Kenya: Menya ingene uno muvyeyi yabaye rurangiranwa mu gufashisha amaberebere menshi abayakeneye

Chelimo Njoroge yatanguye gutanga imfashanyo y'amaberebere yiiwe ku bandi bavyeyi no gutanga impanuro zerekeye kwonsa ku rubuga rwa TikTok, aho ubu afasha abantu bagenda biyongera barenga 16.000.
Insiguro y'isanamu, Chelimo Njoroge yatanguye gutanga imfashanyo y'amaberebere yiwe ku bandi bavyeyi no gutanga impanuro zerekeye kwonsa ku rubuga rwa TikTok, aho ubu afasha abantu bagenda biyongera barenga 16.000.
    • Umwanditsi, Saida Swaleh
    • Igikorwa, BBC News, Nairobi

Chelimo Njoroge aribuka igihe icuma co gukanyisha [congélateur] ciwe cari cuzuye cane ku buryo vyanka ko acugara.

Atwenga cane, agira ati:"Nari nacujuje cane, hanyuma nca nkoresha ica mwenewacu."

Uyu mugore w'abana babiri w'imyaka 36, wo mu gisagara ca Nairobi, yisanze afise "amaberebere arenze urugero". N'aho yaba ahejeje kwonsa umwana wiwe, yarashobora kuronka ayandi malitiro menshi buri ndwi. Hakuyonona, yaciye atangura kuyatanga nk'imfashanyo.

Haraciye hafi umwaka, Chelimo afasha mu mpisho abagore umunani bo kibano ciwe, mu kubaha amaberebere yiwe acagutse, harimwo abagenzi biwe bamaranye igihe kirekire, hamwe mbere n'abandi bashasha babimusavye inyuma yo kubona video ziwe ku mbuga hwaniro.

"Nabonye video ziwe z'amaberebere ari muri 'congélateur' kuri TikTok, nca nibwira nti ... wow", uko ni ko Maryann Kibinda , umwe mu bafashihswa ayo mata ya Chelimo avuga.

"Narambuye ukuboko nca mvuga: "Ndakuramukije, uraho? Ndashaka amata. Vyari biheze."

Umusi wa nyuma wo gutanga imfashanyo, Chelimo yatanze amalitiro 14 y'amaberebere

Igikorwa ca Chelimo cerekeye kwonsa nticatanguye neza ata ngorane n'imwe kigize. Umwana wiwe w'umuhungu ntiyonka neza ibere hanyuma biba ngombwa kwifashisha ibindi bikoresho, nk'agacupa ko gukamiramwo amaberebere. Ariko ku buryo bwihuse, amaberebere yabandanije kwisuka, cane ku buryo adashobora kuyabika.

"Nshoboye kuyakama yose, nari mfise amaberebere ashobora kugaburira inzoya 50 mu gisata c'abana bavutse batageze", ni ko avuga.

Yatanguye ashira ubutumwa kuri TikTok, avugira ku mugaragaro ingorane zijanye no kwonsa ku mubiri no ku nyifato, yongera atanga impanuro ku buryo bwo kubika amaberebere kandi n'isuku. Mu ntango, video ziwe zarabwa n'abantu bari ku rushi. Ubu, zirabwa n'abarenga 16.000.

Benshi mu bamukurikirana ni bagenzi we na bo batanga amaberebere menshi. Abandi ni abavyeyi bihebuye barondera uwubafasha.

"Hari abavyeyi benshi bipfuza gutanga amaberebere. Ariko hari kandi benshi, benshi cane bashaka kuyaronswa", ni ko avuga.

Igihugu ca Kenya kirafise ikibanza kizwi co kubikamwo amaberebere, kiri mu bitaro vyo kwibarukiramwo Pumwani mu gisagara ca Nairobi. Ariko bemera gusa amaberebere y'abavyeyi bari mu bitaro, kandi agakoreshwa ku bana bari mu bitaro gusa.

Abagore nka Chelimo, barafise ingorane yo gutanga amaberebere yabo mu nzira zemewe n'amategeko.

"Nta bubiko dufise bwemera amaberebere y'abavyeyi bafise menshi", ni ko asigura.

