Imigwi y'inkozi z'ikibi muri Haiti ikangisha gufata igihugu inyuma yo gutorokesha abanyororo benshi

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Henri Astier & Ali Abbas Ahmadi
- Igikorwa, BBC NEWS
Reta ya Haiti ku wa mungu yatangaje ikiringo c'amasaha 72 c'amategeko nk'ayo igihugu kiri mu ntanbara inyuma y'aho imigwi y'inkozi z'ikibi yugururiye rimwe mu mabohero ya mbere manini ku murwa mukuru Port-au Prince. Nibura abantu 12 barapfuye nabo abanyororo 3.700 barasohoka iryo bohero.
Abakuru b'iyo migwi bavuga ko bashaka guhatira umushikiranganji wa mbere Ariel Henry kuva ku butegetsi, uwo nawe muri ico gihe akaba yari mu rugendo mu mahanga.
Iyo migwi ishaka kumukura igenzura 80% ya Port-au-Prince.
Intambara y'iyo migwi imaze guhitana abantu ibihumbi mu gihugu kuva mu 2020.
Itangazo rya reta rivuga ko amabohero abiri -rimwe ryo ku murwa mukuru n'irindi mu gisagara vyegeranye ca Croix des Bouquets -yaratewe mu mpera z'indwi.
Reta yavuze ko ibikorwa vyo ''kugarariza'' bibangamiye umutekano w'igihugu hanyuma ica itangaza ko ishinze ikiringo c'umukwabu wo mw'ijioro, gitangura isaha zibiri z'ijoro mu masaha yo muri Haiti ( isaha indwi z'ijoro kw'isaha mpuzamakungu, 01:00GMT).
Ibinyamakuru vyo muri Haiti bivuga ko hari ibindi bigo vy'igiporisi vyatewe, bisamaza abategetsi imbere y'uko ayo mabohero aterwa mu buryo bwari bwateguwe neza.
Mu banywanyi b'iyo migwi barekuwe i Port-au-Prince harimwo abari bagirijwe uruhara mw'iyicwa rya perezida Jovenel Moïse mu 2021.
Uwo mupfunda mushasha w'intureka watanguye ku wa kane, igihe umushikiranganji wa mbere yafata urugendo aja i Nairobi muri Kenya kuvugana ivyerekeye ingabo mpuzamakungu zirongowe n'ico gihugu zoja gufasha kurwanya iyo migwi muri Haiti.
Umukuru w'umwe mu migwi Jimmy Chérizie (batazira "Barbecue") yatangaje ko hari igitero categuwe co kumukura.
"Twese hamwe, imirwi yitwaje ibirwanisho mu bisagara vyo mu ntara zo hagati mu gihugu hamwe n’iyo ku mugwa mukuru, twunze urunani", niko uno yahoze ari intwazangabo mu gipolisi avuga, akaba azwi ko ari inyuma y’ubwicanyi butari buke ku mugwa mukuru Port-au-Prince.
Igiporisi co muri Haiti gisaba igisirikare gufasha gukomeza umutekano ku mabohero, ariko iri bohero ryatewe mu masaha yitereye yo ku wa gatandatu.
Ejo ku wa Mungu, imiryango y’iri bohero yari icuguruye kandi nta n’umwe yari ahari mu bajejwe umutekano, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters. Ritangaza ko abantu batatu bariko baragerageza gutoroka bari barambaraye hasi bapfuye.
Umunyamakuru w'itororokanirizo AFP yagendeye iryo bohero yabonye ibiziga bishika 10, bimwe bifise ibimenyetso vy'aho vyakomerekewe n'amasasu.
Umukozi wo muri iryo bohero yabwiye abanyamakuru ba Reuters ko impfungwa 99 - harimwo abahoze ari abasirikare ba Colombia bapfunzwe ku ruhara rwabo mw’igandagurwa rya Perezida Moïse – zahisemwo kuguma mu vyumba vyabo muri iryo bohero ku gutinya kwicwa mu gihe haba ukurasana.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ibiro vy'uwuserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika i Port-au-Prince vyasavye abanyagihugu bayo kuva muri Haiti ''vuba hashoboka''. Ubuserukizi bw'Ubufaransa bwamenyesheje ko buhagaritse ivyo gutanga viza nk'ingingo yo ''kwiyubara''.
Kuva Perezida Moïse yishwe , indyane zariyongereye. Ntarasubirizwa kandi nta matora arigera ahaba kuva mu 2016.
Mu masezerano yari yashitsweko hagati y’abanyaporitike, hategerezwa kuba amatora, maze Henry akaba yategerezwa gutanga imihoho ku wa 7 Ruhuhuma (2), ariko ibi ntivyabaye.
Ku wa mbere abategetsi ba Kenya bamjenyesheje ko umushikiranganji wa mbere yasubiye muri Haiti.
Mu kiganiro Newsday ca BBC, Claude Joseph - yari umushikiranganji wa mbere mfatakibanza igihe perezida Moïse yicwa, ubu akaba ari umukuru w'umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi witwa Les Engagés pour le Développement (Abiyemeje kurondera iterambere) - yavuze ko Haiti iri mu bihe bibi cane.
Joseph yavuze ko umushikiranganji wa mbere Henry ashaka kuguma ''ku butegetsi igihe kirekire gishoboka''.
''Yemeye kuva ku butegetsi itari 7 z'ukwezi kwa kabiri. None ubu yafashe ingingo yo kuhaguma n'ubwo hari imyiyerekano mu gihugu cose imusaha kuhava kandi birababaje kubona iyo migwi y'inkozi z'ikibi iriko irakoresha uburyo bw'intureka kugira imuhatire kuva ku butegetsi.''
Muri Nzero (1), ONU yavuze ko abantu barenga 8400 bakorewe amabi n’imirwi y'inkozi z'ikibi muri Haiti, harimwo abishwe, abakomeretse n’abanyurujwe – ni incuro zirenga zibiri ugereranije n’umwaka wa 2022.
Amavuriro menshi ubu yarahagaritse gukora kubera ubwo bwicanyi.










