Gaza City izoba umunyota hamwe Hamas itokwemera ivyo dusaba, bivugwa n'umushikiranganji wa Israel

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, James Gregory
- Igikorwa, BBC News
Umushikiranganji wa Israel ajejwe kwivuna abansi avuga ko igisagara ca Gaza City kizosamburwa hamwe Hamas itokwemera gushira ibigwanisho hasi no kurekura imbohe.
Ivyo Israel Katz abisihikirije inyuma y'aho reta ya Israel yemereje integuro z'igitero kinini cane kuri Gaza City, n'ubwo mu makungu no muri Israel baguma bavyiyamiriza.
Ku wa mbere, Hamas yemeye integuro y'abahuza ba Qatar na Misiri y'agehengwe k'iminsi 60, aho Qatar ivuga ko hoca harekurwa ica kabiri c'imbohe zisigaye muri Gaza.
Ariko umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu asa n'uwavyanse, avuga ko yategetse ko ibiganiro bitangura kugira imbohe zose zisigaye zirekurwe hanyuma intambara yo muri Gaza nayo irangire hisunzwe ingingo ''zishobora kwemerwa na Israel''.
Israel yibaza ko 20 bonyene ku mbohe 50 zikiri muri Gaza ari bo bonyene bakiri bazima inyuma y'amezi 22 y'intambara.
Ibinyamakuru vyo muri Israel vyasubiyemwo umutegetsi avuga ko abaja mu biganiro bazoca barungikwa niyo ikibanza camara kugenwa.
Mw'ijambo ryo kuri video mu rugendo ku biro vya division ya gisirikare ya Gaza ku wa kane mw'ijoro, Netanyahu ''yategetse ko hatangura ibiganiro ubwo nyene kugira harekurwe imbohe zacu zose''.
''Naje ngaha kwemeza integuro za IDF (Ingabo za Israel] zo gufata no kugenzura Gaza City no gutsinda Hamas,'' niko yavuze.
''Ivyo bibazo bibiri - gutsinda Hamas no kurekuza imbohe zacu zose - biragendana,'' niko Netenyahu yongeyeko, atavuze ico iyindi ntambwe y'ibiganiro yoba irimwo.
Mu gushimangira ubutumwa bwa Netanyahu, umushikiranganji wo kwivuna abansi Katz ku mbuga hwaniro ku wa gatanu yavuze ati: '' Vuba, inzugi z'umuriro udahera zigiye kwugurukira ku mitwe y'abicanyi ba Hamas n'abasambanya abantu ku nguvu muri Gaza - gushika bemeye ivyo Israel isaba kugira intambara ihere: ubwa mbere na mbere kurekura imbohe zose hamwe no gushira ibigwanisho hasi.
''Hamwe batokwemera, Gaza, umurwa mukuru wa Hamas, izoba nka Rafah na Beit Hanoun,'' niko yongeyeko.
Ivyo bisagara vyompi ubu vyaracitse ibitongozi kubera ibikorwa vy'igisirikare ca Israel.
IDF yamaze guteguza abajejwe ubuvuzi n'amashirahamwe mpuzamakungu kwitegurira ibikorwa vyo kuvana muri Gaza City abantu baho bose bashika umuriyoni kugira bajanwe mu nsago mu bumanuko imbere y'uko ingabo zinjira.
Ubushikiranganji bwa Hamas bujejwe amagara y'abantu bwiyamirije ''ico ari co cose coza kubangamira ubusigaye mu buryo bwo kwitaho amagara y'abantu''.
ONU yavuze ko kwongereza ibitero hamwe ''n'urutavanako rw'amabombe'' muri Gaza City biriko biratuma ''haduga igitigiri c'abapfa mu banyagihugu basanzwe n'ugusambura ku rugero runini cane''. Yo n'amashirahamwe afasha yarahiye ko azoguma ngaho kugira afashe abadashobora kuhava canke bahisemwo kutahava.
Hari ubwoba ko iryo sekeza rishasha rya gisirikare muri Gaza City rizotuma akaga ku bantu karushiriza gukomera. Urwego rwa ONU rupima ahageze urugero rw'inzara mu kwezi guheze rwavuze ko ''ica nyuma kibi mu bishobora gushika mu kwicwa n'inzara'' ubu kiriko kiraba muri Gaza.
Netanyahu yamenyesheje umugambi wiwe wo kwigarurira intara ya Gaza inyuma y'aho ibiganiro biziguye na Hamas ku gahengwe no kurekura imbohe binaniriwe no kugira ico bishitseko.
Igisirikare ca Israel cagavye ibitero muri Gaza inyuma y'igitero ca Gaza mu bumanuko bwa Israel ku wa 7 Gitugutu mu 2023 ciciwemwo abantu hafi 1200 abandi 251 batwarwa nk'imbohe.
Abantu batari munsi ya 62.192 baramaze kwicwa muri Gaza kuva ico gihe, ku bw'ubushikiranganji bw'amagara muri iyo ntara. ONU n'abandi bavuga ko ibitigiri vy'ubwo bushikiranganji bw'amagara ari ryo soko rya mbere ryo kwizera ku bagwa muri iyo ntambara.










