DR Congo: M23 yasubije igisagara ca Kibumba

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w’ingabo z’akarere ka Afrika y’Ubuseruko ziri muri Congo yahamagariye abanyagihugu gusubira mu ngo zabo mu karere ka Kibumba avuga ko ubu gatekanye.
General Major Jeff Nyagah, wo mu ngabo za Kenya ziri muri ubwo butumwa, yabivuze ubwo umugwi witwaje ibigwanisho wa M23 wari usubije ico gisagara ca Kibumba kiri ku 20km uvuye ku murwa mukuru w’intara ya Nord Kivu, Goma.
Ako karere kari kw’ibarabara rikomeye rija Goma.
Nk'uko biri mw'itangazo w’itangazo M23 yaraye isohoye rikaba ryagiye ahabona kuri uno wa gatanu, ni ingingo yo gusubiza Kibumba yafashwe inyuma y’imibonano hagati ya M23 n’abaserukira ingabo z’akarere ka Afrika y’Ubuseruko (EACRF) be n’abaserukira umurwi w’ingabo zishinzwe kugenzura imipaka (Mécanisme Ad hoc de Vérification) washinzwe n’inama mpuzamakungu ku karere k’ibiyaga binini, CIRGL/ICGLR, ku magenekerezo ya 12 na 22 Kigarama (12) uno mwaka.
Iri tangazo rivuga riti: “N’aho ibirindiro vyacu biguma biterwa, be n’ubwicanyi bukorerwa abantu bacu, bugakorwa n’urunani rwa reta, M23 irashigikiye utwigoro tw’akarere, ikaba yemeye kurekura ibirindiro vyayo vya Kibumba bikaja mu minwe ya EACRF”.
Icegeranyo gishasha cagiriza u Rwanda gushigikira M23
General Major Nyagah yavuze ko mu gihe igikorwa co muri ako karere ka Congo kitoroshe, ingabo z’akarere zizobandanya kukirangura n’ubwira n’ukwubahiriza amategeko mpuzamakugu y’abantu bari mu kaga.
Amashirahamwe afasha avuga ko intambara hagati ya M23 na reta ya Congo yatumye nibura abantu beranga inusu y’umuriyoni bata izabo kuva mu kwezi kwa gatatu.
Ku wa kane , icegeranyo ca ONU cashoboye kumenyekana kitarasohoka icese cavuze ko reta y’Urwanda iha imfashanyo abagwanyi ba M23.
Uretse ONU, Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubufaransa n'Ububirigi navyo biragiriza Urwanda gushigikira M23, ivyo reta y'ico gihugu yagumye ihakana.
Ico cegeranyo kivuga kandi ko ingabo za Congo zunze urunani n’iyindi migwi yitwaje ibigwanisho mu kurwanya M23.
Ico cegeranyo gishikiriza kandi amakenga ko bitero bishingiye ku moko bitota abavuga ikinyarwanda bo mu buseruko bwa Congo bakekwa kuba bashigikiye M23.
Kibumba ni kamwe mu turere twari dusanzwe tugenzurwa na M23 mu ntara ya Kivu ya Ruguru.
Inyuma yo kwigarurira igisagara ca Bunagana ku rubibe na Uganda muri Ruheshi(6) iturutse mu birindiro vya Tchanzu na Runyoni hafi y'ikirunga ca Sabyinyo, ahazwi nk'ivyahoze ari ibirindiro vyayo bikuru vya kera, M23 yagiye yigarurira uturere tutari duke mu ntambara yakurikiye hagati y’abarwanyi bayo n’ingabo za Congo.
Ubu, igenzura igice kinini ca teritwari ya Rutshuru n’ibice vy’iya Masisi mu ntara ya Kivu ya Ruguru.
Mu ntango z’uku kwezi, umuvugizi wayo yasohoye itangazo ryamenyesha ko wari witeguye “guhagarika ibikorwa no gusubira inyuma” nk’uko bisabwa n’aba bakuru b’ibihigu vy’akarere.Mu gihe itangaje ko igiye kuva i Kibumba.
M23 ntivuga igihe utu tundi turere yigaruriye tuzosubizwa.










