Qatar 2022: Umubabaro muri Maroc kubera indege zasivye kujana abafana

Morocco fan

Ahavuye isanamu, Getty Images

Abafana amajana n'amajana bo muri Maroc bababajwe cane n'uko indege zari kubajana kurorera demi-finale y'igikombe c'isi muri Qatar zankiwe ku munota wa nyuma kuri uyu wa gatatu.

Kompanyi y'indege y'igihugu - Royal Air Maroc - yari yategekanije kwongerako izindi ngendo indwi imbere y'urwo rukino.

Yari yafashe iyo ngingo inyuma y'aho urwego rw'umupira w'amaguru muri ico gihugu rwemereye guha abafana itike za gusa 13.000 zo kuja kuraba urwo rukino ruhuza Maroc n'Ubufaransa.

Ariko ku wa gatatu, yamenyesheje ko abategetsi ba Qatar banse ko izo ngendo zikorwa.

Mw'itangazo yarungikiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters, iyo kompanyi yavuze iti : "Royal Air Maroc iri n'umubabaro wo kumenyesha abakiriya ifutwa ry'ingendo zayo zikorwa na Qatar Airways".

Ntibiramenyekana icatumye abategetsi ba Qatar banka izo ngendo, kandi ibiro bijejwe amakuru muri reta ntibirishura ubusabe bwa BBC bwo kugira ico bivuze.

Mu butunwa bwo ku mbuga hwaniro, iyo kompanyi yari yavuze ko izokwiyambaza izindi ngendo 30 'ku kirangaminsi kidasanzwe" zo gufasha abafana gushika muri Qatar.

Ariko ibigo vy'ingendo bikorana n'iyo kompanyi mu nyuma vyamenyesheje ko hazoba ingendo indwi gusa.

Guhagarika izo ngendo vyavunye umutima abafarana bari bamaze kugura ama tike bakanafatisha ivyumba vy'amahoteri.

Kompanyi yasavye imbabazi yongera yemera gusubiza amafaranga abari barishe ama tike.

Hagati aho abanya-Maroc baba hanze bagumye bashika muri Qatar bashwangamuwe no kuba urwego rw'umupira w'amaguru rwemeye ama tike ya gusa yo kwinjira kuraba urwo rukino.

Hagereranywa ko abanya-Maroc bashika 5.000.000 (miriyoni 5) baba mu oahanga, benshi muri abi bakaba baba mu Bufaransa.

Ariko benshi mu bashitse mu bibanza vy'abafana kuri stade ya Al Janoub - benshi bitwikiriye amabendera y'igihugu ca Maroc n'inkofero kugira bikingire izuba n'ubushuhe - barakajwe n'uko ama tike bari bemerewe atabonetse.

Zineb Nfati
Insiguro y'isanamu, Zineb Nfati - avanze kuba umufaransa n'ununya-Maroc - avuga ko "yavunitse umutima" kuko ataronse itike

Umwe mu bafana, Zineb Nfati, yabwiye BBC ko yavuye i Paris aje kuraaba urwo rukino, ariko ko atashoboye kuronka itike.

Ati: "Uru ni urukino rw'ikimenyetso gikomeye -n'Ubufaransa bukina na Maroc, nanje ndi inusu y'umufaransa nkaba inusu y'umunya-Maroc.

"Ikibi n'uko ata makuru yo kwizera ahari. Naje ndi kumwe na muszanje none sinzi ico ndi bukore...ndavunitse umutima."

Ni ubwa mbere igihugu co muru Afrika gishitse kuri urwo rugero, n'ubwo abakurikirana ivy'umupira w'amaguru baha amahirwe menshi Ubufaransa mu kuzokina urukino rwa nyuma na Argentine.

Ariko umumenyereza wa Maroc Walid Regragui - yakuriye i Paris - avuga ko abakinyi biwe biyumva, kandi badakeneye "kurindira iyindi myaka 40 kugira umugwi wo muri Afrika" usanyangane mu makungu.