Peter Mutharika yiteguye kwongera kuyobora Malawi, Chakwela amaze kwemera ko yatsinzwe

-

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mutharika yari amaze kuyobora malawi hagati ya 2014 na 2020

Inyuma y'imyaka 5 ahushije intebe y'umuklruu w'igihugu ku kanyuma, biturutse ku ngingo ya sentare, Peter Mutharika yiteguye kwicara kuri iyo ntebe ubugira kabidi nka perezida wa Malawi.

Peter Mutharika yabaye umukuru w'igihugu hagati ya 2014 na 2020, ahava atsinzwe na Lazarus Chakwera.

Mu myiyamamazo Mutharika yabwira abazotora ko ubuzima bwari bwiza gusumba mu gihe ciwe - koko ku butegetsi bwa Chikwera, Malawi yugarijwe n'ibibazo vy'ubutunzi itari bwigere ijamwo.

Ariko no mu gihe c'ubutegetsi bwa Mutharika vyose nti vyera ngo de, uhereye ku kwagirizwa ibiturire gushika n'aho atsinzwa amatora.

Ubu bwari bugize kane aharanira ikibanza c'umukuru wigihugu, ariko ubwa kera Mutharika ntiyigeze ashaka kuja muri politike

'Mwari mwarambuze, si vyo?

Ifoto yafashwe na camera iri hafi ya Peter Mutharika yambaye amarori, ishati yera na kostime

Ahavuye isanamu, Bloomberg via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Peter Mutharika w'imyaka 85 yari yabaye umukuru w'igihugu hagati ya 2014 na 2020

Mutharika yagize imyiyamamazo migufi avuga n'ajambo magufi.

Avuga mu rurimi rw'iwabo rw'iki-Chikewa, yagumye asubiramwo amungane abiri: ''Mwarambuze, si vyo? na ''Mwarababaye, si vyo?''

Ni ubutumwa bwanyura cane abatora babonye intwaro ya Chakwera irangwa n'ihindimuka ry'ubutunzi, ubuzima burazimba cane, ibiciro vy'ivyo kurya biraduga cane.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Imyiyamamazo y'ayo matora yaranzwe ahanini n'ibibazo vy'ubukene bw'igitoro bumaze igihe, hamwe n'ugucika kw'umuyagankuba, ubuzima buguma buzimba, inzara, ubusumbane n'ubushomeri bw'abakiri bato.

Mu cerekana ko amafaranga akenye, nta kariro kenshi kabaye mu kwiyamamaza ugereranije no muri kahise.

Kuva hakiri kare, ayo matora y'umukuru w'igihugu abonwa nk'aho yari ugusubiramwo ihiganwa hagati y'umukuru w'igihugu yari ahari ubu, Lazarus Chakwera, n'uwo yatsinze mu 2020, uwari umukuru w'igihugu ico gihe, ari we Peter Mutharika.

Mw'ijambo ryaciye ku mboneshakure iminsi umunani imbere y'uko amatora aba, Perezida Chakwera yaremeye ko azi akababaro abanyagihugu bafise aranasaba imbabazi. Uwo mukuru w'igihugu yaciye ata ishavu ku bo yita abategetsi bamunzwe n'ibiturire abagiriza gutoba isoko ry'igitoro.

Uretse igitoro, no kuronka akazi bisigaye ari imbonekarimwe.

Mu kurondera ico bashira ku munwa, abakiri bato bamwe bamwe bagurisha igitoro mu macupa n'utubido ku giciro kingana incuro zitanu igiciro cashinzwe na reta.

Mu gihe ivyo kurya vyaduze ibiciro ku rugero rurenga 30%, nayo imishahara itaduga, ubuzima buguma buzimba gusumba.

Iduga ry'ibiciro ryatewe n'ubukene bw'amafaranga mvamakungu, bwatumye bamwe mu barangura ibintu hanze baja kurondera amadorari kw'isoko rya magendo aho azimvye cane. Impera n'imperuka ingaruka zikaja ku muguzi.

Chakwera yerekanye 'uburongozi nyabwo' mu kwemera ko yatsinzwe

Amafoto yabangabanganishijwe ya Lazarus Chakwera (yambaye amarori n'ikaruvato) na Peter Mutharika (yambaye inkofero n'ishati vy'amabara y'umugambwe wiwe - DPP).

