Amerika yazibiye umukuru w'abanya-Palestina kwitaba inama ya ONU i New York

Ifoto yerekana Mahmoud Abbas - umutama w'imvi, amarori n'ubwanwa bwo ku munwa bw'imvi yambaye kostime n'ikaruvato - ariko aravugira mu nama ya bose ya ONU i New York. Ahagaze inyuma y'ico bavigirako ijambo kiriko ikimangu ca ONU

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukuru w'abanya-Palestina Mahmoud Abbas yetegekanya kuja i New York mu nama ya bose ya ONU
    • Umwanditsi, Paulin Kola
    • Igikorwa, BBC News
    • Umwanditsi, Chris Graham
    • Igikorwa, BBC News

Umukuru w'abanya-Palestina Mahmoud Abbas yazibiwe kuzokwitaba inama ya bose y'ishirahamwe mpuzamakungy ONU i New York mu kwezi kuza inyuma y'aho we n'abandi banya-Paletina 80 impusha zabo zo kwinjira muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika zifutiwe, nk'uko vyemejwe n'ubushikiranganji bw'ico gihugu bujejwe imigenderanire.

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Marco Rubio yabagirije gutoba utwigoro tw'amahoro no kurondera ko ''hemerwa mu ruhande rumwe igihugu ca Palestina kitagira ifatiro''.

Iyo ngingo, yakiriwe neza na Israel, ntisanzwe mu gihe Amerika iba yitezwe kworohereza ingendo z'abategetsi b'ibihugu vyose bifuza kuja ku cicaro gikuru ca ONU.

Ivyo bishitse mu gihe Ubufaransa buri imbere mu guhimiriza amakungu kwemera igihugu ca Palestina muri iyo nama - ingendo ubutegetsi bwa Donald Trump buterekwa.

Uwuhagarariye abanya-Palestina muri ONU, Riyad Mansour, imbere y'aho yari yavuze ko nk'umukuru w'intumwa za Palestina, Abbas yari kwitaba iyo nama y'abakuru b'ibihugu n'amareta i New York.

Ariko mu nyuma umutegetsi wo mu bushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire yavuze ko Abbas n'abandi banya-Palestina 80 bazokorwako n'ingingo yo kwankira no gufuta viza abo mw'ishirahamwe ry'Abanya-Palestina OLP no mu butegetsi bw'Abanya-Palestina.

Rubio yavuze ko abaserukira abanya-Palestina muri ONU bashobora kuzokwitaba iyo nama hisunzwe amasezerano y'icicaro gikuru ca ONU - inyandiko yerekeye uko ONU ikorera muri Amerika.

Ntibizwi, ariko, niba iyo ngingo ya Amerika yo kwankira canke gufuta viza ihuye n'iyo nyandiko, isanzwe ivuga ko Amerika itazobuza abategetsi b'ibihugu vyo hanze kwitaba inama z'i New York ''uko imigenderanire yomera kwose'' hagati y'amareta yabo na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ibiro vya Abbas vyavuze ko vyatangajwe n'iyo ngingo, ''igaragara ko iteye kubiri n'amategeko mpuzamakungu hamwe n'amasezerano y'icicaro gikuru ca ONU, na cane cane mu gihe igihugu ca Palestina ari umunywanyi w'indorerezi muri ONU''. Yasavye Amerika kwisubirako kuri iyo ngingo.

Umushikiranganji wa Israel ajejwe imigenderanire Gideon Saar yakiriye neza iyo ngingo y'ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire.

Umuhari Hamas umaze imyaka ari wo utegeka intara ya Gaza, mu gihe mukeba wawo Fatah utegeka intara ya Cisjordanie (West Bank). Ariko no muri Cisojordanie, ubutegetsi bwa Palestina burongowe na Abbas vyarabugoye gutwara, mu gihe buhanzwe n'imigwi bikebana hamwe n'uko Abayuhudi baguma barushiriza kwigarurira amatongo muri iyo ntara [y'Abanya-Palestina].

Abbas ni we kandi atwara OLP - ishirahamwe riserukira Abanya-Palestina mu nama mpuzamakungu. OLP isanganywe ikibanza c'indorerezi muri ONU kuva mu 1974. Irashobora kwitaba amanama ariko ntishobora gutora ingingo.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yagumye yiyamiriza iciyumviro c'inyishu iciye kw'ishingwa ry'ibihugu bibiri - inzira amakungu amaze imyaka avuga ko ari yo yorangiza amatati amaze imyaka hagati ya Israel n'Abanye-Palestina. Itegekanya igihugu cigenga ca Palestina coshingwa iruhande ya Israel muri Cisjordanie na Gaza, ubuseruko bwa Jerusalem nabwo bukaba umurwa mukuru waco.

Netanyahu avuga ko kwemera igihugu ca Palestina kwoba ari uguha inkigi ''iterabwoba rya Hamas''.

Igisirikare ca Israel cagavye igitero kuri Gaza inyuma y'icari cagabwe na Hamas ku wa 7 Gitugutu mu 2023, cahitanye abantu hafi 1200, abandi 251 batwarwa nk'imbohe.

Abantu barenga 63.000 baramaze kwicwa muri Gaza kuva ico gihe, ku bw'ubushikiranganji bwa Hamas bujejwe amagara.

Mun ntangaro y'inama nkuru ya ONU hariko haraba amatora

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Amerika iba yitezwe kworohereza abitaba inama za ONU i New York

Mw'itangazo ryiwe ku wa gatanu, Rubio yavuze ati: ''Imbere y'uko OLP n'ubutegetsi bwa Palestina bemerwa nk'abafasha mu kurondera amahoro, bategerezwa kwiyamiriza badahengeshanya iterabwoba - ririmwo n'ubwicanyi bwo ku wa 7 Gitugutu - kandi bagahagarika gukokeza iterabwoba mu mashure, nk'uko bisabwa na Amerika kandi nk'uko vyemewe na OLP.''

Yavuze kandi ko bategerezwa guhagarika guca inyuma y'ibiganiro mu kubandanya imanza zashingisirijwe Israel mu masentare mpuzamakungu.

Umvugizi wa ONU Stephane Dujarric yavuze ko ONU izovugana ico kibazo n'ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire kandi ko yizeye ko ico kibazo kizotora inyishu.

Uretse Ubufaransa, Ubwongereza, Canada na Australia navyo nyene vyaramenyesheje imigambi yo kwemera igihugu ca Palestina muri iyo nama ya bose yo mu kwezi kuza.

Igihugu ca Palestina gushika ubu cemerwa n'ibihugu 174 ku 193 bigize ONU.

Ariko mu gihe ata mbibe zizwi gifise, Abanya-Israel baguma bigarurira amatongo mu bice vya Cisjordanie - ibitemewe n'amategeko mpuzamakungu - kandi baguma bavuga ko vyogenda uko nyene muri Gaza, kwemera igihugu ca Palestina nta kinini vyohindura ku rubuga.