Urwanda rwimye agaciro ibihano vya Amerika
Inyuma y'aho leta z'unze ubumwe za Amerika zifatiye ibihano umunyamabanga wa leta muri leta y'u Rwanda James Kabarebe, hamwe n'umwe mu bayobozi bakuru b'umutwe wa M23, kubera uruhare bagize mu ntambara ibera mu burasirazuba bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo. Ni ibihano leta ya Kinshasa yashimye.
abicishije ku rubuga rwa X (rwahoze ari twitter), umushikirangaji wa leta ya Congo ajejwe kumenyesha amakuru, Patrick Muyaya yavuze ati: "Turashima ibihano vy'Abanyamerika vyafatiwe Jenerali James Kabarebe, umushikiranganji w'Urwanda rw'ubufatanye n'akarere ndetse n'umuvugizi w'umutwe 'w'iterabwoba' M23".Ibi birerekana ko ari intango y'ibihano birebire twifuza kurushaho gukomera, bizofatwa n'inama nkuru y' umutekano mw'ishirahamwe mpuzamakugnu ONU, umuryango w'ubumwe bw'ibihugu by'Uburayi -EU n'abandi bafatanyabikorwa mu ntumbero yo guhatira u Rwanda gukura ingabo no guhagarika ibikorwa vy'ubugizi bwa nabi ku butaka bwacu"
Urwanda ruravuga ko ata gaciro bifise kandi ata n'ingaruka bizogira mu kugarura amahoro. Tega amatwi uko umushikiranganji w'ububanyi n'amahanga w'Urwanda Olivier Nduhungirehe yasobabanuriye BBC