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Perezida Lazarus Chakwera (i bubamfu) na Peter Mutharika (i buryo) ni abakeba ba kera muri poritike

Umukuru w'igihugu ca Malawi Lazarus Chakwera yemeye ko yatsinzwe mu matora na Arthur Peter Mutharika w'umugambwe Democratic Progressive Party.

Mw'ijambo yashikirije igihugu gato imbere y'uko umugwi ujejwe amatora utangaza ivyayavuyemwo, yagize ati:

"Dufatiye ku biharuro bimaze gutangazwa icese, biraboneka neza ko uwukomeye mu bo twahiganywe, Umwigisha Arthur Peter Mutharika, ari imbere ku buryo atawoba akimushikira."

Chakwera yabandanije ati: "Kuri izo mvo, mu kanya gaheze, nahamagaye Umwigisha Mutharika kugira ndamukeze kuri iyo ntsinzi y'amateka."

Yemeje ko ejo yituye amasentare agerageza gusaba ko yohagarika itangazwa ry'ivyavuye mu matora ariko avuga ko yemeye ingingo ya sentare ko umugwi ujejwe amatora utegerezwa gutangaza ivyayavuyemwo.

Chakwera yavuze kandi ati: "Benya-Malawi, muba ku ruhande rwatsinzwe canke urwatsinze, ndabasavye mugume mutekanye."

Peter Mutharika, w'imyaka 85, abaye nk'uwihoye Lazarus Chakwera, w'imyaka 70, yari yamutsinze mu matora yo mu 2020, ico gihe Mutharika nawe nyene akaba yari umukuru w'igihugu.

Umugambwe wa Chakwera uvuga ko Malawi ''yeretse isi ubwiza bwa demokarasi n'inguvu z'uburongozi bw'ukuri''.

Uwo mugambwe uzwi nka Malawi Congress Party (MCP), washimagije Chakwera kuba yemeye ko yatsinzwe n'uwo basanzwe ari abakeba kuva kera, Peter Mutharika.

Mw'itangazo, umugambwe MCP wavuze ko yakoze ivyo ''mw'isi aho amahiganwa ya poritike akenshi ahereza mu nzigo n'amatatati''.

Wongeyeko ko mu kwemera ko yatsinzwe, Chakwera ''yerekanye ko uburongozi atari ukwumira ku butegetsi uko bigenda kwose, ahubwo ari ugukorera abanyagihugu neza - n'iyo watsinzwe''.

Mutharika ni inde?

Yavutse mu 1940 mu ntara irima icayi ya Thyolo, arerwa n'abagishisha babiri aca akura akunda kwigisha.

''Nakuriye mu muryango aho abavyeyi bari abarezi, kandi nanje ubwanje namaze ubuzima bwanje nigisha muri kaminuza, muri kaminuza indwi ku migabane itatu y'isi,'' niko Mutharika yavuze mu 2017, mw'ijambo yashikirije kuri kaminuza ya Oxford yo mu Bwongereza.

Yize kw'ishure ryisumbuye rya Dedza, ishure rizwi cane muri Malawi mu kuramura abanyaporotike bakomeye, aca yiga amategeko mu myaka ya 1960 kuri kaminuza rurangiranwa ya Yale muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Mutharika yaciye aba umwigisha wa kaminuza, aba umuhinga mu butungane mpuzamakungu. Yaramaze imyaka myinshi ataba muri Malawi yigisha kuri kaminuzaq muri Amerika, Tanzania, Uganda na Ethiopia.

Mutharika yahavuye ahindukirira muri poritike mu 2004, igihe mukuruwe, Bingu, yaba umukuru w'igihugu ca Malawi.

Mutharika yaciye asubira mu gihugu kuba umujenama w'umukuru w'igihugu mushasha hanyuma mu 2009, aca atorwa nk'umushingamateka w'umugambwe wari ku butegetsi, Democratic Progressive Party (DPP).

Yarakoze muri reta ya mukuruwe nk'umushikiranganji ajejwe ubutungane, umushikiranganji ajejwe amashure n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire.

