India:Ivyishimo mu kigwati kubera uwaronse akazi ka reta ubwa mbere mu myaka 75

Abantu b’ikigwati ca Sohagpur, mu ntara ya Bihar mu buraruko bw’Ubuhindi bagize umunsi mukuru wo kwigina ko umwe muri bo yaronse akazi ka reta, akaba abaye uwa mbere mu myaka 75.
Rakesh Kumar w’imyaka 30 yaronse akazi ko kuba umwigisha mw’ishure ry’intango rya reta.
Ababa muri ico kigwati batanze imbombo basukira kandi pudere y’amabara mu munezero kuva aho bumviye iyo nkuru ku ndwi iheze.
Ubuzi bwa reta buraronderwa cane mu Buhindi kuko butekanye kandi butanga akarusho.
Ikigwati Kumar abamwo gisanzwe kirimwo ishure rya reta, ariko abagisha baryo bose bava mu bindi bice vy’iyo ntara.
Devendra Chowdhary, umwigisha waho, avuga ko haheze imyaka myinshi abantu barondera akazi kobahemba neza – kuva mu 1947, igihe Ubuhindi bwaronka intahe y’ubwigenge – ariko amahirwe ntiyababana menshi.
Abanyeshure benshi baragenda kwiga mu bisagara bikuru bikuru, ariko nta n’umwe yari bwashobore kuronka akazi ka reta -gushika ubu.
Chowdhary avuga ko kuba Kumar yaronse akazi “ aho vyabereye avanyeho igicu cirabura c’amahirwe make muri ico kigwati” kandi ko “abakiri bato bazoterwa intege n’amahirwe yagize”.
Kumar avuga ko yumva anezerewe cane kuba yatumye ikigwati ciwe cumva ko cishimye. Ariko abandanya avuga ko urugendo rwiwe rutamworoheye na gato.
Uwo mugabo yahora agenda n’ikinga ku birometero birenga 30 kugira ashike kw’ishure ryisumbuye.
Se wiwe yari asanzwe acuruza ivyo kurya. Avuga ko aho apfiriye, ibintu vyaciye bigorana gusumba.
Avuga ati: “Ariko naritaye ku rutare kugira nshitse icifuzo ca data – yashaka ko mba umuganga canke umwigisha. Ubu rero icifuzo ciwe nagishize mu ngiro.”
Kumar yizeye ko ako kazi gashasha kazomwugururira ayandi mahirwe.












