Intambwe Ukraine iriko iratera zizohava zigira ingaruka kuri Putin?

Na Steve Rosenberg

Umwanditsi mukuru mu kirusiya, i Moscou

Ni ibisanzwe ko wama wumva, mu kiganiro nyamukuru co kuri buri ndwi cerekeye amakuru ku mboneshakure y’Uburusiya, ivyo Kremlin imaze gushikako.

Ariko ikiganiro co ku wa Mungu catanguriye ku makuru adakunze gutangazwa, aho reta yemera ko ibintu bitameze neza.

Aboneka mu maso ko atamerewe neza, umunyamakuru Dmitry Kiselev yavuze ati: "Ku rubuga rw’intambara mu gikorwa kidasanzwe [muri Ukraine], iyi niyo yabaye indwi ya mbere itoroshe gushika ubu”.

"Ntivyari vyoroshe na gato cane cane ku rugamba rwa Kharkiv, aho inyuma, y’igitero c’umwansi yari yadusumbije inguvu, ingabo (z’Uburusiya) vyabaye ngombwa ko ziva mu bisagara zari zabohoje”.

Mu kibanza ca "zabohoje", fata ko ari "zigaruriye". Moscou yari yigaruriye utwo turere mu mezi aheze, ariko inyuma y’ibitero vyo kwivuna vyaje nk’umuravyo vyakozwe n’ingabo za Ukraine, igisirikare c’Uburusiya catakaje ubutaka butari buto mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine.

Hagati aho, gushika ubwo, ibinyamakuru vya reta y’Uburusiya bibandanya vyerekana ubutwari bw’ingabo zabwo. Ivyabaye mu ntara ya Kharkiv ntibifatwa nk’uguhunga.

Ikinyamakuru ca reta, Rossiyskaya Gazeta, candika kiti: "Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya burahakana ibihuha bivuga ko ingabo z’Uburusiya zahunze mu buryo buteye isoni, uturere twa Balakliya, Kupiansk na Izyum. Ntibahunze. Iyi yari integuro yari isanzwe ihari yo kwiyubaka”.

Mu kinyamakuru Moskovsky Komsomolets, umuhinga mu vya gisirikare wewe abibona ukundi:

"Biramaze kugaragara ko twafashe umwansi minenerwe. [Ingabo z’Uburusiya] zarakweze ibirenge mu gufata ingingo ari naho havuye ugutsindwa…Inkurikizi yavyo ni uko twatsinzwe hanyuma tukagerageza kuraba ko tutotakaza vyinshi mu gukurayo ingabo zacu kugira ngo ntizihave zugaranwa”.

Uku "gutsindwa" kwateye uburakari abakoresha imbuga hwaniro zegamiye reta hamwe n’imbuga ngurukanabumenyi zitanga amakuru yo “gukundisha igihugu”, aho bagiriza igisirikare ko cakoze amakosa.

Eka n’umutegetsi akomeye wa Tchétchénie /Chechnya, Ramzan Kadyrov, niko abibona.

Kadyrov agabisha ati: "Mu gihe uno musi canke ejo ata cohinduka, bizoba ngombwa ko mvugana n’abarongoye ubushikiranganji bwo kwivuna abansi be n’ubutegetsi bw’igihugu kugira ngo ndabasigurire ingene ibintu bimeze ku rubuga. Ni ibintu dutegerezwa gukurikiranira hagufi. Ni ibintu bitangaje”.

Haraciye amezi arenga atandatu Vladimir Putin agomoreye ingabo kuri Ukraine.

Mu misi yakurikiye, umuntu yokwibuka ingene abanyaporitike b’Uburusiya, abanyamakuru n’abihweza ibintu n’ibindi ku mboneshakure bavuga ko ico Kremlin yita “igikorwa kidasanzwe ca gisirikare” cari kurangira mu misi mike cane; ko abanyagihugu ba Ukraine bari kwakiriza yompi ingabo z’Uburusiya nk’abaje kubabohora, kandi ko reta ya Ukraine yari gutembagara mu kanya isase.

Siko vyagenze.

Ahubwo, mu kiringo kirenga amezi atandatu, igisirikare c’Uburusiya kigenda gitakaza urubuga.

Rero, ng’iki ikibazo nyamukuru: none ibi birashobora kugira ingaruka za poritike kuri Vladimir Putin?

