AFC/M23 irasabwa na HRW kureka kubangamira itangazamakuru n'abaharanira uburenganzira

Ahavuye isanamu, M23
Ishirahamwe riharanira uburenganzira bwa muntu Human Rights Watch (HRW ) riragiriza umuhari 23 n'urunani urimwo rwa AFC gutera ubwoba, gupfunga no gutera abamenyeshamakuru, ababinegura, n'abo mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike'' kuva bafashe igisagara ca Goma.
M23 yafashe uwo mugwa mukuru w'intara ya Kivu ya ruguru mu mpera z'ukwezi kwa Nzero (1).
Mw'itangazo yasoye kuri uyu wa gatatu, HRW ivuga ko muri Kivu zompi, abagwanyi ba M23 ''bateye amazu, baratera ubwoba bwo kwica no guhorwa akazi, ibiheza bikabangamira itangazamakuru ryigenga n'ibikorwa vy'amashirahamwe adaharanira inyungu za politilke''.
Iryo shirahamwe ryagiriza kandi uwo mugwi gupfunga abo mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike no gukora ubwicanyi ndengerabutungane, harimwo kwicira i muhira iwe umuririmvyi akaba n'uwurwanira uburenganzira bwa muntu hamwe n'abandi bantu batanu inyuma yo kubakoresha ku gahato.
''Kugarukana ubuzima busanzwe muri ivyo bisagara vyafashwe vya Goma na Bukavu bisigura kwemerera abamenyeshamakuru n'abo mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike gukora imirimo yabo ata guterwa ubwoba, gukorerwa amabi canke mbere bibi kuruta aho'', bivugwa na Clémentine de Montjoye, umushakashatsi mukuru wa HRW mu bihugu vy'ibiyaga binini.
AFC/M23 iriyamiriza yivuye inyuma ivyo yagirizwa n'ishirahamwe Human Rights Watch, ikavuga ko ari "amakuru y'ibinyoma, yo kuzimiza abantu" kandi ko rikorera ku nyungu za reta ya Kinshasa.
Mw'itangazo ryasohowe n'uru runani rwiyamiriza ibi birego, AFC/M23 ivuga ko itigera ihagarika, itera ubwoba canke ngo itoteze umunyamakuru n'umwe canke umuntu uwo ari we wese aharanira uburenganzira bwa muntu, igasaba ivyemezo nyavyo vy'ibi birego.
Urunani AFC/M23 rwagiriza HRW gukoresha nabi ububasha bwayo mu gucafuza ishusho yarwo.
AFC/M23 igira iti: "Dusaba abanyagihugu n'amakungu kudaha agaciro iki cegeranyo gihengamye, ahubwo habe isuzuma ryimbitse ku bucuti HRW ifitaniye n'ubutegetsi bwa Kinshasa, ibi bikaba bitesha agaciro ivyo yandika".
Kuva mu mpera z'ukwezi kwa mbere, muri iryo tangazo Human Rights Watch ivuga ko yavuganye n'abanye-Congo baharanira uburenganzira bwa muntu hamwe n'abamenyeshamakuru bo muri Congo n'abava mu makungu barenga 20 bakorera i Goma, Kinshasa [muri Congo] na Bujumbura [mu Burundi] yongera irihweza amajwi n'ubutumwa bwo kuri terefone vyarungitswe n'abagetsi ba AFC na M23.
HRW ivuga ko yaronse amakuru yo kwizera ko abaharanira uburenganzira bwa muntu bashika 200 barondeye gukingirwa kuva M23 itanguye igitero cayo co gufata Goma muri Nzero no mu nyuma imaze gufata Bukavu, umurwa mukuru wa Kivu y'Epfo mu kwezi kwa Ruhuhuma (2).
HRW ivuga kandi ko yarungikiye abategetsi b'Urwanda, bivugwa ko rushigikiye M23, ivyo yatohoje ariko ko gushika basohore iri tangazo ataco bari bwabivugeko.
Be n'abategetsi ba AFC, HRW ibasaba kwubahiriza amategeko mpuzamakungu akingira uburenganzira bw'abari mu kaga mu turere bagenzura.
''Bategerezwa kureka amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa zina muntu n'abamyemenyeshamakuru gukora mu bwigenge kiretse gusa iyo hari impamvu zigaragara z'umutekano'', niko itangazo ribandanya rivuga.
Uretse abamenyeshamakuru n'abo mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike, HRW ivuga ko kuva M23 ifashe Goma abagwanyi bayo bakubise bakongera bakica mu buryo ndengerabutungane abantu bagiriza kuba bashigikiye ingabo za reta ya Congo n'abazifasha, n'abandi bagirizwa kuba inkozi z'ikibi, bongera barasahura amazu.
Umwe mu baba Goma yavuganye na HRW yayibwiye ko ''abagwanyi ba M23 baje i muhira iwe ku wa 29 Nzero hanyuma bamwagiriza gufasha abansi kwica ''abagenzi babo'' ku rugamba. ''Barankubise inkoni ku mugongo umunsi wose,''' niko yavuze.
''Singishobora gutambuka. Barankubise, barantera, hanyuma barasahura inzu yanje.''

Ahavuye isanamu, X
Mu bundi burorero bwinshi bw'amabi ya M23, HRW ivuga ko abagwanyi b'uwo mugwi ku wa 13 Ruhuhuma bishe umuririmvyi Delcat Idengo i muhira iwe ''mu gihe kiboneka ko ata ntambara yariko irahabera''.
Mu nyuma HRW ivuga ko umuvugizi wa M23 Lawrence Kanyuma yagirije uwo muririmvyi ko yari ashigikiye ishirahamwe ry'urwaruka Lutte pour le Changement (LUCHA) aca abwira HRW ko abagwanyi bamwishe kuko yari yambaye ''ikimenyetso ca gisirikare.''
Human Rights Watch ivuga ko reta y'Urwanda yafashe abasivire b'abanye-Congo ata mvo igaragara ishingiye ku mategeko. HRW itanga akarorero nk'umunye-Congo aharanira uburenganzira abategetsi b'Urwanda bafashe mu kwezi kwa Ruhuhuma yajabutse muri ico gihugu baca bamushikiriza inzego z'igendereza rya M23 i Goma nazo zica ziramupfunga iminsi indwi.
HRW ivuga ko umuvugizi wa M23 Lawrence Kanyuka yemeje ko uwo muntu yari yafatiwe mu Rwanda rubisabwe na M23 ruca rumupfungira mw'igendereza rya gisirikare ''kubera atemera intwaro yacu'' kandi ''akaba yaratuneguye cane.''
HRW isaba ishirahamwe rya Buraya n'ibihugu birigize n'abandi bose bafise ijambo mu bijanye n'iyo ntambara gufatira ibindi bihano vyihariye abategetsi ba M23 n'Urwanda bafise uruhara muri ayo mabi.
Bimwe muri ivyo bihugu hamwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu minsi iheze barafatiye ibihano Urwanda na bamwe mu bategetsi ku giti cabo.
''Muri ibi bihe bigoye mu turere tugenzurwa na M23, abanyagihugu bahaba bakeneye kuronka amakuru y'ibanze kandi yizewe'' niko de Montjoye avuga.
''Ibihugu bikwiye kuremera Urwanda rukamenya ko M23 ireka abamenyeshamakuru n'abaharanira uburenganzira gukora ata ntambamyi zidakenewe zishira ubuzima bw'abanyagihugu mu vyago vy'uko ubuzima bwabo burushiriza guhura n'akaga.''













