko iyo nteguro ishobora gukwegakwega Israel, kandi ikagumiza amarembo yuguruye ku kibazo co gusubiza hamwe na Arabia Saudite, ibintu Natanyahu za Trump bifuje gushikako kuva kera.

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Arabia Saudite, umuganwa Faisal bin Farhan (ibubanfu) na perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron (iburyo) ashize amaboko hejuru mu nama ikomeye y'ibihugu ku kibazo co gutorera umuti mu mahoro, uburyo Israel na Palestina vyobana mu mahoro nk'ama leta yemewe. Ni inama yabereye ku cicaro gokuru ca ONU i New York (kuwa 22 Nyakanga 2025)

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ubufaransa bwafashijwe na Arabia Saudite kuyobora iyi nama ya ONU ku kibazo co kubaho kwa Palestina

Ariko gushigikira ingingo yo kubaho kwa Palestina kutagira umuhezagiro w'ubutegetsi bwa Washington ni ugutomboza cane muri dipolomasi.

Witegereza perezida Macron aho yari yicaye imbere y'inama y'amakungu yose, yaboneka nk'umu perezida ariko agerageza kuja imbere y'abandi mu gutora inzira y' ikibazo c"akasamutwe" ca Gaza, nk'uko umunyamabanga mukuru wa ONU abivuga, bagatora uko bumvikana kuri kazoza ko kubana hagati ya Israel na Palestina.

Ariko umuntu yihweje ivy'ubushobozi, uyu ntiyari we mu perezida yari abikwiriye.

Leta zunze Ubumwe za Amerika zitagiye imbere, akigoro kokorwa kose, ntibingana n'igitutu ubutegetsi bwa Washington bwozana ku mpande zompi.

Kandi ubutegetsi bwa Trump, bukomeza kwanka iyo ngendo y'ibihugu vya Bulaya

Trump yitezwe kuja ku cicaro ca ONU kuri uyu wa kabiri, aho aza gushikiriza ijambo, mu nyuma agire umubonano n'abategetsi b'ibihugu vy'Abarabu, ataho uhuriye n'igikorwa bariko bafashanyamwo n'abo ibihugu vya Bulaya kuva ejo ku munsi wa mbere.

Uku kudatunganya ibikorwa kumwe hagati y'ibi bihugu bibiri kizigenza muri iki kibazo co gutorera inyishu ukubaho kwa Palestina, kuza kwongereza ikibazo co kutabikora neza, mu gihe Qatar yahora ari umuhuza muri iki kibazo hagati ya Israel na Hamas ikomeza kwanka kubijamwo, inyuma y'aho Israel itereye abayobozi ba Hamas bari ku butaka bwa Qatar muri uku kwezi.

Perezida Macron n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Keir Starmer bompi baragarutse ku murage w'ubukoroni bw'ibihugu vyabo muri ivyo bihugu vyo mu burasirazuba bwo hagati.

Bibukije ingene, inyuma y'aho Ubwongereza buviriye muri Palestina mu 1948, amakungu yaciye yemeza ukubaho kwa leta ya Israel.

Ubu rero, bavuze ko bemera uburenganzira bungana bw'abanya Palestina nabo ku kubaho kw'igihugu cabo.

Abanya Palestina bishimiye kubona ibihugu vya Bulaya vyemeye ukubaho kw'igihugu cabo, ariko bazi ko ibi bihugu, aho vyari bikomeye hari muri kahise.

Ingingo bifata ntizigikomeye nk'uko vyahoze mbere.

Igihugu ca Palestina, kizobaho ari uko gishigikiwe na kizigenza w'iki gihe- Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Kandi kugeza ubu perezida Trump ari mu bindi vyiyumviro.