'Kagame yemeye gutera igitsure M23 ngo ihagarike intambara' - Kenyatta

Kagame na Tshisekedi
Insiguro y'isanamu, Perezida Tshisekedi na Paul Kagame mu kwezi kwa Kamena(6) 2021 ku Gisenyi mu Rwanda, ubwo umubano wa bombi wari mwiza

Uwahoze ari prezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta hamwe na prezida w'Urwanda Paul Kagame bumvikanye ko hakenewe ihagarikwa ry'intambara mu buseruko ba Republika ya Demokrasi ya Congo n'uko abagwanyi ba M23 bova mu turere baheruka gufata.

Kenyatta, umuhuza wa EAC mu matati y'abanye Congo ariko aragerageza guhagarika iyo ntambara - avuye muri Nord Kivu aho umugwi wa M23 wagize ibitero vyinshi muri uyu mwaka, vyatumye abantu bangana barenga ibihumbi 250 bata izabo.

Urwanda ruhakana gushigikira umuhari wa M23 iriko igwanira mu buseruko bwa Congo.

Ariko, ufatiye kw'itangazo ry'ibiro vy'umuhuza Kenyatta, prezida w'Urwanda yemeye gufasha umuhuza wa EAC gusaba M23 guhagarika ingwano no kuva mu duce baherutse kwigarurira.

Iryo tangazo ribandanya rivuga ko Kenyatta yavuganiye ku murongo wa telefone na prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye arongoye ishirahamwe ry'ubuseruko bwa Afrika muri kino gihe, EAC, kw'ishirwa mu bikorwa ry'ivyapfunditse n'abakuru b'ingabo z'ako karere ku ntambara zibera muri Congo harimwo kuja gutuza imigwi yitwaje ibigwanisho iri mu buseruko bw'ico gihugu.

Ngo baravuze kandi kw'itanga ry'imfashanyo ku bamaze guta izabo kubera iyo ntambara ihuza reta na M23.

Kenyatta kandi yaravuganye n'umunyamabanga wa Onu, Antonio Guterres kuri ico kibazo c'imfashanyo.

Muri iyi ndwi intambara yarakaze cane, aho igisirikare ca Congo cateye M23 gikoresheje indege n'imodoka zitamenwa.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Aka kamo k'amakungu ko guhagarika intambara kazanye icizere.

Vyinshi bizova ku bizova mu biganiro vy'amahoro bitegekanijwe gutangura i Nairobi ku musi wa mbere.

Gushika ubu, ntibiramenyekana nimba umuhari wa M23 uzitaba ivyo biganiro, kuko mu biganiro vya mbere ntiwari watumiwe.

Reta ya Congo yari yamenyesheje ko M23 ari umugwi w'iterabwoba, gutyo ko ukwiye gutuzwa ku nguvu.

Itariki 12 z'uku kwezi, umushikiranganji w'imigenderanire ya Congo n'amakungu yarashize ahabona ibintu bine bisabwa kugira reta yemere kuganira na M23, harimwo kurekura uduce twose yafashe.

Christophe Lutundula yasubiyemwo ko reta ibona umuhari wa M23 nk'uwo iterabwoba, kandi ko badashobora kuganira na wo ivyo bidahindutse.

Reta ya Congo kandi yagumye yagiriza igihugu c'Urwanda ko ari co gifashe mu mugongo uwo muhari.

Ivyo vyose M23 yagumye ibihakana.

Mu ntango z'ukwezi kwa cumi umuhuza w'akarere ko mu buseruko bwa Afrika EAC ku kibazo ca Congo, Uhuru Kenyatta na prezida Evariste Ndayishimiye arongoye iryo shirahamwe bari basavye ko imigwi yose yitwaje ibigwanisho iri muri RD Congo, isubira mu bihugu vyayo.

Ivyo biri mw'itangazo abo bategetsi babiri basohoye inyuma y'umubonano wabereye i Bujumbura mu Burundi ku mugwa mukuru w'ubutunzi w'ico gihugu.

Iryo tangazo ryagira riti: "Duhamagariye imigwi yose yitwaje ibigwanisho gusubira mu bihugu yaje ivamwo ata kindi gisabwe."

Kenya, Uburundi na Uganda, ni vyo bimaze kurungika ingabo zo kugwanya imigwi yitwaje ibigwanisho iri mu buseruko bwa Congo.

Imyaka n'imyaka y'intambara yagiye irakongerwa n'inyota yo kugenzura ubutare buri muri aako karere.