-Ifoto ya Muthalika n'umuganwa Harry

Ahavuye isanamu, WireImage via Getty Image

Insiguro y'isanamu, Muthalika yama mu bikorwa vyo kwigisha muri za kaminuza akaja guhura n'abanyacubahiro, ndetse no mu ngendo z'amabanga y'akazi yari ajejwe

Mutharika yarigiye araduga mu biti vy'ubutegetsi ata ngorane nyinshi, ariko icuka kibi caradutse mu 2010. igihe havugwa ko mukuruwe Bingu yashaka kumugena nk'umukandida wa DPP mu matora yo mu 2014.

Ariko ivy'uko asubirira mukuruwe vyapfuye bukwi na bukwi mu 2012.

Ku myaka 78, umukuru w'igihugu umutima warahagaze, aca arapfa.

Ikibanza c'umukuru w'igihugu kimaze kugaragara, haciye haba intambara yo kugwanira ubutegetsi. Ibwirizwa shingiro rya Malawi ryavuga ko umukuru w'igihugu apfuye asubirirwa n'icegera ciwe, ariko Bingu yari yacanyemwo n'icegera ciwe Joyce Banda, bapfuye ivyavugwa ko yashaka gushira murumunawe ku butegetsi.

DDP yari yirukanye Banda, aca ashinga uwundi mugambwe ariko yanka gutanga imihoho mu mabanga y'icegera c'umukuru w'igihugu.

Aho umukuru w'igihugu apfiriye, abamushigikiye baragerageje gushiraho murumunawe birengagije ibwirizwa nshingiro ariko amaherezo Banda niwe yahavuye atsinda urugamba, aca umukuru w'igihugu wa mbere w'umugore muri Malawi.

Mutharika yaciye ashingishirizwa urubanza rwo guhemuka inyuma yo kwagirizwa kuba mu mugambi wo kunyegeza urupfu rwa mukuruwe kugira aronke umwanya wo gukora amanyanga ngo abuze Banda kuba umukuru w'igihugu.

Yariyamirije ivyo yagirizwa n'ibitagira mvura kandi bishingiye kuri poritike - ariko ivyo yagirizwa vyaciye bihebwa inyuma yaho atsindiye amatora y'umukuru w'igihugu mu 2014, atsinze Banda na Chakwera ku majwi arenga gato 36%.

Abashigikiye Mutharika bavuga ko ubutegetsi bwiwe bwazamuye Malawi, aho bakavuga miriyoni z'ama dorari z'ideni yahawe n'Abashinwa kugira anagure ibikorwa remezo mu gihugu.

N'iduga ry'ibiciro ryaraganutse cane igihe ca Mutharika. Igihe yasubirira Banda, urugero rw'iduga ry'ibiciro rwari ku 24% - igihe hahava, rwari rwakorotse gushika munsi ya 10%.

Ariko ku butegetsi bwa Mutharika harabaye icika ry'umuyagankuba, indya zirakena, akamaramaza k'ibiturire karimonogoza mu gihugu kari gasanzwe karazingamitse poritike.

Mu 2018, urwego rwa Malawi rujejwe kurwanya ibiturire rwagirije Mutharika guhabwa agatumangaruka ko ku masezerano yari aciye miriyaridi $1,6 yo guha indaya igiporisi.

Abanya-Malawi baciye bihereza amabarabara ariko mu nyuma yarakuweko icaha.

Ariko naho ivyaha vy'ibiturire bitamwagiriye, biri mu vyatumye atsindwa amatora mu buryo bw'akumiro mu kahise ka poritike muri Malawi.

Mutharika yaritoje arondera ikiringo ca ka kabiri mu 2019, mu nyuma amatora amaze guharurwa bitangazwa ko yatsinze.

-

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Muthalika yari yarahijwe mu kiringo ca kabiri c'umukuru w'igihugu mu 2019, ariko bidatevye ayo mabanga yaciye ayakwa n'ingingo ya sentare

Ariko sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro mu nyuma yarafuse ivyavuye mu matora, ivuga ko habayemwo ubusuma bwinshi, harimwo no gufutisha irangi ku mpapuro z'amajwi.

Abacamanza baciye bafata ingingo ko amatora asubirwamwo mu 2020, mu buryo butangaje, Chakwera aca ayatsinda ku 59%.

N'ubwo Mutharika yavuze ko gusubiramwo amatora bitari ivyo ''kwihanganira'', sentare yubahirizwa ibwirizwa nshingiro yarashimagijwe n'amakungu ko yagwaniye ingendo ya demokarasi iranga kugendera ku gitsure c'umukuru w'igihugu.