Burundi: Rusansuma y’abashomeri, bamwe barizeye akazi abandi bati ‘nta gishasha’

Ahavuye isanamu, BurundiMIDCSP
Igikorwa catanguye ku wa gatandatu uheze co kwandika urwaruka rwahejeje amashure rudafise akazi kizobandanya kubera ubwinshi bwabo, ni mu gihe vyari vyitezwe ko kirangira kw'isaha zitandatu ejo ku wa mbere.
Mu minsi itatu, leta y'u Burundi ivuga ko yashoboye kwandika abashika 245.000, ariko kandi ko gushika ejo ku wa mbere hari hakiri benshi bakirindiriye kwandikwa.
Abandikwa bavuga ko babazwa vyinshi harimwo ibijanye n'amashure bize hamwe impamyabushobozi bafise, igihe bayizonkeye, n'ibindi.
Ntaco babwirwa uretse ko ari rusansuma rw'abashomeri bariko barakora.
Bamwe bavuga ko ibi nyene vyabaye no mu myaka myinshi bandikwa buri mwaka, bakabona ko ata gishasha, ariko ubu bamwe barizigiye ko leta ishobora kubafasha.
Igihe arahiza abashikiranganji ba leta yiwe, Perezida Evariste Ndayishimiye yatangaje ko yiyemeje gushigikira urwaruka "cane cane bamwe bafise impapuro z'umutsindo ariko batararonka ico bakora".
Umwe mu bavuganye na BBC, hampande y'amashure n'impamyabushozobi, avuga ko yabajijwe ubwoko bw'akazi yipfuza canke umutahe abona yoshobora gukoresha mu gihe yoba afise umugambi wo kurangura.
Mu gihe abiyandikisha ari abahejeje amashure bakirondera akazi nk'uko binavugwa n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati, uyu mushomeri avuga ko ataco babwirwa kuri iki.
Ati: "Nta wuzi ko bagomba kuduha akazi, canke imitahe, gushika ubu turarindiriye".
Uwundi mukenyezi atipfuje kuvugwa amazina yavuganye na BBC, avuga ko ico babwiwe conyene ari uko hariko hakorwa rusansuma y'abashomeri.
Ati: "Jewe sinibaza ko ari akazi bashaka kuduha, kuko ivy'akazi baheruka gukoresha ikibazo, abaronse bararonse.
Ariko baratubwira ko bibaye ngombwa tuzoja hamwe hanyuma bakaduha imitahe tugakorera hamwe".
Uyu afise icizere gito kuko ngo sibwo bwa mbere yandikwa kuva ahejeje amashure.
Ati: "Nama mbona batwanditse bigaherera iyo, turamenyereye kwiyandikisha.
"Kuva umwaka wa mbere mpejeje amashure mu 2014 nta mwaka urengana batatwanditse. Maze imyaka itandatu nguma nandikwa, ariko nta cahindutse".
Hagati aho, aremeza ko iri yandikwa ry'ubu ritandukanye n'iryari risanzwe rihari afatiye kuvyo yabajijwe.
Yongerako ati: "Mfise icizere ko nzohava nkaronka umutahe kuko muvyo bambajije barambajije umutahe noba nkeneye kugira nshobore kurangura umugambi wo kwiteza imbere".
Leta ifise intumbero nyabaki?
BBC yashatse kuronka insiguro kuri kino gikorwa kimaze iminsi ine co kwandika abahejeje amashure ariko batigeze baronka akazi, uruhande rwa leta ntaco rwashimye gutangaza bikiriko birakorwa.
Hagati aho, mw'ijambo ryiwe arahiza leta nshasha Perezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko mu migambi yiwe itandatu yihutirwa harimwo kuzamura urwaruka, cane cane abahejeje amashure batararonka akazi.

Ahavuye isanamu, AFP
Bwana Ndayishimiye yagize ati:"Abo nibo cane cane nshaka ko bazoba intwazangabo zirongora abandi mu rugamba rwo kugwanya ubukene ku rwego rw'intango".
"Aho bukera tugira dushware mu makomine yose agize Uburundi, tuje kwegeranya urwo rwaruka mu kibiri, batwereke imigambi bafise, bashaka gukora.
"Aho tuzosanga batoye kworora tuzobafasha kworora, aho tuzosanga batoye uwundi mugambi, tuzowubafasha".
Ikiriho ni uko biboneka ko abashomeri biyandikisha ari benshi cane mu gihugu, nk'uko vyemezwa n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati, umutekano n'iterambere ku rubuga rwabwo rwa Twitter.
Ubu bushikiranganji buvuga ko ku munsi wa mbere gusa batanguye ico gikorwa handitswe abashika 45.000.
Mu gihe gushika ku mugoroba w'ejo ku wa mbere, abashika 245.000 ari bo bari bamaze kwandikwa mu gihugu cose, abandi barenga 35,000 bari baraye bategerejwe kwandikwa.