Ivyo ari vyo vyose, mu kiringo kirenga imyaka 20, Putin yarabaye rurangiranwa imbere y’incabwenge z’Uburusiya, ko yamye atsinda urugamba; ko yamye aca mu bihe bigoye cane akabitsinda; mu majambo make ko adashobora gutsindwa.

Nkunze kumufata nk’umurusiya karuhariwe yamenyekanye nk’umuhinga mu gukwepa, Harry Houdini. Iyo hari ikintu ico ari co cose kimuzibira canke kimugoye, Putin yamye, igihe cose, abicamwo.

Ibintu vyagiye guhinduka kuwa 24 Ruhuhuma (2).

Amezi atandatu aheze yerekana ko Perezida Putin yakoze ibiharuro atari vyo na gato ku ngingo yiwe yo gutera Ukraine.

Uretse ko yananiwe no gushika ku ntsinzi vuba bwango, Uburusiya bwinjijwe mu ntambara ndende, kandi iriko iratikiriramwo abatari bake, mbere ikaba imaze gutsindwa mu buryo buteye isoni.

Iyo ibintu bihindutse ku mutegetsi asanzwe azwi ko adatsindwa, bishobora kumuzanira ingorane. Kahise k’Uburusiya kazotegerezwa kwigisha Vladimir Putin.

Abakuru b’ibihugu b’Uburusiya bose barwanye intambara bakazitsindwa muri kahise ntibigeze barangiza neza.

Igihe Uburusiya butsindwa n’Ubuyapani, vyavuyemwo impinduka z’Ubutegetsi mu Burusiya (Révolution russe/Russian Revolution) mu 1905.

Amakosa ya gisirikare mu gihe c’intambara ya mbere y’isi yose yatumye haba impinduka z’Ubutegetsi mu 2017 zavuyemwo isenyuka z’ubutegetsi bw’igi Tsar.

Hagati aho, Perezida Putin nta mugambi afise wo kurangiza intambara atsinzwe.

Ejo ku wa mbere, umuvugizi wiwe Dmitry Peskov yabwiye abanyamakuru ati: “Igikorwa kidasanzwe ca gisirikare [c’Uburusiya] kirabandanya kandi kizobandanya gushika aho intumbero zose twihaye kuva mu ntango zizoshikwako”.

Ibi bidushikana ku kindi kibazo gikomeye: none Putin azoca akora iki?

Ntivyoroshe kuronka umuntu ashobora kuba azi ivyo Vladimir Putin yibaza canke ategura.

Vyinshi vyoba biva ku kuri kw’amakuru ahabwa n’abarongoye igisirikare n’ibisata vy’igendereza.

Ariko aha hari ibintu bibiri tuzi: ni gake umukuru w’igihugu c’Uburusiya yemera ko yakoze amakosa. Kandi ni gake yemera guhinduka.

Dufatiye ku vyo ibinyamakuru vya reta bitangaza, turamaze kubona ibimenyetso vyerekana ko ugutsindwa ku rugamba kuriko kwegekwa ku mfashanyo Ukraine ihabwa n’Uburengero.

Imboneshakure ya Reta y’Uburusiya itangaza iti: "Ku mfashanyo ya OTAN/NATO, Kyiv yatanguje igitero co kwivuna”.

Hari ikibazo kitoroshe kimaze amezi atari make mu mitwe y’abantu: mu gihe yonanirwa no gutsinda intambara akoresheje ibirwanisho bisanzwe, Perezida Putin azohava yikora ku birwanisho ruhonyanganda vy’ubumara?

Mu misi mike gusa iheze, umukuru wa gisirikare wa Ukraine, Valeriy Zaluzhnyi, yagabishije ati: "Hari ubwoba ko ingabo z’Uburusiya, mu bihe kanaka, zishobora gukoresha ibirwanisho vy’ubumara”.

Gushika ubu, nta bimenyetso vyerekana ko Kremlin ifise ubwoba. Imboneshakure y’Uburusiya yerekana icizere.

Ivuga ko ibisasu vya misire biherutse guterwa ku bigo vy’amasoko ntanganguvu ya Ukraine ari “impinduka zikomeye mu gikorwa kidasanzwe”.

Naho ku muyobozi wa Kremlin, ku wa gatandatu uheze - ubwo amakuru yaza avuye muri Ukraine avuga ko Uburusiya bwatakaje ubutaka – asubiye i Moscou, Vladimir Putin yari yisanzuye igihe yariko yugurura urugori rushasha, runini cane ku mugabane wose wa Bulaya.

Perezida asa n’uwucizeye ko igikorwa ciwe kidasanzwe kizomugendera neza.