Nairobi itegekanya ibindi bigo bibiri vyo kubika amaberebere kugira ishobore kworohereza abatanga amaberebere bizewe kuyabika
Insiguro y'isanamu, Nairobi itegekanya ibindi bigo bibiri vyo kubika amaberebere kugira ishobore kworohereza abatanga amaberebere bizewe kuyabika

Ikigo c'igihugu kibika amaberebere

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uwurongoye igisata co gufungura neza mu karere ka Nairobi, Esther Kwamboka Mogusu, asigura ko uwo mugambi ufise intumbero yo kwongerereza ubushobozi ibitaro vyo kwibarukiramwo vya Pumwani, kugira kibe ikigo c'akarorero.

"Tuzoshinga ibindi bigo twakiriramwo amaberebere mu gisagara kugira dushobore gufasha abandi bana bari hanze y'ibitaro", ni ko asigura.

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu, bufatanije n'abategetsi b'akarere ka Nairobi na PATH, bavuga ko bakoze icigwa co kworohereza abashaka amaberebere yatanzwe n'abavyeyi mu gihugu cose.

"Mu ntumbero yo kugira utwigoro dufise intumbero yo gushira mu bikorwa umugambi w'umuvyeyi-n'umwana (MBFI+), harimwo ibigo bibika amaberebere, ubwo bushikiranganji bwaratanguye poritike nshasha y'igihugu yerekeye gufungura", nk'uko bisigurwa na Veronica Kirogo, umuyobozi w'ibisata bijejwe gufungura neza mu bushikiranganji bw'amagara y'abantu muri Kenya.

Abandanya ati: "Iyo poritike izokwemera ibigo bibika amaberebere nk'ibishobora gufasha mu kwongereza ibijanye no gufungurira neza inzoya yongere itange intumbero y'ingene vyoja mu buryo bwagutse bwo kwitwararika abana bakivuka canke bavutse batageze."

Mary Mathenge, umwakirizi akaba n'umuhinga mu vyo kwonsa, aremeza ko hariho ibura ry'abatanga amaberebere, ariko ko bikwiye kwitonderwa. Nk'umuntu yakoranye n'abavyeyi bonsa mu kiringo c'imyaka irenga 40, yibaza ko igihugu ca Kenya gikeneye umugambi w'igihugu wo gucunga neza amaberebere atangwa.

Asigura ati: "Umwana wese arashobora kuronka amata y'uwundi muntu uwo ari we wese.

"Ariko ikintu cose gishobora guca mu maraso, gishobora guca kandi mu maberebere. Umuvyeyi ategerezwa gukorerwa ibipimo.

"Hategerezwa kujaho ubryo bwo gupima, gukurikirana no kubika amaberebere atanzwe. Ico gihe, abana benshi bashobora kuvyungukiramwo, atacononekaye".

Mu gihe vyanse ko umuvyeyi yonsa, ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi riremera amaberebere atanzwe n'uwundi muntu ahabwa umwana gushika amaberebere y'umuvyeyi nyene umwana abonetse.
Insiguro y'isanamu, Mu gihe vyanse ko umuvyeyi yonsa, ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi riremera amaberebere atanzwe n'uwundi muntu ahabwa umwana gushika amaberebere y'umuvyeyi nyene umwana abonetse.

Chelimo asigura ko yakoresheje igice c'amaberebere asigara ku buryo yitoreye, nko kuyogesha umwana, bivugwa ko bituma umwana agira akabiri karemvye.

Ariko igice kinini c'ayo maberebere yahabwa imiryango, bivuye ku mvo zitandukanye, bari bafise ikibazo co kugaburira abana babo.

Utwigoro twiwe tarashimagijwe ku mbuga hwaniro, aca anatazirwa "umumarayika w'inzahabu y'ibiseseka".

Chelimo aributsa ashimitse ko atari we gusa yabikoze.

"Si ibintu vyakozwe na Chelimo gusa", ni ko avuga.

"Hariho n'abandi bavyeyi nkanje."

Ariko arugara urugi rwa 'congélateur" yiwe ubwa nyuma, arizeye ko iciyumviro cerekeye gutanga amaberebere nk'imfashanyo kizobandanya gitera imbere kandi ko n'abandi bavyeyi benshi bazoronka uburyo bwizewe kandi bwemewe n'amategeko bwo gutanga no kuronswa amaberebere.

"Ubutumwa na bwo ku bavyeyi bonsa ni uko bobandanya kubikora".